Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ukraine ni nzima kandi ihagaze neza, niko Zelensky abwira Abanyamerika
Ukraine ni "nzima kandi ihagaze neza” kandi ntizigera imanika amaboko, niko Perezida Volodymyr yavuze, mw’ijambo yashikirije imbere y’inama nshingamateka na nkenguzamateka za Amerika mu rugendo rwiwe rwa mbere rwo hanze y’igihugu kuva Uburusiya butanguye igitero cabwo ku gihugu ciwe.
Ku bwa Zelensky, imfashanyo ya gisirikare Amerika iha Ukraine si ubutabazi, ahubwo ni umutahe ku mutekano wa kazoza.
Ateye aka kamo mu gihe hari ibimenyetso ko imfashanyo ya Amerika ishobora kwihwezwa cane n’abo mu mugambwe w’Abarepubulika mu nama nshingamateka na nkenguzamateka.
Ariko Perezida Biden yiyemeje gushigikira Ukraine “mu gihe cose bizoba nkenerwa”.
Biden yaremereye ico gihugu iyindi mfashanyo y’imiriyaridi zibiri z’amadorari, aca yiyemeza ko hazoboneka n’iyindi y’imiriyaridi 45 z’amadorari y’abanyamerika.
Mu kiganiro rusangi n’abamenyeshamakuru, Perezida Biden yavuze ko ata mpungenge namba afise zo gukomeza urunani mpuzamahanga.
Mu gihe hari amakenga ko bimwe mu bihugu bicuditse na Amerika bishobora kuba vyumva biruhishijwe n’iyi ntambara n’ingorane z’imfungurwa be n’igitoro kw’isi, umukuru w’igihugu ca Amerika avuga ko ashima cane ingene bafatanye mu nda mu gushigikira Ukraine.
Nk’incuti ikomeye ya Ukraine, Amerika imaze guha ico gihugu gihanganye n’Uburusiya imiriyaridi 50 z’amadorari y’abanyamerika nk’imfashanyo y’ubutabazi n’umutekano – isumba kure cane iy’igihugu kindi ico ari co cose.
Perezida Zelensky – ari mu mwambaro w’intambara usanzwe umuranga, ugizwe n’agapira gasa n’urwatsi n’ibirato vy’intambara – yavuze ko yizeye ko inama nshingamateka na nkenguzamateka zizokwemeza imfashanyo y’inyongera y’imiriyaridi 45 z’amadorari y’Abanyamerika - ubu ikaba iri imbere y’inama nshingamateka – kugira ngo “idufashe kurwanira agateka n’ubwigenge vyacu”.
Abarepubulika – mu gihe biteze gufata uburongozi bw’inama nshingamateka mu kwa mbere – baragabisha ko batazopfa kwemera vyose kuri Ukraine.
Mu vy’ukuri, ugushaka kw’Abarepubulika mu gufasha Ukraine kugenda kugabanuka. Mu mwihwezo wakozwe mu kw’icumi na rimwe, inusu y’abanywanyi b’umugambwe w’Abarepubulika nibo bashigikiye ko Ukraine ibandanya ihabwa imfashanyo – ikaba yakorotse kuva ku rugero rwa 80% mu kwa gatatu.
Ariko, Perezida Zelensky - yashitse muri Amerika ari mu ndege y’igisirikare ca Amerika kirwanira mu kirere avuye mu gisagara ca Rzeszow muri Pologne - avuga ko “n’aho mu nama nshingamateka na nkenguzamateka himirije impinduka”, yizeye ko imigambwe yompi izoshigikira igihugu ciwe.
Yashikirije ibi mu majambo ateye ibigumbagumba imbere y’inama nshingamateka na nkenguzamateka zikoraniye hamwe – ijambo ryaciriwemwo incuro 18 n’abagize izi mpande hafi bose bamukomera amashi, havuyemwo Abarepubulika bamwe bamwe batakomye amashi.
Mu congereza, yababwiye ko igihugu ciwe kigihagaze neza mu “guhangana n’amabi yose”, anavuga ko abona y’uko “ibintu bizohinduka” muri ino ntambara mu mwaka uza.
Mu kwerekana ubugome bw’ino ntambara, Zelensky yibukije ingene ingabo za Amerika zarwanije Aba-Nazi mu gihe c’intambara ya kabiri y’isi yose.
"Uburyo Abarusiya barwana intambara ni ubwataye igihe. Baraturira bakabomora ico babonye cose. Barungika impfungwa ku rwasiro, mu ntambara".
Ati: "Nka kurya nyene abasirikare ba Amerika barinze ku rwasiro bagahangana n’ingabo za Hitler kuri Noël ya 1944, abasirikare b’inshirwarimenetse ba Ukraine bariko bakora nk’uko nyene ku ngabo [z’umukuru w’igihugu c’Uburusiya Vladimir Putin] kuri ino Noël”.
"Ukraine ihagaze neza kandi ntizokwigera imanika amaboko”.
Mu kurangiza ijambo ryiwe, Zelensky yashikirije inama nshingamateka na nkenguzamateka ibendera ririko amazina y’abasirikare bariko bararwanira Bakhmut, igisagara kiberamwo intambara mu buseruko bwa Ukraine yagendeye imbere y’uko afata urugendo rwa Washington.
Iyi mfashanyo yo mu rwego rw’umutekano yatangajwe na Washington ejo ku wa gatatu irimwo misire zo mu bwoko bwa Patriot, izofasha Ukraine gukingira ibisagara vyayo ibitero vya misire na za ndege zitagira abadereva (drones) bikorwa n’Uburusiya ku bibanza bikomakomeye.
Umushikiranganji w’Uburusiya ajejwe imigenderanire avuga ko guha Ukraine misire zo muri ubu bwoko bizofatwa nk’agasomborotso.