Intambara ya Ukraine: Nibura 30 baraye bapfuye mu gitero c’amabombe ca mbere kinini c’Uburusiya
- Umwanditsi, Na James Waterhouse
- Igikorwa, Umunyamakuru wa BBC muri Ukraine ari i Kyiv
- Yatangajwe
Abantu nibura 30 barishwe mu gitero Ukraine ivuga ko ari co ca mbere kinini Uburusiya bukoze bukoresheje ibisasu vya misire.
Abarenga 160 na bo barakomeretse igihe Uburusiya bukubita ibisagara vya Kyiv, Odesa, Dnipropetrovsk, Kharkiv na Lviv ejo ku wa gatanu.
Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine avuga ko Uburusiya “bwakoresheje hafi ubwoko bwose bw’ibirwanisho bufise mu bubiko bwabwo”.
Igisirikare ca Ukraine kirwanira mu kirere kivuga ko kitari bwigere kibona ibisasu vyinshi vya misire nk’ibi biterewe ica rimwe.
Igisirikare ca Ukraine kirwanira mu kirere carateye imbere mu mezi aheze, ariko ejo ku wa gatanu cararengewe.
Umuvugizi w’igisirikare kirwanira mu kirere avuga ko Uburusiya bwateye bukoresheje ibisasu binyaruka gusumba ijwi (hypersonic), ibisasu bigendera hafi mu kirere (cruise missiles) hamwe n’ibisasu bigendera kure cane mu kirere (ballistic missiles), harimwo ivyo mu bwoko bwa X-22 bigoye gusamira mu kirere.
Yongerako ati: “Ntitwari bwigere tubona ibibanza vyinshi biterewe ica rimwe nk’uku”.
Igisirikare kirwanira mu kirere kivuga ko ibisasu vya misire hamwe n’indege zitagira abadereva (drone) 114 kuri 158 vyarasamburiwe mu kirere.
Imyotsi yirabura ni yo yaboneka mu birere vy’ibibanza vyatewe. Twashitse mu nyubakwa y’ububiko ifise uburebure bw’imetero 200 mu karere ka Podilskyy i Kyiv, yegukira ikompanyi y’ubwubatsi. Yarimburutse yose.
Iki gisasu kimwe gusa cerekana urugero rw’ivyononekaye. Mu mezi atari make, ibisigarira vyagiye vyonona ibintu binahitana ubuzima bw’abantu, bikaba ari vyo Abanya-Ukraine bari basanzwe bafitiye ubwoba. Ubu ho, ibi bitero bibashize mu bwoba budasanzwe.
Abantu icenda ni bo bapfuye ku mugwa mukuru Kyiv. Igituro ca gari ya moshi co mu kuzimu cahora ari co abanyagihugu bahungiramwo iyo habaye inzamba zigabisha ibitero vyo mukirere na co nyene caratewe.
Ku yindi ncuro, Kyiv si yo yonyene yatewe.
Abategetsi bavuga ko amadrone cumi yo mu bwoko bwa Shahed ahingurwa na Irani hamwe n’ibisasu vya misire 15 ari vyo vyateye igisagara ca Lviv mu burengero, kitari gikunze guterwa cane muri ino ntambara.
Igisagara ca Konotop mu ntara ya Sumy, hafi y’urubibe rwo mu buraruko, na co nyene catarewe na misire. Abategetsi b’intara ya Odesa bavuga ko igorofa ndende yahiye inyuma y’uko itewe na drone. Abantu bane barapfuye 22 nabo barakomereka, harimwo abana babiri b’imyaka itandatu hamwe n’umunani.
Igisagara ca Kharkiv kiri mu buraruko bushira ubuseruko coco gisanzwe kimenyereye ibitero vya misire, ariko ni ubwa mbere gitewe na misire 20. Umukuru wa Kharkiv Igor Terekhov avuga ko abantu batatu bishwe 13 na bo barakomereka mu rukurikirane rw’ibitero kuri iki gisagara vyononye ibitaro hamwe n’inyubakwa zituwemwo n’abanyagihugu.
Buramatari w’intara ya Dnipropetrovsk na we avuga ko abantu batandatu bishwe 28 nabo barakomereka mu co yise “igitondo c’akaga kuri ino ntara”.
Serhiy Lysak avuga ko ikigo c’idandarizo hamwe n’ibitaro vyakira abavyeyi bibaruka vyatewe ku mugwa mukuru Dnipro w’iyi ntara.
Mu ntara ya Zaporizhzhia, abantu umunani barishwe inyuma y’ibitero vyakozwe ku nyubakwa, 13 na bo barakomereka.
Igisasu kimwe c’Uburusiya caranavogereye ikirere ca Pologne akanya gato mu gihe cariko kija aho cagenewe muri Ukraine.
Intumwa ya ONU ijejwe ubutabazi muri Ukraine, Denise Brown, avuga ko ibi bitero "vyasize bisambuye ibintu, birica vyongera bibabaza kiremwamuntu” kandi ko ari “urundi rugero rw’ubukozi bw’ikibi bw’agahomerabunwa budashobora kwihanganirwa” bugeramiye abanyagihugu ba Ukraine.
None kubera iki Uburusiya bukoze ibi ubu?
Ububiko bw’ibisasu vya misire ntibukingana uko bwahoze bungana, ariko Uburusiya bushatse kwerekana ko bwipfuza kubandanya umukenyuro wabwo wo gutikiza abanyagihugu ba Ukraine, bwiteze ko hazogera igihe ntibabe bacipfuza intambara kubera bazoba babona ko ata mutekano ibazanira.
Ni mu ndwi kandi y’aho Ukraine yasambuye ubwako bw’intambara bw’Uburusiya bukomeye mu karere ka Crimée/Crimea kigaruriwe n’Uburusiya, kandi Amerika ikaba yari ihaye Ukraine imfashanyo ya gisirikare ya nyuma yari iherutse kwemezwa ifise agaciro k’imiriyoni 250 z’amadorari y’Abanyamerika.
Hagati aho, iyo nta kintu kinini imaze igereranijwe n’iyingana n’imiriyaridi 50 z’amadorari vyanse ko irekurwa kubera impari ziri mu nama nshingamateka na nkenguzamateka za Amerika.
Avuga kuri ibi bibombe Uburusiya bwaraye bucucagiye kuri Ukraine, Perezida Joe Biden wa Amerika asigura ko ari “ukwibutsa isi yose ko, inyuma y’imyaka hafi ibiri y’ino ntambara y’ubugome, intumbero ya Putin itarahinduka. Arondera gusenyura Ukraine no kwigarurira abanyagihugu bayo. Ategerezwa guhagarikwa”.
Nta wuzi nimba ibi bitero vyari ivyo kwihora, canke bifise iyindi ntumbero. Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe kwivuna abansi yivugira gusa ko “ibibanza vyose vya gisirikare vyari vyari vyateguwe guterwa vyagemwe”.
Kuva kera, Ukraine yose irageramiwe n’Uburusiya. Igihugu carashoboye kwivuna ibitero hafi vyose vy’amadrone na misire vy’umwansi yateye.
Ariko nta wuzi ko izobandanya ifise ubu bushobozi bwayo bwo kwivuna umwansi ayigeramiye.












