Intambara y’Uburusiya muri Ukraine: bimeze gute?

Ahavuye isanamu, STR/EPA-EFE/REX/Shutterstock
Igisasu ca misire catewe ku nzu mu gisagara ca Dnipro cahitanye nibura abantu 35 abandi nk’abo nyene bakaba batarashobora gutorwa, nayo 75 bakaba barakomeretse, hakaba harimwo abana 14.
Ibi vyabaye inyuma y’igitero cakozwe ku rupandu rw’inzu icenda zigerekeranye, umukuru w’igisagara Borys Filatov akavuga ko igikorwqa co kurondera bandi bazibiriwe mu bikomoka bibandanya, ariko hari hari amahirwe make yo gutora abanda bakiri bazima.
Mw’ijambo yashikirije ku mboneshakure ku mugwa mukuru Moscou, Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya ashimangira ko ibikorwa vya gisirikare muri Ukraine biriko bigenda uko vyateguwe.
Mu bitero vya misire vyo ku wa gatandatu, ibisagara vya Kyiv, Kharkiv na Odesa na vyo nyene vyaratewe.
Umushikiranganji wa mbere wa Pologne, Mateusz Morawiecki, avuga ko ivyo bitero vya misire ari “ubunyamaswa”, akongerako y’uko “Uburusiya bubandanya bukora n’ibigirankana ivyaha vyo mu ntambara ku basivire”.
Moscou na Minsk zatanguye imyimenyerezo ya gisirikare muri Biélorussie
Ku rubibe rw’Uburaruko, Biélorussie yatanguye imyimenyerezo rusangi n’Uburusiya kuri uno wa mbere yo kurwanira mu kirere.
Umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Biélorussie ashimangira ko iyi myimenyerezo ari iyo kwivuna umwansi gusa, ariko hari amakenga ko Moscou iriko iratera igitsure Minsk (Umugwa mukuru wa Biélorussie) ko yokwinjira mu ntambara yo muri Ukraine.
Imbere y’aha, vyari vyamenyeshejwe ko iyi myiyerekano itangura kuri uno musi wa mbere igenekerezo rya 16 ikazorangira ku wa 01 Ruhuhuma (2).
Iyi myimenyerezo rusangi yateye amakenga ku buryo budasanzwe kubera ubwoba bw’uko Biélorussie ishobora kugira uruharaku buryo bweruye mu gitero gishasha c’Uburusiya kuri Ukraine.
Hagati aho, abahinga babona ko ibibikorwa vya gisirikare bibera muri Minsk nk’uburyo bwo gusamaza ingabo za Ukraine kugira ngo bibe ngombwa ko irungika ingabo zayo yinshi ku rubibe rw’uburaruko, gutyo ntizikoreshwe mu tundi turere tuberamwo intambara mu buseruko n’ubumanuko bw’igihugu.
Mu ndwi iheze, icegeranyo c’igendereza ry’Ubwongereza cavuze ko n’aho Uburusiya bufise ingabo nyinshi muri Biélorussie, ni izikoreshwa cane cane mu myimenyerezo, kandi bisa n’uko zidashobora gukoreshwa mu ntambara muri Ukraine.
Kremlin irashaka gukoresha ano mezi atandatu mu guhosha umwansi - ISW
Kuri uno musi ugize 327 w’intambvara, abahinga b’ikigo ca Amerika cigisha ibijanye n’intambara, Institute for the Study of War (ISW), bavuga ko Uburusiya buzogerageza gukoresha amezi atandatu ari imbere mu gutegura “ibitero ntasubirinyuma” kugira ngo bihagarike intambwe za Ukraine mu bitero vyayo vyo kwivuna.
Mu mezi 11 y’intambara, aba bahinga ba ISW bandika ko Uburusiya butashoboye gushika ku ntumbero yabwo y’iyi ntambara: bwarananiwe no gufata umugwa mukuru Kyiv, intara za, Luhansk na Donetsk, kugumana intara ya Kharkiv canke Kherson, mbere n’ibitero vy’ibisasu vya misire ku bibanza ntanganguvu ntivyaciye inguvu abanya-Ukraine.
Ariko, Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya ntarava kw’izima mu migambi yiwe, ubu akaba ariko arahindura amayeri y’iyi ntambara, nk’uko bivugwa n’aba bahinga.
Abahinga babona ko igisirikare c’Uburusiya gishobora kugerageza ikindi gitero gikomeye mu ntara ya Luhansk.
Akamo ka Zelensky ku Barusiya inyuma y’igitero rutukizabantu ku nyubakwa yo muri Dnipro

Ahavuye isanamu, president.gov.ua
Perezida wa Ukraine Volodymyr Zelensky yashikirije ijambo abanyagihugu b’Uburusiya mw’ijambo rya nijoro yashikirije mu kirusiya inyuma y’igitero ku nzu isanzwe ituwemwo n’abasivire muri Dnieper.
Zelensky ati: "Nashaka abo bose bari mu Burusiya badashobora no kurukura mu kanwa ngo bashikirize n’amajambo na makeya yo kwiyamiriza iki gitero c’iterabwoba, nubwo babona bazi neza vyose.
Agacerere kanyu k’ubuhemu, ngo murindiriye kuraba ingene ibintu bigenda, kazorangirana n’uko umusi umwe aba bakora iri terabwoba bashitse iwanyu naho.
Ikibi kirakurikirana cane ubuhemu, ikibi cama cibuka abo bose buzuye ubwoba bakigira sindabibazwa. Igihe caguhindukiriye, nta n’umwe azoshobora kugukingira”.
Ni mu gihe ni mu gatondo ko kuri uno wa mbere umukuru w’intara ya Kharkiv OVA Oleg Sinegubov avuga ko habaye ikindi gitero c’ahitwa Kupyansk.
Avuga ko abantu babiri bakomeretse, harimwo umugabo w’imyaka 41 n’umugore w’imyaka 65, kikaba kandi cononye n’amazu atuwemwo n’abanyagihugu.











