RD Congo: Inyeshamba za ADF zaraye zigandaguye abababa 40 muri Ituri

Abantu barenga 40 baraye bagandaguwe n'inyeshamba z'umuhari ADF ahitwa Komanda muri teritware ya Irumu mu ntara ya Ituri mw'ijoro ryakeye.
Amakuru ava muri ako karere avuga ko izo nyeshamba zateye mu rusengero ahari hakoraniye abakirisu bari mu giteramo co gusenga zigandaguramwo abashika 20.
Ibindi biziga ni ivy'abantu bishwe mu mazu yo muri iyo micungararo yaturiwe n'izo nyeshamba ziri mu mihari imaze imyaka itari mike igeramiye umutekano w'ubuseruko bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo.
Amashusho yahanahanywe ku mbuga hwaniro yerekana ibiziga vy'abantu bishwe n'amazu yahiye ayandi ariko ararurumba.
Iradiyo, Radio Okapi, yo muri ico gihugu isubiramwo ababibonye bavuga ko abishwe batewe giturumbuka.
Isubiramwo abategetsi ba gisirikare bavuga ko batewe akamo mu masaha munani z'ijoro bamaze kubona umwotsi uduga uva mu mazu yariko arasha.
Nk'uko bivugwa n'iyi radiyo nyene, abasirikare bashitse basanga ibara ryaguye, abakoze ico gitero nabo bamaze gukura meza.
Umuhari ADF (Allied Democratic Forces) ni umuhari watangurijwe mu buseruko bwa Uganda mu myaka ya 1990, ufata ibirwanisho kugira ngo urwanye ubutegetsi bwa Perezida wa Uganda Yoweri Museveni.
Inyuma yo gutsindwa mu 2001 n'igisirikare ca Uganda, uno muhari wiyitirira idini rya Isilamu wimukiye mu ntara ya Kivu ya Ruguru muri DR Congo, uba umwe mu mihari y'inyeshamba irenga 100 ikorera mu buseruko bw'iki gihugu.
Usanzwe ufitaniye ubucuti n'umuhari uzwi nka Reta ya Kisilamu (Etat Islamique).
Igisirikare ca RD Congo hamwe n'ica Uganda bikorera hamwe mu kurwanya imirwi y'inyeshamba mu ntara ya Ituri, harimwo na ADF, ariko gushika ubu uno muhari ubandanya ugwa uvyuka.
Uzwi mu bitero vy'ubugome aho ugenda ugandagura abasivire.












