Umusaka, ubukene, agahinda... ku mupaka wa Ruhwa hagati y'Uburundi n'Urwanda inyuma y'amezi atandatu wugawe

Ushitse ku Ruhwa, uhasanga abanyagihugu bicaye bijiriwe. Bagizwe ahanini n’abagabo n’abasore. Mu bo twahasanze harimwo umusore Ponsiyano Niyonganji. Iyo yibutse amafaranga yatahana kubera urudandaza rw’inyama z’inkoko zakundwa cane n'abanye Congo hamwe n’abanyarwanda, aca akorora amosozi.
Ruhwa ni umwe mu mipaka hagati y'Urwanda n'Uburundi yarangwa n'uruja n'uruza rwinshi. Uretse abagiye canke abavuye mu bumanuko bushira uburengero bw'Urwanda, ni inzira ikomeye ija muri Repuburika ya Demokarasi ya Congo nko mu bisagara vya Bukavu mbere no gushika Goma.
Aho hantu haca amajana n'amajana y'abantu ku munsi, ubu hahindutse nk'icibutso c'agahinda n'amaganya ku banyagihugu b'impande zompi baba mu micungararo yaho.
''Ubukene bwariyongereye cane. Ubu mbaze inkoko nta n’umwe ayigura,'' niko Niyonganji yabwiye BBC Gahuzamiryango.
''Inzara iraturembeje. Mbere jewe nsigaye ntunzwe no guca ingero. Batarugara, ku musi umwe nararangura inkoko zitanu nkunguka ibihumbi mirongo itanu. Uca wumva ko ku kwezi kari agatubutse''.
Mugenziwe Eric nawe yibuka ingene ''nk’aya masaha'' [ni isaha indwi n’igice] haba hari uruja n’uruza rw’abatanzaniya, abaganda, abarundi, abakongomani n’abanyarwanda.
''Bahashitse babanza gufungura, tukabakira neza, twari dufise n’aho tubicarika hariya hirya bagafata n’agacupa, hanyuma bakabona kubandanya urugendo''.
Amezi atandatu araheze kuva reta y’Uburundi ifashe ingingo yo kwugara imipaka yo ku butaka busangiye n’Urwanda.
Yarwagirije gushigikira mu vy’uburyo, indaro n’ibirwanisho, umuhari Red Tabara ukunda kugaba ibitero mu burengero bw’Uburundi. Abantu benshi baramaze kugwa muri ivyo bitero na cane cane mu Gatumba n'i Gihanga.
N'aho uwo muhari utera uzananye muri Repuburika ya Demokarasi ya Congo, reta y'Uburundi ivuga ko ibikenewe vyose ukoresha ubihabwa n'Urwanda. Ivyo ico gihugu kirabihakana.
Reta y'Uburundi isaba Urwanda kandi kurungikira ubucamanza bw'Uburundi abo irondeza ku ruhara boba bagize mu kugerageza gutembagaza ubutegetsi mu 2015. Bamwe muri abo ivuga ko bahawe indaro n'Urwanda. Ico kibazo ni naco cari catumye umupaka wugarwa ubwa mbere hagati ya 2015 na 2022.

'Amezi atandatu ni menshi cane'
Mu kwezi kwa mbere uyu mwaka niho reta y'Uburundi yafata ingingo yo kwugara imipaka yose y'ubutaka Uburundi buhana n'Urwanda.
Ababa mu micungararo ya Ruhwa babona ko amezi atandatu ari menshi cane ibihugu vyompi bitarashobora kuganira ngo bisubize hamwe. Bemeza ko uruhombo ari runini rwose.
N'amaso arabikwereka. Ahari amazu y’ubudandarizo n’ubunywero harasivye. Ivyatsi vyarameze. Ntiwomenya ko higeze kuba hari abantu bahakorera.
Winjiye muri amwe muri ayo mazu, usanga intebe, amadirisha n’imiryango vyarasangutse. Ibitangurirwa, imbeba n’utundi dukoko, ni yo biruhukira.
Ahari ibiro bijejwe uruja n’uruza, hari ibariyeri iguma yugaye umwanya wose. Biraboneka ko haciye igihe kinini ata modoka ihaca. Hacunzwe n’umupolisi aguma yarikanuye.
Cibitoke isanzwe ari imwe mu ntara z’Uburundi zimbukamwo cane imboga n'ivyamwa nk'itomati. Imbere y’uko umupaka wugarwa, abarimyi bo muri iyi ntara bashorera mu Rwanda igice c’umwimbu.
Ubu rero bavuga ko bibaborana kubera kubura iyo babishora.
Umwe mu barimyi yagize ati: ''Kare itomati tubonye zitubanye nyinshi, twaca tuzishora mu Rwanda. Abanyarwanda barakunda cane ivyimburwa vy’i Burundi.
''Kandi mu Rwanda batugurira neza, kw’ibeyi iri hejuru. Ifaranga ryabo rifise agaciro. Iyo twashoyeyo twataha mu mufuko hifashe neza. Ntitwatinya no kunywa agacupa. Ariko ubu tumerewe nabi.''
Sezariya Nzimake ni umugore nawe yari atunzwe n'urudandazwa rw'aho ku mupaka.
Ati: ''Jewe nadandaza ivyamwa, itomati, intore …
''Nk’imicungwe canke manderena ndanguye ivy’ibihumbi 30 ku musi, narakuramwo ibihumbi 60. Abakiriya ahanini bari abakongomani. Baca mu Rwanda bavuye za Goma n’ahandi, bagaca baza ino mu Burundi.''

Kudashobora kuramutsa incuti
Hari ikindi kidakunze kuvugwa ariko gihanze imiryango itari mike.
Aba banyagihugu bemeza ko abarundi n’abanyarwanda bari basanzwe bashingirana cane (bahana abageni).
Eric avuga ko hari abarundikazi barongowe mu Rwanda, hakaba n’abanyarwandakazi barongowe mu Cibitoke.
''Nk’umunyarwandakazi yabiriwe mu Burundi ntashobora gutaha kuramutsa abo iwabo. N’umurundikazi ari hakurya ntashobora kuza kuramukanya ino,'' niko Eric avuga.
''Aha na jewe ndafise incuti mu Rwanda. Ndabakumbuye cane kandi ntari buje kubaramutsa. Nta kundi. None ngire gute ! Nishwe n’intuntu.''
Hakurya ya Ruhwa urabona abanyarwanda bariko bararima. Mbere biranashika bakaduza amaboko bakarumutsa abarundi bari hakuno.
Aba banyagihugu bipfuza ko reta y’Uburundi n’iy’Urwanda zoganira kugira haboneke umuti ku ngorane zatumye imipaka yugarwa. Ngo vyotuma imirimo isubira kumera nka kera maze bakahatorera akoyoko.
Icizere ?
Kuva kw’igenekerezo rya 6 gushika ku rya 8 Mukakaro, abashikiranganji b’imigenderanire b’ibihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko (EAC), bahuriye i Zanzibar mu mwiherero.
Urangiye, basavye ko inzira y’ibiganiro ari yo yoshirwa imbere kugira hotorerwe inyishu ibibazo biri hagati y'ibihugu vy'akarere k'ibiyaga bini.
Uwo muryango umenyesha ko abashikiranganji b’imigenderanire b’Urwanda na RD Congo bemeye kubonana mu misi ya vuba.
Wavuze kandi ko abashikiranganji b’Urwanda n’Uburundi bazobonana kuwa 31 Gitugutu (10) uyu mwaka, kugira bahanahane ivyiyumviro ku ngorane nyamukuru zituma haba umubano muke hagati y’ibihugu vyompi.
Ariko mu kiganiro c'abashikiranganji ba reta y'Uburundi bishura ku bibazo vy'abanyagihugu mu kwezi guheze, umushikiranganji w'Uburundi ajejwe imigenderanire, Albert Shingiro, yavuze ko hamwe reta y'Urwanda yotanga abo bantu Uburundi buyisaba, imbibe zoca zugururwa ubwo nyene.













