Iminsi 100 intambara itanguye: Ingene ibinyamakuru biyivuga muri Ukraine no mu Burusiya

Yatangajwe

Gushika ku mutaga hagati imboneshakure (television) y’Uburusiya ntaco yari bwavuge ku c’uko iminsi 100 irumanye kuva Uburusiya buteye Ukraine.

Nyinshi mu mboneshakure zikurikirwa cane mu Burusiya zataganguye amakuru yazo yo um gitondo zagiriza Ukraine gutera ata gutoronya  ibisasu ku turere tutagenzurwa na reta.

Imboneshakure igenzurwa na Kremlin (ibiro vy’umukuru w’igihugu), Rossiya1, yavuze ko aba-nationalists bateye Mariupol na Donetsk’’ um gihe Channel One nayo, nayo nyene igenzurwa na reta, itanga uburorero bushasha bw’ubunyamwuga n’ukwitanga   vyerekanwa n’igisirikare c’Uburusiya um kugwanira Donbas’’.

Nta n’imwe ivuga ko ‘igikorwa ca gisirikare  kidasanzwe’ c’Uburusiya muri UKraine  conjiye um munsi waco ugira 100.

Imbere y’uko intambara itangura, abasigura uko ibintu biriko biragenda bari babwiye ababakurikira ko vyashoboka ko  bitwara  Uburusiya iminsi mike gusa kugira bwifatire Ukraine.

Ku wa kane, urubuga rwigenga Meduza rwanditse ko hari abarubwiye ko reta yari yategegetse ibinyamakuru kudacisha um kanwa ivy’uko  ivy’iminsi 100.

Rimwe mu masoko ya Meduza muri Kremlin ryayibwiye riti: ‘’ Guhagarara cane ku matariki ajanye bn’intambara bishobora gutuma abarusiya bibaza ivyari bigamijwe n’ico gitero n’ingene coba kimaze gushobora canke kunanirwa kubishikako.’’

Ibi bihushanye cane n’ibivugwa n’ibinyamakuru muri Ukraine aho imboneshakure iriko ikravuga ibiba uyu munsi ku civugo ‘Iminsi 100 yo kurya umutima amenyo’’.

Uwushikiriza amakuru ku mboneshakure yigenga Prymy TV yavuze ati: ‘’Uyu si umunsi wo kwigina kandi twizeye ko ata minsi 200 tuzokwibuka kuva intambara itanguye.

Ibihe bikuru bikuru vy’iyo minsi 100

Amezi arenga atatu araheze kuva intambara itanguye. Iyi ni amwe mu matariki akomeye muri iyo ntambara:

  • 24 Ruhuhuma/Gashyantare: Uburusiya bugomoreye ingabo kuri Ukraine
  • 30 Ntwarante/Werurwe: Uburusiya butangaje ko bugiye kugabanya igitero cabwo kuri Kyiv mu nyuma bushimikire ku buseruko bwa Ukraine
  • 13 Ndamukiza/Mata:  Umukuru wa Amerika Joe Biden yagirije ingabo z’Uburusiya gukora jenoside muri Ukraine
  • 21 Ndamukiza: Umukuru w’Uburusiya Vladimir Putin atangaje ko igisagara c’ikivuko ca Mariupol ‘’cabohowe’’ inyuma y’amezi hafi abiri cugarijwe , ariko amajana y’akirwanira babandanya kwihagararako imbere mu ruganda rw’ivyuma rwa  Azovstal
  • 9 Rusama/Gicurasi: Ku Munsi w’Intsinzi (Victory Day), Putin ahimirije Uburisiya kubandanya urugamba ariko atavuze imigambi y’uko ashobora kurukomeza kurusha muri UKraine
  • 18 Rusama: Finlande na Swede vyasavye kwinjira muri OTAN/NATO, aho biboneye ko Uburusiya bwateye Ukraine
  • 20 Rusama: Uburusiya butangaje ko uruganda rwa  Azovstal rwabohowe  vyuzuye
  • Mu mpera za Rusama: Ibitero vy’Uburusiya vyimukiye Donbas
  • 26 Rusama: Abantru barenga miriyoni 14 bivugwa ko bahunze ingo zabo kuva igitero gitanguye, ku bwa ONU
  • 31 Rusama: Ishirahamwe rya Buraya ryashitse ku mwumvikano wo kudasubira kugura ibitoro vy’Uburusiya