Russ Cook : Menya uno mugabo yatembereye Afrika yiruka

Insiguro ya video, Raba: Igihe Russ Cook yashika ku murongo wa nyuma
    • Umwanditsi, Christian Fuller
    • Igikorwa, BBC News
  • Yatangajwe

Russell Cook, azwi ku ritazirano rya "Hardest Geezer", yatembereye Afrika yose arayimara, aho yashitse ku murongo wa nyuma muri Tuniziya, inyuma y’imisi 352.

Imbere yo gutangura iki gikorwa kigoye co kugenda Afrika yose, yavuze ko yari yizeye kuzosubiza amaso inyuma ku buzima bwiwe kandi ko atazokwicuza.

Uno mugabo w’imyaka 27 ava ahitwa Worthing mu karere ka West Sussex mu Bwongereza, yavuze ko yari yahuye n’ibibazo vy’ingwara zo mu mutwe, akamari n’inzoga, ko rero yashaka "gukora ikintu gitandukanye".

Amaze kurengana ibihugu 16, yegeranije amapawundi arenga 700.000 yo kurangura ibikorwa vy’ubugiraneza kandi akaba yarangije urugendo rwiwe rwo kwiruka.

Igihe yashika ku murongo wa nyuma ku wa Mungu igenekerezo rya 7 Ndamukiza (4) hafi isaha icumi n’iminota 40 (16h40) i Ras Angela muri Tuniziya, Cook yakiriwe n’isinzi ry’abantu, benshi muri bo baririmba ngo "komera".

Mu butumwa yahaye abamenyeshamakuru ku rubuga rwa X rwahoze rwitwa Twitter, yagize ati : "Ndarushe cane".

Cook yabwiye abari bakurikiranye urugendo rwiwe gushika kw’iherezo ati: "Igikorwa nihaye kirarangiye".

Integuro zarahindutse

Mu ntango Cook yategura kwiruka marato 360 mu misi  240 atigeze aruhuka n'umusi n'umwe

Ahavuye isanamu, Jarred Karp

Insiguro y'isanamu, Mu ntango Cook yategura kwiruka marato (42km) 360 mu misi 240 atigeze aruhuka n'umusi n'umwe

Hari ibintu vynshi vyahindutse kuva Cook avuye muhira iwe muri Ruhuhuma (2) 2023.

Mu ntango yategura kwiruka ava muri Tuniziya gushika muri Afrika y’Epfo, mu kwiruka marato (42km) 360 mu misi 240 ata musi n’umwe w’akaruhuko, ariko iyi nteguro yamaze umwanya urume rumara kubera yabuze viza yo muri Algeria – inzitizi yagiye gusubira kwibonekeza mu nyuma.

Ariko inyuma y’impinduka yo ku munota wa nyuma, yarahagurutse afata urugendo n’amaguru avuye mu karere ka kure ko mu bumanuko bwa Afrika y’Epfo ku wa 22 Ndamukiza (4) – urugendo rwamucanye mu bisagara, mu bibira, mu misozi no mu bugararwa bwa Sahara.

Ubusuma bw’abwitwaje ibirwanisho

Cook n'abo bari kumwe baguye mu murwi w'abitwaje ibirwanisho muri Angola babambura amakamera, amaterefone, amahera n'ibitabo vy'inzira

Ahavuye isanamu, Jarred Karp

Insiguro y'isanamu, Cook n'abo bari kumwe baguye mu murwi w'abitwaje ibirwanisho muri Angola babambura amakamera, amaterefone, amahera n'ibitabo vy'inzira

Amaze kurengana Afrika y’Epfo na Namibia mu misi 50, yagiye ahura n’ikibazo ca mbere gikomeye: ubusuma bw’abitwaje ibirwanisho.

We n’abari bamuherekeje bibwe, amakamera yo gufotora, amaterefone, amafaranga, ibitabo vy’inzira be n’impusha zo kwinjira mu bihugu (visa) muri Angola ku wa 26 Ruheshi (6).

Hagati aho, nubwo imitego yari myinshi muri ico gikorwa cose, uno mwirutsi rurangiranwa yariyemeje kubandanya urugendo.

Ubwoba ku magara yiwe

Cook yagiye kwipimisha kwa muganga muri  Nigeria kubera umugongo waguma umurya

Ahavuye isanamu, HARRY GALLIMORE

Insiguro y'isanamu, Cook yagiye kwipimisha kwa muganga muri Nigeria kubera umugongo waguma umurya

Kwama yiruka ku ntera ndende buri musi vyarahavuye bitangura kumugirako ingaruka mbi.

Inyuma y’ibibazo vyo mu nda mu mayinga ya mbere, vyabaye ngombwa ko afata umusi wa mbere wiwe w’akaruhuko inyuma y’uko abaganga basanze amaraso n’ivyunyunyu mu mukoyo wiwe ku musi wagira 45.

Ariko icari kimuteye impungenge gusumba cari umugongo wama umurya buri gihe.

Ku musi ugira 200, vyabaye ngombwa ko Cook agabanya intera yari asanzwe yiruka hamwe n’umuvuduko abisabwe n’umuganga wo muri Nigeria – mbere biranka ko abandanya ku misi ya 205 na 206.

Ariko icazira kuri Hardest Geezer kwari uguhagarika.

Yavuze ati: "Nafashe imisi mike bangirira bancisha mw'iradio (scanner). Nta gufa na rimwe ryari ryononekaye, ari co gituma naciye nigira inama ko inzira yonyene nari nsigaranye kwari uguhagarika ukwiruka nk’igikoko, gufata imiti igabanya ububabare hanyuma ngasubira gufata inzira."

Ibibazo vya viza

Akamo Cook yateye ku mbuga hwaniro karitabiriwe na Elon Musk, yaguze urubuga rwa Twitter - ubu rwitwa X - mu 2022

Ahavuye isanamu, GUUS VAN VEEN

Insiguro y'isanamu, Akamo Cook yateye ku mbuga hwaniro karitabiriwe na Elon Musk, yaguze urubuga rwa Twitter - ubu rwitwa X - mu 2022

Amaze kurengana imitego yose mu nzira yaciyemwo, agapapuro kamwe konyene – viza ya Algeria – niko kamuteje ingorane ku musi ugira 278 mu bibazo vyose yaciyemwo.

Vyabaye ngombwa ko Cook ahagarika urugendo mu kurindira ivyari gukurikira hamwe no kumenya nimba yari gushobora kuronswa uruhusha rwo kujabuka urubibe rwa Algeria avuye muri Mauritania.

Ico gihe yavuze ati : "Ari nka hamwe tutoronka viza, bizoba biheze".

Videwo yo kwitabariza yasohoye ku rubuga bwa X rwahoze rwitwa Twitter yarabwe n’abantu imiriyoni 11 –iritabwaho mbere na nyene urubuga , Elon Musk, hamwe n’abashingamateka Tim Loughton na Alexander Stafford be n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati [mu Bwongereza].

Ukungene iki kibazo ciwe citaweho kwatumye gihava gitorerwa umuti, aho ubuserukizi bwa Algeria mu Bwongereza bwahavuye butangaza ko yari kuronswa viza ashitse mu gihugu.

Umurongo wa nyuma

Cook yafashe ingingo yo kwiruka mw'ijoro kugira yirinde ubushuhe bwo mu bugaragwa bwa Sahara

Ahavuye isanamu, GUUS VAN VEEN

Insiguro y'isanamu, Cook yafashe ingingo yo kwiruka mw'ijoro kugira yirinde ubushuhe bwo mu bugaragwa bwa Sahara

Inyuma y’inzitizi zoze yaciyemwo, ikintu cari kigitandukanije Cook n’umurongo wa nyuma cari igikorwa gitoya co kurengana ubugaragwa (ubutayu mu kinyarwanda) bwa Sahara.

Amabarabara y’ikaburimbo yaraheze, co kimwe n’ivyapa vyose hamwe n’ibindi bimenyetso vyose. Ariko itariki yo kurangiza urugendo yarashinzwe : ku wa 7 Ndamukiza 2024.

Mu kwongereza ibirometero yategerezwa gukora kugira ngo agarure umwanya yataye, Cook yafashe ingingo yo kwiruka ijoro ryose kubera ubushuhe burenze urugero ku mutaga hamwe n’ibihuhusi vy’umusenyi.

Igihe c’ibirori

Cook yarangije urugendo rwiwe rwo kwiruka muri Afrika yose ku wa 07 Ndamukiza

Ahavuye isanamu, GUUS VAN VEEN

Insiguro y'isanamu, Cook yarangije urugendo rwiwe rwo kwiruka muri Afrika yose ku wa 07 Ndamukiza

Amezi yahindutse amayinga, amayinga nayo ahinduka imisi.

Niho mu nyuma, ku muhingamo wo ku wa Mungu, Cook yakenyera zikaguma ku ncuro ya nyuma - nibura iki gihe – mu gihe yariko atera aja mu karere kari ruguru cane gusumba ka Tunisia.

Yifatanije n’abafana kw’isi yose muri ino marato (marathon) ya nyuma, Cook yashoboye kurangiza iki gikorwa ciwe kitari coroshe.

Habaye ibirori vyabandanije gushika mw’ijoro ryitereye, bishigikiwe n’umurwi w’umuziki wo mu Bwongereza Soft Play, wahozwe witwa Slaves, mw’ihoteri y’ahitwa Bizerte.