Nigeria: Sentare ntahinyuzwa yasheshe umugambi wo gukora inoti nshasha

    • Umwanditsi, Nduka Orjinmo
    • Igikorwa, BBC News, Abuja
  • Yatangajwe

Sentare ntahinyuzwa ya Nigeria yashinze ko inoti za kera z’amafaranga yo muri ico gihugu ziguma zikora gushika umwaka uhere , bituma miriyoni z’abantu biruhutsa mu gihe bari mu ngorane baterwa n’ikorwa ry’inoti nshasha za naira ryaranzwe n’akajagari.

Abacamanza bavuze ko ata gihe gihagije catanzwe co kumenyesha abanyagihugu imbere y’uko inoti za kera zivanwa mu gihugu.

Nta noti nshasha zikwiye zasohotse, btuma abantu bashavura cane.

Abantu benshi barabuze amafaranga abona yo kugura ivyo kurya baca baryama imbere y’ama banki.

Uwo mugambi watangajwe mu kwezi kwa cumi guheze hanyuma inoti nshasha zisohoka hagati mu kwezi kwa cumi na kabiri.

Abantu ubwa mbere bari bahawe gushika mu mpera z’ukwezi kwa mbere kugira basubize inoti zose za kera, n’ubwo ico kiringo cari carongewe kubera akajagari kagiyemwo.

Asoma iyo ngingo ya sentare, umucamanza Emmanuel Agim yavuze ko inzira nyayo itakurikijwe.

‘’Itegeko ryatanzwe n’umukuru w’igihugu ntiryagira aho rishingiye. Bene iryo tegeko ntiripfa gutangwa gutyo inyuma yo kuvugana ku munwa n’umukuru wa CBN [Banki Nkuru ya Nigeria],’’ nk’uko yavuze.

Iyo sentare yaneguye kandi umukuru w’igihugu Muhammadu Buhari kuba atubahirije ingingo mfatakibanza yo guhagarika uwo mugambi gushika iwufasheko ingingo.

Yavuze ko ata na kimwe cerekana ko itegeko rya prezida Buhari ko hasubizwaho inoti za kera z’amajana abiri ya naira gushika itariki 10 z’ukwa kane ryubahirijwe.

Mu ngingo yayo, sentare yavuze iti: ‘’Kutubaha ingingo za sentare vyerekana ko demokrasi mu gihugu ari uruhendo gusa ubu yasubiriwe n’igitugu’’.

Abanya-Nigeria n’ubu baracafie ingorane zo kuronka amafaranga abona ku mabanki no ku mashini zitanga amafaranga kandi ntawuramenya ico iyo ngingo ya sentare izohindura.

Benshi bari bamaze gusubiza inoti zabo za kera mu mabanki, hanyuma kubera amanoti mashasha atayo, benshi baciye batangura gukoresha banki zabo baciye kuri internet.

Ariko abantu baharurwa muri za miriyoni n’imirimo myinshi y’ahatari ibisagara bakoresha cane amafaranga abona.

Intara 16 mu zigize Nigeria zari zitwariye iyo ngingo yo gusubiramwo inoti z’ama naira 200, 500 na 1.000 bavuga ko igihe cari catanzwe cari gito cane.

Banki nkuru yavuze ko gusubiramwo izo noti vyari kugabanya iduga ry’ibiciro, hakagenzurwa amafaranga atembera mu gihugu bikanatuma bigorana cane gutanga amafaranga yo kugombora abantu baba bafashwe mu gisigaye ari urudandazwa rukomeye cane rwo kunyuruza abantu.

Hari benshi biketse ko ko uwo mugambi warondera abanyaporitike batanga amafaranga yo kugura amajwi mu gihe c’amatora.

Amatora y’umukuru w’igihugu yaranzwe n’ihiganwa rikomeye cane ku wa gatandatu uheze yatsinzwe n’umugambwe uri ku butegetsi.

Hari ahavuzwe ivyo kugura amajwi, ariko vyabaye bike ugereranije n’ayandi matora yari amaze kuba,