DRC – Ishingurwa rya Tshala Muana ryahatswe kubamwo induru

Tshala Muana
Yatangajwe

Igikorwa co gusezera no gushingura umunyamuziki rutura wo muri Repubulika y’Intwaro Rusangi ya Congo cabandanije n'aho sentare yari yabanje gufata ingingo yo kugisivya ku busabe bw’umuryango.

Umwe mu bavugizi b’umuryango yabwiye ibinyamakuru ko babandanije bavugana n’umushikirizamanza kugira ngo atange uruhusha ko ibikorwa vyo gushingura Tshala Muana bibandanya kuri uno wa gatanu.

Umuryango wiwe w’amaraso, wari washatse guhagarika ishingurwa ryiwe, usa n’uwemeye ko integuro zibandanya uko zitegekanijwe kuri uno wa gatanu bifashijwemwo n'umutambukanyi wa Joseph Kabila.

Tshala Muana

Urwandiko rwari rwasohowe na sentare kuri uno wa gatanu, rwategeka ibitaro kudatanga ikiziga.

Ni inyuma y’aho umuryango w’amaraso witwariye umukunzi wa Tshala Muana, Claude Mashala, ari na we yamufasha gusohora indirimbo, umwagiriza ko yihereranije igikorwa co kumushingura, atavyumvikanyeko n’umuryango w’amaraso.

Ibintu vyagiye guhinduka ku munota wa nyuma aho umutambukanyi wa Joseph Kabila yahoze ari umukuru w’igihugu, Olive Lembe -azwi ko ari incuti ya hafi cane y’umuryango wa Tshala Muana - avyinjiriyemwo agashobora kwumvisha uwo muryango ko wogenza buhoro.

Inyuma y’imyaka itari mike abica bigacika mu muziki, Élisabeth Tshala Muana Muidikay, yari asanzwe azwi kw’izina rya Tshala Muana, yapfuye ku wa 10 z’uku kwezi nyene afise imyaka 64 y’amavuko.

Afatwa nk’ “Umwamikazi wa Mutuashi”, umudiho w’umuziki n’intambo vyo mu ntara ya Kasai asanzwe avukamwo. Akunzwe kwitwa "Mamu National”, ni ukuvuga nyina w’igihugu.