Intambara yo muri Ukraine: Ijoro ryaranzwe n’igitero c’amadrone 36 y’ubwiyahuzi y’Uburusiya

Ahavuye isanamu, Reuters
Mw’ijoro ryakeye, ingabo z’Uburusiya zakoze ibitero muri Ukraine zikoresheje indege 36 z’ubwiyahuzi zitagira abadereva (drone), 27 muri zo zikaba zasamburiwe mu kirere, nk’uko biri mu cegeranyo c’igisirikare ca Ukraine mu gatondo ko kuri uno musi wa kabiri. Imbere y’aha, ibiro bikuru vya gisirikare vyari vyatangaje ko amadrone 26 ari yo yari yasambuwe.
Iki cegeranyo kivuga ko intara za Odessa, Nikolaev na Kherson ziri mu bumanuko bwa Ukraine ari zo zatewe.
“Mu kiringo c’amasaha hafi atatu, amadrone arenga 30 yari mu mirwi itandukanye kandi aciye mu nzira zitandukanye yaduteye”, niko ibiro bikuru vy’igisirikare ca Ukraine mu bumanuko bw’igihugu bivuga mw’itangazo vyasohoye.
Bivuga ko amadrone 23 yo mu bwoko bwa Shahed-131/136 yasamburiwe mu ntara ya Odessa, ayandi atatu asamburirwa muri Kherson, iyindi imwe muri Nikolaev.
“Ku gihamana kibi, inyubakwa y’ibikorwa remezo yaragemwe”, niko igisirikare kivuga, ariko ntigitange insiguro. Kivuga ko ata muntu yapfuye canke ngo akomereke.
Umukuru mu butegetsi bwa gisirikare mu ntara ya Odessa, Oleg Kiper, na we nyene aravuga ko amadrone yatewe ku nyubakwa y’ibikorwa remezo.
Igisirikare ca Ukraine gitangaza kandi ko mu masaha 24 aheze habaye ugutana mu mitwe 39 hagati y’ingabo z’ibi bihugu.
Itangazo casohoye rivuga riti: “Umwansi yakoze ibitero 63 vy’indege, yongera akora n’ibindi 47 akoresheje ibisasu vya muzinga, aha hompi akabikora ku birindiro vy’ingabo zacu no ku bibanza vya gisivire. Inzu z’abigenga zisanzwe zibamwo abanyagihugu hamwe n’ibindi bibanza vya gisivire vyononekaye”.
No mu ntara ya Kharkov habaye igitero mu kigwati ca Velikiy Burluk kiri mu karere ka Kupyansky nk’uko bivugwa n’umukuru wa gisirikare w’iyo ntara, Oleg Sinegubov.
Sinegubov avuga ko abantu batatu bakomeretse muri iki gitero cakozwe n’igisasu ca misire yo mu bwoko bwa S-300.
Muri aka karere ka Kupyansky nyene, abantu 53 barapfuye mu ndwi iheze mu gitero c’igisirikare c’Uburusiya cakozwe hakoreshejwe igisasu ca misire mu kigwati ca Groza.
Ku ruhande rwabwo, ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bw’Uburusiya butangaza ko ku mugoroba wa nijoro ku wa mbere bwakoroye drone ya Ukraine mu kirere c’intara ya Belgorod mu Burusiya.
Nk’uko biri mw’itangazo ry’ubu bushikiranganji risubirwamwo n’ibinyamakuru vyo mu Burusiya, iyi ndege itagira umudereva yakorowe irashwe hafi y’isaha zibiri z’ijoro mu masaha y’ako karere.
Ntibuvuga akarere yarasiwemwo neza na neza hamwe n’ingaruka vyoba vyaragize ku butaka.
ISW: Ingabo za Ukraine zateye intambwe, n’aho ikirere cifashe nabi
Ejo ku wa mbere, ingabo za Ukraine zarabandanije igitero cazo co kwivuna umwansi mu gihe ikirere kigenda kiba nabi, kandi mbere zikaba zarateye intambwe mu burengero bw’intara za Zaporozhye na Bakhmut, nk’uko biri mu cegeranyo c’ikigo ca Amerika cigisha ibijanye n’intambara, Institute for the Study of War (ISW).
Nk’uko bivugwa n’uwujejwe kumenyesha amakuru mu biro bikuru vy’igisirikare ca Ukraine, Alexander Shtupun, ingabo za Ukraine zateye intambwe ntoya mu burengero bw’akarere ka Verbovoy ( ku birometero 18 mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Orekhov), mu karere ka Klishcheevka (ku birometero 5 mu bumanuko bushira uburengero bwa Bakhmut) hamwe kandi no mu karere ka Andreevka (ku birometero 10 mu bumanuko bushira uburengero bwa Bakhmut).
“Abanyamakuru ba gisirikare” b’Uburusiya bavuga ko imvura yononye ikirere mu bumanuko bwa Ukraine, bigatuma ibikorwa vya maneko vy’amadrone y’Uburusiya n’aya Ukraine bigenda nabi. Hampande y’ibi, umwanditsi umwe wo ku mbuga ngurukanabumenyi, avuga ko ivyondo bibangamira imodoka z’intambara.
ISW yandika ko ikirere kigenda gihindagurika bivanye n’akarere ku rwasiro, ariko ko muri rusangi ikirere kiriko kiramera nabi cane.
Uwujejwe kumenyesha amakuru mu gisirikare ca Ukraine kirwanira mu buseruko Ilya Yevlash avuga ko, kubera imvura y’umurengera, ingabo z’Uburusiya zatanguye gukoresha gake cane indege n’amadrone amaja muri Kupyansk na Liman.
Hagati aho, Maison Blanche/White House (ibiro vy’umukuru w’igihugu wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika) iriko irihweza uburyo bwo gushira hamwe imfashanyo za gisirikare iha Ukraine na Israel, nk’uko bivugwa n’amasoko yo mu binyamakuru NBC na Washington Post.
Nk’uko bivugwa n’abanyamakuru, ubutegetsi bwa Perezida Joe Biden bubona ko iyi ngingo ishobora gutuma imfashanyo igenewe Kyiv ishobora kwiyongera n’aho Abarepubulikani bari mu nama nshingamateka na nkenguzamateka bayirwanya.










