Amerika yahagaritse visa ikoreshwa mu kuja kwivuza muri ico gihugu uva muri Gaza

    • Umwanditsi, Kayla Epstein
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 2

Ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire bwamenyesheje ko buhagaritse visa zose zo gutemberera ico gihugu uvuye mu karere ka Gaza.

Iryo hagarikwa ryemejwe kugira "habe igenzura ry'imbitse y'uburyo igitigiri gito ca visa z'igihe gito z'abagiye kwivuza zitangwa muri iyi misi ya vuba iheze," nk'uko ubwo bushikiranganji buvyandika kuri X.

Iyo ngingo yanebaguwe n'amwe mu mashirahamwe aharanira agateka k'abanye Palestine.

Ishirahamwe Palestine Children's Relief Fund, rifasha abana bo muri Palestine rivuga ko iyo ngingo "izogira ingaruka zikomeye kandi zidashobora gusubirwamwo ku buryo twahora tukura abakomeretse n'abantu baremvye muri Gaza tubajana muri Amerika kubavuza".

Iyo ngingo y'ubushikiranganji bwa Reta zunze Ubumwe za Amerika ifashwe inyuma Laura Loomer w'umu 'Extreme droite' yandikiye ubutumwa bwinshi kuri X anebagura uwo mugambi wo gutanga visa, anahamagarira ubutegetsi bwa Trump "guhagarika iki gikorwa giteye isoni."

Mu butumwa bwiwe bwakurikiye ku musi wa gatandatu kuri X, Loomer yarashimye iyo ngingo yaciye ifatwa , anashimira umunyamabanga wa reta ajejwe imigenderanire Marco Rubio kuba yahagaritse vy'agateganyo izo visa.

Ishirahamwe Palestinian Children's Relief Fund rivuga ko rimaze mu 2024 ryakuye muri Gaza abana 169 mu mugambi wo kuja kubavuriza hanze y'ako karere, ribajana mu burasirazuba bwo hagati, i Buraya, muri Afrika y'Epfo no muri Amerika.

Imyaka ibiri n'igice y'intambara yakurikiye igitero ca Hamas co ku 7 Gitugutu(10) 2003 muri Israel, inyubakwa z'amagara y'abantu nyinshi zarasambutse muri Gaza, ubu na ho bakaba bahanganye n'ikibazo co kubura imfungurwa.

Amashirahamwe atanga imfashanyo avuga ko kuba Israel yarabujije ko imfashanyo zinjira muri ako karere kuva mu kwezi kwa gatatu vyabujije amashirahamwe ategamiye reta gutanga imfungurwa zikwiye muri Gaza. Reta ya Israel ivuga ko amategeko ajanye n'imfungurwa afise intumbero yo gutuma zidatwarwa n'umuhari Hamas.

Amashirahamwe akorana na Onu mu gutanga imfungurwa, ayatanga imfashanyo n'abamenyeshamakuru bakorera mu karere ka Gaza baramaze kugabisha ko hari ikigoyi muri ako karere.

Mu mpera z'ukwezi kwa Mukakaro(7), BBC yaragiye hamwe n'ibindi bimenyeshamakuru nka Agence France-Presse (AFP), Associated Press (AP) na Reuters mu gusohora itangazo rigabisha ko abamenyeshamakuru bakorera muri Gazo bageramiwe na kigoyi.

Ivyo binyamakuru vyagize biti:"Mu meze menshi aheze, aba bamenyeshamakuru bigenga babaye amaso n'amatwi vy'isi ku butaka bwa Gaza. Ubu bageramiwe n'ubuzima bukomoye co kimwe n'abo baronderako amakuru."

Mu kwezi kwa Mukakaro, prezida wa Amerika Donald Trump yavuze ko hariho "ikigoyi nyaco" muri Gaza, ariko ko ubutegetsi bwiwe bubandanya gushigikira umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu.