Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ari kumwe na Zelensky i Kyiv, Biden ati 'Putin yarihenze cane' ku ntambara ya Ukraine
- Umwanditsi, James Waterhouse, Alice Cuddy na Kathryn Armstrong
- Igikorwa, Bari i Kyiv & London
- Yatangajwe
Reta Zunze Ubumwe za Amerika zizoshigikira Ukraine mu ntambara yayo n’Uburusiya “igihe cose izofata”, niko Perezida Joe Biden yavuze mu rugendo rwiwe i Kyiv (umugwa mukuru wa Ukraine) rutamenyeshejwe.
Ati: "Turizeye cane ko ugiye kubandanya utsinda”.
Uru rugendo rwa mbere rwa Biden muri Ukraine nk’umukuru w’igihugu rubaye hasigaye imisi mike ngo habe isabukuru y’umwaka umwe urangiye iyi ntambara itanguye.
Avuga ko Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya “yihenze cane” kwibaza ko Uburusiya bwari gushobora kunesha Ukraine n’incuti zayo z’Uburengero.
Yabonanye na Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine hanyuma bompi bagendera icibutso c’abasirikare bapfiriye muri ino ntambara imaze imyaka icenda kuva Uburusiya bwigaruriye akarere ka Crimée/Crimea, hanyuma inyeshamba zishigikiwe n’Uburusiya nazo zikigarurira uduce tw’akarere ka Donbas kari mu buseruko.
Uru rugendo rwa Biden rwari rufise intumbero yo gushimangira ko Amerika “yiyemeje ko itazokwigera icika intege mu gushigikira demokarasi, ubwigenge n’ubusugire bwa Ukraine”, nk’uko biri mw’itangazo rya Maison Blanche/White House (ibiro vy’umukuru w’igihugu wa Amerika).
Yafashe urugendo rw’amasaha cumi avuye muri Pologne gushika i Kyiv mu kinyegero, mu nyuma akaba yasubiye muri Pologne. Uburusiya bwamenyeshejwe ivy’uru rugendo amasaha makeya imbere y’uko Perezida Biden afata urugendo ku mvo z’umutekano, nk’uko bivugwa n’umutegetsi wa Amerika.
Inyuma y’uru rugendo, umunyamabanga wa Reta ajejwe imigenderanire Antony Blinken yatangaje imfashanyo nshasha mu vyo umutekano igiye guhabwa Ukraine, ikaba ifise agaciro k’imiriyoni 450 z’amadorari y’abanyamerika, harimwo amasasu ya za nkoho za muzinga zo mu bwoko bwa obusiers/ howitzers na Himars, ibisasu vya misire zo mu bwoko bwa Javelin hamwe n’ama-radars yo gucungera ikirere.
Amerika kandi igiye guha Kyiv izindi miriyoni cumi z’amadorari y’ubutabazi bwihuta kugira ngo Ukraine ishobore kubungabunga amasoko ntanganguvu yayo, nk’uko Blinken.
Muri ino ndwi kandi hitezwe gutangazwa ibihano bishasha ku bantu n’amakompanyi “agerageza kwinyegeza canke gutanga uburyo bw’iyi ntambara y’Uburusiya”.
Zelensky avuga ko intsinzi ya Ukraine ku Burusiya izova ku kungene abashigikiye Ukraine biyemeje kubandanya bayifashe mu mugongo, kandi ko muri Biden abonamwo iki cemezo.
Avuga kandi ko aba bategetsi babiri baganiriye ku kungene hoshobora kurungikwa ibindi birwanisho. Perezida Zelensky abandanya asaba indege z’intambara zo mu bwoko bwa F-16, ikintu Amerika n’ibindi bihugu vy’incuti bitaremeza.
Avuga kuri uru rugendo, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe imigenderanire Maria Zakharova avuga ko “abashoye imitima yabo ku Banyamerika” ari bo bazotsindwa.
Ikintu ciyongereye kuri runo rugendo rwa mbere rwo ku rwego rwo hejuru muri Ukraine kuva intambara itanguye, ni uko inzamba zo kugabisha zasamiranye igihe Biden na Zelensky bari kw’isengero nkuru yitiriwe Michael Mweranda hagati muri Kyiv. Izi nzamba zagumye zisamirana zidahengeshanya.
Inyuma y’uko abandi bategetsi b’ibihugu rutura bagendeye Ukraine mu mwaka uheze, kuboneka kw’umukuru w’igihugu ca Amerika muri Kyiv kandi ata basirikare ba Amerika bariko bararwanirayo, ni ikimenyetso c’uko bunze ubumwe mu gihe Uburusiya buvuga ko imfashanyo Uburengero buha Ukraine iriko iragabanuka.
Uru rugendo rwishimiwe n’abanya-Ukraine bari i Kyiv.
Roksoliana Gera ati: "Ndishimiye cane imfashanyo yiwe – idufatiye runini cane. Ndashima ubutwari bwiwe, kubona yigoye akaza kutwereka ingene igihugu ca Amerika kidushigikiye”.
Oleksandra Soloviova avuga ko uru rugendo rweretse Uburusiya ko “Amerika idushigikiye kandi ko izobandaya idushigikira, mu gufata ibihano no mu kuduha ibikoresho”.
Umukuru w’ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Ukraine, Andriy Yermak, avuga ko uru rugendo ari ngirakamaro kandi ko rudasanzwe. Ati: "Ibibazo vyinshi biriko biratorerwa umuti kandi ivyahagaze navyo bigiye kwihutishwa”.
Amerika ni kimwe mu bihugu vy’incuti pfa mpfe za Ukraine, gushika ubu ikaba imaze gutangaza imfashanyo ya gisirikare ifise agaciro k’imiriyaridi 24.9 z’amadorari y’Abanyamerika.
Mu kwa mbere, Biden yatangaje ko Amerika yari igiye kurungikira Ukraine ama-chars (imodoka ntamenwa) y’intambara, nayo za misire ziraswa kure zikaba ziri mu nzira.
Hagati aho, ukutumvikana hagati y’abanyaporitike muri Amerika kugenda kwiyongera ku vyerekeye imfashanyo Kyiv yozoronswa muri kazoza.