Ukraine: Igitero ku kigo c’indege z’intambara c’Uburusiya cahitanye batatu

Yatangajwe

Igitero ca Ukraine ikoresheje indege itagira umudereva (drone) kw'ikambi y’indege z’intambara ya Engels mu bumanuko bw’Uburusiya cahitanye abantu batatu, nk’uko bivugwa na Moscou.

Igisata gicungera ikirere c’Uburusiya kivuga ko cakoroye iyo drone ariko ko ibisigarira vyayo vyakorotse bikiha inkumbi muri ico gitero cabaye mw’ijoro ryakeye.

Mu ntango za kuno kwezi, Uburusiya bwaragirije Ukraine igitero nk’ico kuri iyo kambi ibitse indege zitera amabombe. Iyo kambi iri ku birometero 500 uvuye ku rubibe rwa Ukraine mu buraruko bushira ubuseruko.

Igisirikare ca Ukraine ntaco kiravuga ku mugaragaro kuri ibi bitero.

Ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe kwivuna abansi  buvuga ko igisirikare cabwo kirwanira mu kirere cakoroye iyi drone ya Ukraine yagendera hafi hafi isaha indwi n’iminota 35 z’ijoro (01:35) mu masaha yo muri ico gihugu kuri uno wa mbere, nk’uko bubivuga.

Abasirikare batatu b’Uburusiya nibo bapfuye biturutse ku bikomere vyatewe n’ibisigarira vy’iyi drone, nk’uko ubu bushikiranganji bubivuga.

Buramatari w’intara ya Saratov Roman Busargin arahoza imiryango n’incuti z’aba basirikare, akavuga ko ata “mutekano ugeramiwe” ku basanzwe baba mu gisagara ca Engels.

Imbere y’aha, abakoresha imbuga hwaniro basohoye amavidewo yerekana ivyumvikana nk’ibisasu n’amafirimbi yo kugabisha (sirènes) ku kibuga c’indege ca Engels.

Mu kindi gitero cavuzwe ku wa 05 Kigarama (12) kuri ico kibuga c’indege, be no ku yindi kambi y’indege z’intambara mu ntara ya Ryazan, abasirikare batatu barishwe naho nyene n’ibisigarira vya drone ya Ukraine yakorowe, nk’uko vyavuzwe na Moscou ico gihe. Indege zibiri nizo zononekaye bukebuke.

Igisirikare ca Ukraine ntaco cavuze kuri ivyo bitero.

Ikambi ya Engels isanzwe ikoreshwa n’Uburusiya mu gutera ibisasu vya misire ku bibanza bitari bike vya Ukraine kuva Moscou itanguye intambara yayo ku wa 24 Ruhuhuma (2).

Kremlin iramaze kwagiriza Ukraine gutera ubutaka bwayo, ariko ibi bitero vyo muri Kigarama vyabaye imbere cane mu Burusiya gusumba ivy’imbere y’aha.

Abahinga batari bake ba gisirikare muri Ukraine no mu Burengero babona ko ibi bitero bivugwa ari inkuru mbi ku gisirikare c’Uburusiya.