Ayavugwa mw’igura n'igurishwa ry’abakinyi: Kane, Messi, Osimhen, Lukaku, Mount, De Gea, Martinez

Romelu Lukaku

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Romelu Lukaku
Yatangajwe

Manchester United ifise ubwoba ko izohava itaronka umusatirizi wa Tottenham kizigenza w'Ubwongereza Harry Kane w'imyaka 29 mu ci, kuko aba ba-Spurs barahira bakarengwa ko batarota bamurekura n’aho mu misi mike yinjira mu mwaka wa nyuma w’amasezerano yiwe. (Mirror)

Umukuru wa La Liga, ihiganwa rya Espagne, Javier Tebas, avuga ko ingingo y’umunya-Espagne Sergio Busquets yo gusezera muri Barcelona ari “intango y’inzira” y’uyu murwi yo kugarukana umunya-Argentina Lionel Messi w’imyaka 35, narirya amasezerano afitaniye na Paris St-Germain arangira mu ci. (Cadena COPE – mu ki-espagnol)

Chelsea iriteguye kubangira mu kurondera umusatirizi wa Napoli umunya-Nigeria Victor Osimhen w’imyaka 24 kuko ibona ko kwumvikana ku masezerano nawe mu ci ari ikintu kigoye. (Football Insider)

Mu ci, umusatirizi w’Ububirigi Romelu Lukaku w’imyaka 29 azosubira mu murwi wiwe wa Chelsea wari wamutijije Inter Milan, ubu akaba ari mu biganiro n’uwiteze kuba umumenyereza mushasha w’aba ba-Blues Mauricio Pochettino, akaba kandi yiteze kwifatanya n’abandi mu myimenyerezo yo mu ci imbere y’uko umwaka w’inkino utangura, mu kurindira ko ingingo ifatwa kuri kazoza kiwe. (Mirror)

Harry Kane

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Harry Kane

Pochettino arashaka ko Chelsea isubira igatangura ibiganiro n’Umwongereza Mason Mount w’imyaka 24 akina hagati kugira ngo yongerwe amasezerano mashasha, narirya ayo afitaniye n’aba ba Blues azorangira mu ci ry’umwaka uza. (Standard)

Chelsea izosaba hagati y’imiriyoni 30 na 40 z’amapawundi ku mukinyi wo hagati wa Croatia Mateo Kovacic w’imyaka 29, Manchester City ikaba imuraba ryiza. (Football Insider)

Aston Villa iri mu biganiro vyo kurondera umukinyi wo hagati wa Sporting Lisbon, umunya-Uruguay Manuel Ugarte w’imyaka 22, asanzwe kandi yipfuzwa na Chelsea be na Liverpool. (Football Transfers)

Umuserukizi wa Ugarte avuga ko hari imirwi itari mike yipfuza uyu mukinyi yiteze gusezera Sporting Lisbon muri iri ci. (O Jogo – mu gi-portugal )

Manchester United iriko iritegura kugura umunyegori wa Everton umwongereza Jordan Pickford w’imyaka 29, mu gihe umunya-Espagne David de Gea w’imyaka 32 yosezera. (Mirror)

Manchester United iripfuza umunyegori wa Anderlecht umunya-Hollande Bart Verbruggen w’imyaka 20, mu gihe kazoza ka De Gea muri Old Trafford kataboneka neza. (Manchester Evening News)

Ba maneko ba Newcastle, Manchester United na Liverpool babandanya bakurikiranira hagufi Umufaransa Jean-Clair Todibo w’imyaka 23 akina inyuma muri Nice. (Fabrizio Romano)

Umunyegori wa Argentina Emiliano Martinez w’imyaka 30 ariteguye gusezera Aston Villa muri rino ci, mu gihe Chelsea, Manchester United na Tottenham ziriko ziramurondera. (Gaston Edul, TyC Sports)

 Emiliano Martinez

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Emiliano Martinez

Umuyobozi nshingwabikorwa wa Inter Milan Giuseppe Marotta avuga ko yibaza y’uko umumenyereza Simone Inzaghi azoguma muri uno murwi, akongerako y’uko n’umunyegori wayo, umunya-Cameroun Andre Onana w’imyaka 27 yipfuza kwigumira muri uno murwi, n’aho aronderwa na Manchester United. (La Gazzetta dello Sport -mu gitaliyano)

Aston Villa irashaka kuzana umusatirizi wa Real Madrid umunya-Espagne Marco Asensio w’imyaka 27 ataco irinze gutanga mu gihe amasezerano yiwe azorangira muri iri ci. (Athletic)

Newcastle United izohangana na Paris St-Germain mu rugamba rwo kurondera umukinyi wo ku ruhande wa Bayer Leverkusen Umufaransa Moussa Diaby w’imyaka 23, mu gihe uno murwi wo mu Budagi umuronderako nibura imiriyoni zama-euro. (Sport Bild – mu kidagi)

Arsenal yararondeye Diaby mu kwa mbere, kandi yaramaze kumushira ku rutonde rw’abakinyi izorondera kugura mu ci. (Standard)

 Moussa Diaby

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Moussa Diaby

Bayern Munich yipfuza kubangira ku mukinyi w’inyuma Joao Cancelo yatijijwe na Manchester City, mu gihe Arsenal na Barcelona nayo nyene imuraba ryiza. (90 Min)

Brentford ishaka imiriyoni 40 z’amapawundi ku munyegori wa Espagne David Raya w’imyaka 27. (Sky Sports)

Nottingham Forest ntizokwemera kugurisha Brennan Johnson mu gihe yoramuka igumye mu cicaro ca mbere c’ihiganwa ry’Ubwongereza muri uno mwaka w’inkino, ni mu gihe Aston Villa na Newcastle ziri mu mirwi iraba ryiza uyu musatirizi wa Pays de Galles w’imyaka 21. (Football Transfers)