Ukraine: Abasoda b'Uburusiya bose bamaze kuva i Kherson

Yatangajwe

Igitondo cose, ifoto zagaragaye ku mbuga hwaniro zerekana ibice vyinshi vyasambuwe ku kiraro kimwe rukumbi kiva mu gisagara ca Kherson.

Ivyo vyatumye abandika ku mbuga hwaniro bakurikiranira hagufi iyo ngwano bavuga ko ivanwa ry'abasirikare b'abarusiya mu burengero bw'uruzi Dnipro ryarangiye.

Uyu musi, umushikiranganji wo kwivuna abansi, asubiwemwo n'itororokanirizo ry'amakuru rya Tass, yemeje ko abasirikare bose b'abarusiya bari mu burengero bwa Dnipro bajabutse ku rundi ruhande.

Hari ku musi wa gatatu aho abasirikare bo mu rwego rwo hejuru mu mapeta bamenyesha ko bariko barava ku ruhande rumwe rw'urwo ruzi.

Ingingo yo gusubira inyuma n'incamugongo ku gisirikare c'Uburusiya gihanganye n'ibitero vya Ukraine.

Prezida Vladimir Putin ntiyari mu bamenyesheje iyo ngingo ku mboneshakure.

Ku musi wa gatanu, ubwo bushikiranganji bwavuze ko ata bakozi, ibigwanisho canke ibikoresho vya gisirikare bwatakaje kandi ko ata bikoresho na bimwe bwasize inyuma.

Mw'itangazo rya buri musi, igisirikare cagize kiti:"Kw'isaha 05:00 ya Moscou uyu musi, ivanwa rya basirikare b'abarusiya mu buryo bwa Dnipro ryarangiye.

"Igihe bariko baravanwayo, nta gikoresho na kimwe ca gisirikare canke ikigwanisho casigaye inyuma.

"Abakozi bose b'abarusiya bavanyweyo, ntitwatakaje umusirikare n'umwe canke ibikoresho vyabo."

Iryo tangazo ryabandanije ridondagura urutonde rw'ivyo igisirikare c'Uburusiya cashitseko muri Ukraine mu masaha 24 aheze.

Kuri uyu wa kane, igisirikare ca Ukraine cavuze ko cateye intambwe zikomeye hirya y'ejo mu micungararo ya Kherson, inyuma y’aho Uburusiya butangarije ko buriko burakura ingabo muri ico gisagara co mu bumanuko.

Ingabo za Ukraine zivuga ko zabohoje igisagara gikomeye ca Snihurivka kiri ku birometero 50 mu buraruko bwa Kherson.

Kyiv (umugwa mukuru wa Ukraine) yavuga kandi ko iriko irasatira bikomeye ku mpande zibiri hafi ya Kherson, harimwo gutera intambwe y’ibirometero indwi mu turere tumwe tumwe.

Mu bindi vyabaye muri iki gitondo, mu gisagara kibanyi ca Mykolayiv - ku birometero 95 mu buseruko bushira uburengero bwa bwa Kherson - n'imiburiburi abantu batandatu bishwe inyuma y'aho misile iterewe ku kw'inzu y'amagorofa.