Intambara yo muri Gaza: Biden avuga ko Israel itegerezwa gukingira abantu b'intege nke bari i Rafah

Yatangajwe

Perezida Joe Biden wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika avuga ko abasivire "barundanye" i Rafah muri Gaza, "basugerejwe kandi b'intege nke" bategerezwa gukingirwa.

Avuga ko Israel itegerezwa gukoresha utwigoro "twizewe" mu gukingira Abanye-Palestina barenga umuriyoni bacumbikiwe mu bumanuko bw'igisagara ca Gaza’’.

Intara ya Rafah yugarijwe n’ibitero vy’indege bikomeye muri iyi misi ya vuba, hakaba hanavugwa abatari bake bahasize ubuzima.

Umuganga w'umunya-Palestina yabwiye BBC ko abantu bari i Rafah babayeho mu bwoba.

Mu ndwi iheze, umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu yamenyesheje ko yategetse ingabo kwitegurira kwongereza ibikorwa vyazo vyo ku butaka i Rafah. Yiyemeje guhasha abagwanyi ba Hamas bitwaje ibigwanisho muri ico gisagara.

Umukuru w'igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu Volker Türk yavuze ko igitero ico ari co cose kizoba "giteye ubwoba" kandi ko abasivire benshi "bashobora kukigwamwo".

Igice c'abantu imiriyoni 2,3 baba mu karere ka Gaza ubu barundanye muri ico gisagara gihana urubibe na Misiri, cahora kibamwo abantu 250.000 gusa imbere y'uko intambara hagati ya Israel na Hamas yaduka mu kwezi kw'icumi.

Benshi mu bateshejwe izabo baba mu tururi canke amahema mu buzima bubi, bakaba batagira amazi meza n'imfungurwa bikwiye.

Igisirikare ca Israel catanguje ibikorwa vyaco mu karere ka Gaza inyuma y'aho abantu n'imiburiburi 1.200 biciwe mu bumanuko bwa Israel ku wa 7 Gitugutu (10) n'abagwanyi ba Hamas, bananyuruje kandi abantu 253.

Abatari bake muri abo banyurujwe mu nyuma bararekuwe ariko Israel ivuga ko abagera ku 134 bataramenyekana irengero ryabo.

Ubushikiranganji bwa Hamas bujejwe amagara y’abantu buvuga ko abanya-Palestina 28.473 bamaze kwicwa abandi barenga ibihumbi 68 na bo barakomerekera muri Gaza kuva iyi ntambara itanguye.

Ku wa Mungu, igisirikare ca Israel cavuze ko abagabo babiri bafise ubwenegihugu bwa Israel na Argentina bari banyurujwe batabawe mu gitero cagize i Rafah.

Prezida Biden yasubiye gutera akamo ko gukingira abasivire bari i Rafah inyuma y'umubonano yagiranye n'umwami wa Yordania Abdullah, i Washington ku musi wa mbere.

Avuga ko igitero gikomeye muri ico gisagara "kidakwiye gukorwa hatabaye integuro yizewe yo gucungera umutekano" w'abahaba.

"Abantu benshi bahaba bateshejwe izabo, bamaze guhunga incuro nyinshi, bahunga intambara iri mu buraruko, ubu bakaba barundanye i Rafah, barasugerejwe kandi bafise intege nke.

"Barakeneye gukingirwa. Kandi twavuze tutarya umunwa kuva ku ntango, ntidushigikiye iyirukanwa ry'abanya-Palestina muri Gaza".

Mu ndwi iheze, Maison blanche/White house (ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Amerika) yavuze ko itazoshigikira ibitero vya Israeli i Rafah, ico gihugu kititayeho umutekano w'impunzi ziriyo.

Hagati aho, ubutegetsi bwa Hamas i Gaza buvuga ko "abantu ibihumbi n'ibihumbi" bashobora gupfira i Rafah, bunagabisha ko igitero ico ari co cose gishobora kuburizamwo ibiganiro vyo kurekura abanya-Israel banyurujwe bapfungiwe muri ako karere.

Umukuru w'igisata c'iperereza ca Israel, David Barnea, uwurongoye CIA, William Burns n'umushikiranganji wa mbere wa Qatar Mohammed bin Abdulrahman Al-Thani barahuye n'abategetsi ba Misiri ku wa kabiri mu bindi biganiro vyerekeye agahengwe muri Gaza, nk'uko bivugwa n'itororokanirizo ry'amakuru AFP risubiramwo ikinyamakuru co mu Misiri, Al-Qahera News. Iyi nama yahuje aba bategetsi yaravuzwe kandi mu binyamakuru vyo muri Israeli.

Mu ndwi iheze, Benjamin Netanyahu yamiriye kure ibisabwa na Hamas kugira habe ihagarikwa ry'intambara, avuga ko "intsinzi itagabanije" i Gaza ishoboka mu mezi make.

Hampande ya Amerika, ibihugu vyinshi hamwe n'amashirahamwe mpuzamakungu vyaragabishije Israel kuri ibi bitero itegura.

Ku wa mbere, umushikiranganji w'Ubwongereza ajejwe imigenderanire, David Cameron, yavuze ko Israel "itegerezwa kubanza kwiyumvira" imbere yo gutera i Rafah.

Joseph Borrell ajejwe imigenderanire mw'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya yateye akamo incuti za Israel guhagarika kurungikira ibigwanisho Israel, mu gihe "abantu benshi "bariko baricirwa i Gaza.

Mu ndwi iheze, Arabia Sawudite yaragabishije " ku ngaruka zikomeye" mu gihe Rafah yoterwa.