Moscou: Abahaba 'Ntituzi ikizotugwako n'aho kizogwa'

Alexander

Ahavuye isanamu, Reuters

Yatangajwe

Inyuma y'ibitero vya vuba ku murwa mukuru w'Uburusiya muri iyi minsi iheze - kimwe ku wamungu hanyuma ikindi kuri uyu wa kabiri - ababa i Moscou ntibabona kumwe ivyerekeye umutekano wabo.

Alexander, aba hafi y'ahabereye igitero avuga ati: ''Ibi bintu birashegesha cane kubona ikintu kiguruka kikagwa ku mugwa mukuru hanyuma kigaturkira ahantu.

''Nta n'umwe ari mu mutekano muri ibi bihe,'' niko avuga, yongerako ko hari ukutabona iyo ibintu biriko biraja ku ''kizotugwako n'aho kizogwa''.

Ariko hari abandi baba ngaho bavuga ko bumva bafise umutekano - n'ubwo hari ivyo bahurirako mu mpungenge za Alexander.

Igor

Ahavuye isanamu, Reuters

''Ndafise amakenga, ariko nta bwoba mfise'', uwo ni Igor uwundi aba Moscou nk'uko yabwiye Reuters.

Inyuma y'igitero c'uyu munsi, avuga ko ariko aribaza kurondera ikintu co kuzibiza amadirisha yiwe, ''kugira ibivunji ntibizogurukire mu nzu yiwe''.

Hagati aho Kirill we avuga ko ata bwoba atewe n'ico gitero ca vuba.

Ati: ''Ndatekanye. Jewe nturuka Donesk, urumva ko ivyo mbona ko ari akaciyemwo gato cane''.

''Ingwano y'umubu' isa n'idashobora kugira ico izohindura ku buryo intambara iriko iraba -Umuhinga mu kwivuna abansi

Inyubakwa yakozweko igitero i Moscou

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Igitero ca drone cononye bibayabaye inyubakwa y'ibiro i Moscou
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Drone zisa n'izidashobora guhindura ahariko hagana intanbara hagati ya Ukraine n'Uburusiya, nk'uko bivugwa na Mathieu Boulègue, umuhinga muri Chattam House ashimikira kuri poritike yo hanze y'Uburusiya hamwe n'ibibazo vya gisirikare.

Drone yateye igorofa ndende mu gice c'imirimo myinshi ku murwa mukuru w'Uburusiya, Moscou, kuri uyu wa kabiri - igitero ca kabiri kuri iyo nyubakwa mu minsi itatu.

Ukraine ntiyigamvye ico gitero, ariko Uburusiya buvuga ko ariyo iri inyuma yaco.

Biragoye kumenya iyo iyo drone yagurutse iva, ariko birashoboka ko yoba yagurutse iva imbere mu Burusiya - kumbure mbere iva mu micungararo ya Moscou nyene, nk'uko bivugwa na Boulègue.

Hamwe ivyo vyoba ari vyo, bisigura ko Kyiv yoba ikoresha abakozi b'iperereza imbere mu Burusiya kugira itere ibibanza bikomakomeye, nk'uko Boulègue abandanya avuga.

Ariko muri uwo mwanya nyene, ''ntawokwemeza rwose ko bidashoboka'' ko Kremlin [ibiro vy'umukuru w'igihugu mu Burusiya] ari yo yategetse ko haba ico gitero kugira ihe insiguro intambara simusiga kuri UKraine.

Boulègue akomeza yita ikoreshwa rya drone ''intanbara y'umubu'', ''kwibutsa mu gukora ahababaza'' umwansi ko ikirere ciwe kidatekanye.

Inyubakwa yononekaye i Moscou

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Abo mu nzego zijejwe umutekano ku nyubakwa yanonekaye i Moscou mu gitero ca drone