Israel yateye akagere umugambi w'amahoro wa Trump, ni ko Netanyahu yatangaje

Donald Trump na Benjamin Netanyahu

Ahavuye isanamu, Getty Images

    • Umwanditsi, Jon Donnison
    • Igikorwa, Correspondent
    • Umwanditsi, George Wright
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 2

Umushikiranganji wa mbere wa Israel yateye akagere umugambi w'amahoro w'ingingo 15 wateguwe na Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika ku kibazo ca Gaza, akavuga ko adashobora gukura ingabo za Israel imbere y'uko Hamas yamburwa ibirwanisho.

Mu kwezi guheze urwego mpuzamakungu rwatangujwe na Trump Board of Peace rwari rwatangaje ko rwashitse ku masezerano yo kwaka ibirwanisho vyose umuhari Hamas n'iyindi mirwi yitwaje ibirwanisho iri muri Gaza.

Ariko Hamas yari yavuze ko gusubiza ibirwanisho vyayo biremereye bizoshoboka gusa mu gihe Israel izoba ihagaritse "ibitero vyose" kandi ikakura ingabo zayo muri Gaza.

Israel yabandanije kugaba ibitero muri Gaza naho yari yemeye agahengwe ka mbere muri ako karere muri Gitugutu (10) umwaka uheze.

Mu nama y'abashikiranganji kuri uno wa Mungu, Netanyahu yagize ati: "Israel iranse urwandiko rw'ingingo 15".

Yavuze kandi ko igisirikare ca Israel kidashobora gutahukana ingabo zaco gushika Hamas isubije ibirwanisho vyose, kandi ko kizobandanya gukingira abasirikare baco hamwe n'abanyagihugu babo ku vyago vyose bishobora gushika.

Mu kwezi guheze, Trump yari yatangaje ko hatewe "intambwe ikomeye cane igana ku mahoro n'umutekano birama", inyuma y'aho Hamas ivugiye ko yemeye umugambi wo gusubiza ibirwanisho muri Gaza.

Ariko Netanyahu yavuze ko Hamas itegerezwa kubanza gusubiza ibirwanisho vyayo imbere y'uko Israel ikura ingabo zayo muri Gaza, yongerako ko bidategerezwa kuba uruhendo.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Yavuze kandi ko ubu ariko araganira n'abategetsi ba Amerika ku kuntu bokomeza iyo nzira.

Ati: "Barafise ivyiyumviro; bimwe muri vyo turavyemera, ibindi ntitubishigikiye, kandi turazi neza ingene duhagararira inyungu zacu muri ivyo bibazo".

Mu gihe hasigaye amezi makeyi imbere y'amatora yo muri Israel, Umushikiranganji wa mbere aboneka ko adashaka kurekura na kimwe.

Amaze igihe aterwa akamo na bamwe mu banyaporitike bagenziwe gusubira gutegura amatora ya reta nshasha hamwe no guhagarika umugambi wa Gaza. Muri bo harimwo umushikiranganji w'Umutekano w'Igihugu Itamar Ben Gvir, yavuze ko uwo mugambi udashobora kwemerwa.

Iyi ni iyindi nzitizi ku mugambi wa Trump wo kugarukana amahoro muri Gaza, wari watangajwe muri Nyakanga (11) umwaka uheze.

Uwo mugambi warimwo ishirwaho ry'urwego ruzwi nka Board of Peace kugira ngo rikurikirane ishirwa mu ngiro ry'amasezerano, kwaka ibirwanisho umuhari Hamas, gukura ingabo za Israel muri Gaza, hamwe no gusubira kwubaka ako karere ka Gaza.