Intambwe ya nyuma y'amatora mu Burundi: abakuru b'imitumba n'amakaritiye

Abarundi barenga miriyoni 6 bazindukiye mu gikorwa co gusozera urukukirane rw'amatora y'abaserukira abandi mu nzego zitandukanye yatanguye kuva mu kwezi kwa Ruheshi(6).
Kuri uyu wa 25 Myandagaro (8) hatorwa abakuru b'imitumba n'amakaritiye (quartier) 3044 mu gihugu cose bagatorerwa ikiringo c'imyaka itanu.
Ay'abashingamateka n'abajenama b'amakomine yabaye mu kwezi kwa Ruheshi (6), ay'abakenguzamateka nayo muri Mukakaro (7). Yose yatsinzwe n'umugabwe CNDD FDD -umaze imyaka 20 ku butegetsi - ku rugero rwa 100% uretse mu bajenama b'amakomine habuze amajwi atanashika 2%.
Bwari ubwa mbere muri iyo myaka yose uwo mugambwe utsinda kuri urwo rugero mu gihugu hahiganywe imigambwe ya poritike irenga 20.
Iyo migambwe na Ekleziya Katolika bavuze ko ayo matora yabayemwo utungenge twinshi.
Amatora y'abakuru b'imitumba n'amakaritiye yo aba atisunze imigabwe abahiganwa bavamwo.
Ariko abanyagihugu bavuganye na BBC buca bitaba amatora bavuze ko ata kinini kija guhinduka kuko haja gutorwa abari mu mugambwe uri ku butegetsi nyene.
Ibiro vy'amatora vyugurura isaha 12 (6:00) zo mu gitondo bikugara isaha icenda (15:00) z'umuhingamo.

Ariko umunyamakuru ari mu gisagara ca Bujumbura avuga ko hamwe hamwe amatora yatanguye acerewe. Kandi ngo abantu baza gutora ari bake bake, nta mirongo miremire yibonekeza.
"Aho mpagaze ubu nyene i Gikungu hari nk'ibiro 5 vy'amatora, ikibuga kiragaragara. Haza bake bake'', niko yavuze.

Uwo munsi watangajwe ko ari uw'akaruhuko mu gihugu cose kugira abantu bitabe ico gikorwa co gutora. Ariko bigaragara ko benshi mu gisagara bazindukiye mu yindi mirimo isanzwe nko kuja kw'isoko.
''Ntibiyamamaje ngo tubamenye''
Mu gisagara ca Bujumbura -umurwa mukuru w'ubutunzi, buca bitaba amatora bamwe babwiye BBC ko baja gutora abo batazi kuko batiyamamaje neza ngo babamenye mu kibano.
''Twebwe abanyeshure bo muri kaminuza twavuye ruguru tutamenyereye igisagara turashobora kuba ino n'umu chef de quartier tutamuzi'', bivugwa n'umukobwa wo kuri kaminuza y'Uburundi.
Yavuze ko aja ''gutora gusa kuko sinzi ngo ntora uwu kuko ntabo nzi''.
Ariko barazi ko umukuru w'umutumba canke wa karitiye afise akamaro gakomeye mu buzima bwa minsi yose.
''Niba ari umuntu yarenganijwe, niba ari ikintu ukeneye kuri zone, ntushobora kugenda udaciye ku mukuru w'umutumba'', bivugwa n'umwe mu baba mu gisagara ca Bujumbura.
Uwundi ati ''ni we mushinge w'iterambere kuko iterambere riva hasi riduga… rimanutse rica rimanuka nabi''.











