Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
RD Congo: Tshisekedi yakiriza yompi akamo aterwa na Martin Fayulu
Perezida Félix Tshisekedi wa Repubulika ya Demokarasi ya Congo avuga ko yakirije yompi akamo yaraye atewe na Martin Fayulu amusaba ibiganiro "ata guca irya n'ino kugira ngo hatorwe umuti nyawo w'ikibazo gihanze igihugu".
Mu butumwa yacishije ku rubuga rwa X, Tina Salama, umuvugizi w'umukuru w'igihugu avuga ko Perezida Tshisekedi ashima "umutima w'ugukunda igihugu n'ukwitangira ubumwe bw'igihugu werekanywe na Martin Fayulu", kandi ko "yiteguriye guhura na we mu ntumbero yo kurokora igihugu kugira ngo kive mu ngorane zigeramiye inzego zacu n'ubusugire bwaco".
Mw'itangazo yasohoye ejo ku wa mbere igenekerezo rya 02 Ruheshi (6) ririmwo ubutumwa aha abanyaporitike batatu b'iki gihugu, "Corneille Nangaa, Joseph Kabila na Félix Tshisekedi", Fayulu agabisha ko batahagabiye igihugu gishobora gushwanyagurika, ico yita "balkanisation", ijambo risanzwe rivugwa cane kuri iki gihugu.
Agira ati: "Ibintu birakomeye, birakomeye cane.
"Nta nkeka ko turiko duca mu bihe vy'umwiza tutari bwigere ducamwo muri kahise kacu. Ishwanyagurika ry'igihugu cacu dufitiye ubwoba kuva mu 1960, ntirikiri ikibazo ca kure: riri ku muvuduko udasanzwe. Dutegerezwa kurihagarika".
Fayulu ateye akamo afatiye ku bihe igihugu ca Repubulika ya Demokarasi kirimwo kuva mu mpera z'umwaka wa 2021, aho inyeshamba z'umuhari M23 zasubira kuvyura intambara, ubu zikaba zimaze kwigarurira uturere tutari duke tw'ubuseruko bw'ico gihugu, harimwo n'ibisagara bikuru bikuru vya Goma na Bukavu, imigwa mikuru y'intara za Kivu ya Ruguru n'iy'Epfo.
M23 yegukira urunani Alliance Fleuve-Congo (AFC), rwashinze ubutegetsi bubangabanganywe n'ubw'igihugu muri utwo turere turi mu minwe y'izo nyeshamba, abatari bake bakaba bafise ubwoba ko igihugu gishobora kwisanga cacitsemwo ibice.
Ni ibiki abwira Nangaa, Kabila na Tshisekedi?
Martin Fayulu arongoye umugambwe Engagement pour la Citoyenneté et le Développement (ECiDé), yahoze ari umushingamateka, akaba yaritoje mu matora y'umukuru w'igihugu mu runani Lamuka ariko akaba yatsinzwe na Perezida Tshisekedi, aha ubutumwa bwihariye aba banyaporitike bafise uruhara rudasanzwe muri poritike y'igihugu.
Kuri Nangaa yari arongoye umurwi w'igihugu wari ujejwe gutegura no guhagararira amatora yo mu 2018 yahaye intsinzi Perezida Tshisekedi, ubu akaba arongoye urunani AFC, ari na rwo M23 yegukira, amubwira ati:
"Ndakwinginze: reka gufasha kugandagura benewacu na bashiki bacu. Reka gushora igihugu cacu, ubuzima bwacu, n'umutungo wacu ku banyamahanga. Amaraso y'Abanye-Congo ntashobora kubandanya aseseka ubigizemwo uruhara. Nta nyungu n'imwe yova mu mubabaro w'igihugu cose".
Nayo kuri Kabila yahoze arongoye igihugu kuva mu 2001 gushika mu 2018, ubu akaba ari i Goma inyuma y'aho aviriye mu buhungiro yari yagiyemwo mu 2023, Fayulu amubwira ati:
"Nta mvo n'imwe yoshobora gutuma ukorana n'abariko baratabura igihugu cacu....Ndagusavye uve i Goma, iki gisagara c'abamaratiri, ubu cigaruriwe n'ingabo z'umwansi. Kahise ntikababarira ubuhemu,na cane cane uguhemukira igihugu".
Fayulu arangiriza kuri Perezida Tshisekedi yamaze igihe anana kuganira n'izi nyeshamba yananiwe no gutsinda, aho amubwira ati:
"Ufise inshingano yo kutareka ngo uruvyaro rwacu rube ari rwo rubona Congo isambagurika. Ndagusaba kwiha iteka ukamenya inshingano zawe. Nsaba ko uja mu biganiro bitaziguye, ata guca ku ruhande, ata buryarya, kugira ngo haboneke umuti nyawo w'iki kibazo gihanze ubuzima bw'igihugu cacu".
Arangiza avuga ko "nimba ari ngombwa ko dupfa kugira ngo Congo yisubize agateka, tuzopfa".
Kabila na Nangaa bobo bavuga iki?
Nta kinini izi mpande zindi ziratangaza kuri aka kamo baterwa n'uno munyaporitike atavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Tshisekedi, uretse Kabila yacishije ubutumwa ku rubuga rwa X agira ati:
"Goma ni muri Congo. Ndi ngaha, kumwe n'abanyagihugu, mu gihe uvugira kure ivyo gupfa, jewe nahisemwo gusanura. Nimba koko ushaka kuganira, ingo, nditeguye kuvugana nawe, ariko i Goma".
Kuva mu mpera za Rusama, Joseph Kabila ari i Goma, aho yakirijwe yompi n'abarongoye urunani AFC-M23.
Mu butumwa yacishije ku rubuga rwa X, Corneille Nangaa arongoye uru runani, ariko akaba ataco aravuga ku kamo ka Fayulu, yanditse ati: "Abahagarariye urunani Alliance Fleuve Congo AFC-M23 baranezerewe no kwakira uno yahoze arongoye igihugu akaba n'umukenguzamateka w'ubuzima bwose, Joseph Kabila Kabange, i Goma, mu gihugu ciwe. Yahisemwo neza, aho kuguma mu buhungiro yahatiwemwo".
Umuhari M23, urongowe ahanini n'Abatutsi b'Abanye-Congo uvuga ko wafashe ibirwanisho kugira ngo urwanire uburenganzira bw'ubu bwoko bw'inkehwa muri RD Congo, no kubera ko abategetsi b'iki gihugu bananiwe no gushira mu ngiro ivyumvikanyweko mu masezerano y'amahoro y'imbere y'aha.
Abategetsi ba RD Congo, ishirahamwe ONU n'ibihugu bitari bike vy'Uburengero, bagiriza reta y'Urwanda ko ari yo ifatiye umuriro M23, ivyo iki gihugu gihakana, kikavuga ko coco gifata ingingo zo gucungera imbibe z'ubutaka bwaco, kikagiriza ahubwo abarwagiriza ko barenza uruhu rw'amaso inyeshamba za FDLR zirwanya reta yarwo.
Utwigoro two kurondera ko haba amasezerano y'amahoro, haba ku rwego rw'akarere, canke ku rwego mpuzamakungu, gushika ubu ntaco turashikako.