Burundi: Inyuma y'indwi imwe ibitungwa bizosubira kubagwa

Yatangajwe

Ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu n'umutekano bumenyesha ko ibitungwa bigiye gusubira kubagwa kuva ku musi wa gatatu w'indwi iza.

Ivyo vyashikirijwe n'umunyamabanga ntayegayezwa Martin Niteretse mu nama yagiranye n'abarongoye intara, abarongoye uturere mu gipolisi hamwe n'abajejwe uburimyi n'ubworozi mu ntara.

Ingingo yo guhagarika kubaga ibitungwa yari yafashwe kubera iyaduka ry'ingwara y'inyonko yo mu kiyaya ca Rift (Fièvre de la vallée du Rift)

Kugira ivyo bishoboke ngo ibitungwa vyo kubagwa bitegerezwa kwegeranirizwa hamwe.

Agira ati:"Abayangayanga bakeneye kuzobaga mubatunganirize aho begeraniriza ibitungwa bashaka kuzobaga mu ndwi iza.

"Nta nka izobagwa itavuye aho muri ico kibanza. Kuko ntayizova mu muhana ica ija kubagwa ubwo nyene."

Ivyo bitungwa kugira bije kubagwa, bitegerezwa kumara imisi indwi biri mu kibanza categekanijwe mu makomine yose, bigenzurwa ko bitagwaye.

Martin Niteretse kandi avuga ko ata nyama izova mw'ikomine zija mu yindi.

Nta n'inka zirekuriwe kuvanwa mu ntara zija mu yindi, kiretse ngo izijanywe kubagirwa mu gisagara c'ubutunzi ca Bujumbura.

Ariko ngo nko mu ntara zitagira inka nyinshi, abayangayanga baho barashobora kuja kuzigura ahandi, ariko abategetsi b'aho baziguze bategerezwa kubaha urupapuro ruziherekeza.

Kandi ico gihe zizoca ziherekezwa n'igipolisi kugira ntihagire izururukira mu nzira canke izuririra mu nzira zitagenzuwe neza.

Icipfuzo ngo n'uko mu ndwi iza hatangura kubagwa inka, hamwe n'impene n'intamaba 'bishobotse'.

Abadandaza basabwe kandi kudaca bikika mu kiza ngo baduze ibiciro.

Ku bijanye n'urucanco, Martin Niteretse yabasavye kuja gutegura abajejwe ako kazi kugira incanco zishitse bace baja ku kivi.

Haraheze amezi arenga abiri hatanzwe itegeko ko kizira kikaziririza kubaga inka, impene n'intama, mu ntumbero yo gukumira inyono yo mu kiyaya ca Rift.