Ukraine-Russia: umuhanuzi wa Zelensky avuga ko intambara imaze kwica abashika 13.000

Aha hari ku maziko y'igisongerezi, Sereja Yuriy Chernenko, yapfiriye i Lviv  mu kw'icumi na rimwe

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Aha hari ku maziko y'igisongerezi, Sereja Yuriy Chernenko, yapfiriye i Lviv mu kw'icumi na rimwe
Yatangajwe

Na Elsa Maishman na Jaroslav Lukiv

BBC News

Abasirikare ba Ukraine bashika 13.000 nibo bamaze gupfa kuva igitero c’Uburusiya gitanguye, nk’uko bivugwa n’umutegetsi wo hejuru.

Mykhailo Podolyak, umuhanuzi wa Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine, avuga ko ingabo ziri hagati ya 10.000 na 13.000 zimaze gupfa.

Ni ibintu bidakunze gushika aho Ukraine itanga ibitigiri vy’abamaze gupfa, kandi n’ibivugwa na Podolyak ntibiremezwa n’igisirikare c’igihugu.

Mu kwa gatandatu yavuze ko abasirikare ba Ukraine bari hagati ya 100 na 200 bapfa buri musi.

Mu kwezi guheze, intwazangabo nkuru yo mu gisirikare ca Amerika, Mark Milley,  yatangaje ko abasirikare bababa 100.000 b’Uburusiya hamwe na 100.000 ba Ukraine bari bamaze gupfa canke gukomereka kuva intambara itanguye.

Mu butumwa yacishije muri videwo ku wa gatatu, umukuru w’Inama y’Ubumwe bwa Bulaya Ursula Von der Leyen yavuze ko abasirikare 100.000 bamaze kwicwa.

Hagati aho, umuvugizi w’Inama y’Ubumwe bwa Bulaya yaratanze umuco avuga ko iryo ryari ikosa, ko ibi bitigiri vyari ivyo abamaze gupfa no gukomereka.

Umupfasoni von der Leyen kandi yavuze ko abasivire ba Ukraine 20.000 bari bamaze kwicwa. N’aho ico gitigiri kitavugurujwe n’Inama y’Ubumwe bwa Bulaya, carakuwe mu bundi butumwa bwa videwo bwakurikiye, kumwe n’ikindi cavuga ko ingabo 100.000 zimaze kwicwa.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Avugana n’imboneshakure yo muri Ukraine, Channel 24, Podolyak yavuze ko Kyiv "ivugira ku mugaragaro ivyerekeye igitigiri c’abamaze kwicwa”.

Ati: "Dufise  ibiharuro bitangwa n’ibiro bikuru vya gisirikare, ibiharuro bitangwa n’umugaba mukuru w’ingabo [Perezida Zelensky], kandi biva kuri 10.000 gushika ku 12.500-13.000 vy’abishwe".

Yongerako y’uko igitigiri c’abasivire bamaze kwicwa gishobora kuba ari “kinini”.

Gushika hagati mu kwa gatandatu, BBC yari imaze kumenya ko abasivire 3600 bari bamaze gupfa. Iki gitigiri gishobora kuba kimaze kuduga cane.

Podolyak avuga kandi ko abasirikare b’Uburusiya bashika 100.000 bamaze kwicwa kuva igitero gitanguye ku wa 24 Ruhuhuma (2), abandi nabo bari hagati ya 100.000 na 150.000 bakomeretse, canke bakaburwa irengero canke bakaba badashobora gusubira ku rugamba.

Igisata ca BBC gikoresha ururimi rw’ikirusiya kivuga ko abasirikare b’Uburusiya nibura 9311 ku nzego zose bamaze kwicwa kuva igitero gitanguye ku wa 24 z’ukwa kabiri, mu gihe igiharuro nyezina c’abamaze kwicwa gishobora kuba kirenga 18.600.