Ukraine: Zelensky avuga ko ibintu bibandanya biba nabi i Bakhmut

Ahavuye isanamu, AFP
- Umwanditsi, Alys Davies
- Igikorwa, BBC News
- Yatangajwe
Ibintu “bibandanya biba nabi cane” mu gisagara ca Bakhmut ku rwasiro rwo mu buseruko, nk’uko Perezida Volodymyr Zelensky abivuga.
Ingabo z’Uburusiya zimaze amezi arenga atandatu zigerageza gufata iki gisagara.
Zelensky ati: "Umwansi abandanya n’ibitero vy’urutavanako mu ntumbero yo gusambura ikintu ico ari co cose gishobora gukoreshwa mu gukingira ibirindiro vyacu”.
Amajambo y’umukuru w’igihugu ca Ukraine aje inyuma y’aho umushikiranganji w’ikigega ca reta wa Amerika Janet Yellen agabishirije Ubushinwa ko butohirahira ngo buhe ibirwanisho Uburusiya, hari igihe yari mu rugendo ku mugwa mukuru Kyiv ejo ku wa mbere.
Imwe mu ntambara zikomeye cane kuva Uburusiya butanguye igitero kuri Ukraine, haraciye umwaka urenga, iriko ibera muri Bakhmut, igisagara kiri mu ntara ya Donetsk, ibice bimwe bimwe vyayo bikaba bigenzurwa n’Uburusiya hamwe n’inyeshamba zishaka kwiyonkora kuri Ukraine zishigikiwe n’Uburusiya.
Kuva mu misi mike iheze, ingabo z’Uburusiya zarongereje akariro mu ntumbero yo kwigarurira iki gisagara kirimwo amahinguriro, kandi zigenda zitera intambwe.
Umukuru w’intara ya Donetsk iherutse gutangaza ko ari igihugu cigenga, Denis Pushilin, avuga ko "mu bisanzwe amabarabara yose" yinjira muri ico gisagara "ari ku muriro w’urutavanako w’ingabo z’Uburusiya”.
Kandi n’umukuru w’ingabo za Ukraine zirwanira ku butaka, Koroneri-Jenerali Oleksandr Syrskyi, avuga ko ibintu mu micungararo ya Bakhmut "bitoroshe na gato ".
Jenerali Syrskyi ati: "N’aho umwansi atakaza cane, yagomoye ingabo zose karuhariwe za Wagner zikaba ziriko ziragerageza kumena ibirindiro vy’ingabo zacu zongera zigota n’igisagara”.
Mw’ijambo ryiwe asanzwe ashikiriza buri joro, Perezida Zelensky yavuze ko kuronka aho uhonyoza ikirenge muri Bakhmut no kugikingira bitera bigorana cane kubera igitero gishasha c’Uburusiya.
Arakengurukira "buri muntu ariko aritanga atiziganya mu gukingira” aka karere.
Perezida Zelensky kandi yasubiye gusaba indege z’intambara zigezweho kugira ngo “ubutaka bwose bw’igihugu cacu” bushobore gukingirwa “ubugome bw’Uburusiya”.
Mu rugendo rwiwe rwa giturumbuka i Kyiv ejo ku wa mbere, Janet Yellen yatangaje isohorwa ry’iyindi mfashanyo ingana n’imiriyaridi 1.25 z’amadorari y’abanyamerika kuri Ukraine.
Umupfasoni Yellen yashimangiye ubutumwa bwa Perezida Joe Biden wa Amerika – ubutumwa yashikirije mu rugendo rwiwe i Kyiv mu ndwi iheze – ko Washington izobandanya ifata mu mugongo Ukraine igihe cose bizosaba kugira ngo itsinde iyi ntambara.
Avugana n’imboneshakure CNN, Yellen yavuze ko, n’aho ubutunzi bw’Uburusiya ataco buraba kubera ibihano ruhasha bwafatiwe n’ibihugu vy’uburengero, yiteze ko impera n’imperuka buzohungabana uko umwanya uzogenda.

Ahavuye isanamu, AFP
Avuga kandi ko ubushobozi bw’Uburusiya bwo gusubiriza ibikoresho vyabwo vyasambuwe mu ntambara muri Ukraine “bugenda bugabanuka”, akongerako kandi y’uko ingingo iyo ari yo yose y’Ubushinwa yo guha ivyo birwanisho Uburusiya yobukwegera akarambaraye.
Ati: "Twarabisiguye neza ko tutazokwihanganira igihugu ico ari co cose corenga ku bihano twafashe mu ntumbero yo kwaka Uburusiya uburyo bwo kuronka ibikoresho vya gisirikare bwokenera muri ino ntambara.
"Kandi twarasiguriye neza reta y’Ubushinwa n’amakompanyi yabwo y’ubutunzi ko ingaruka zo kurenga kuri ibi bihano zoba mbi cane”.
Mu ndwi iheze, umunyamabanga wa reta wa Amerika ajejwe imigenderanire Antony Blinken yavuze ko Ubushinwa bwariko burihweza ingene bworungikira ibirwanisho Uburusiya. Pekin/ Beijing (umugwa mukuru w’Ubushinwa) yariyamirije yivuye inyuma ibi birego.
Umubonano w’umushikiranganji w’Ubushinwa ajejwe imigenderanire, Wang Yi, na Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya i Moscow mu ndwi iheze kuri benshi wabonetse nk’icemezo c’ubucuti bwa hafi Ubushinwa bufitaniye n’Uburusiya.










