Imbohe za Hamas: Abantu banyurujwe muri Israel ni bande?

Amasanamu y'abanyurujwe na Hamas
Insiguro y'isanamu, Igisirikare ca Israel kivuga ko abantu 222 aribo banyurujwe na Hamas, inyuma y'igitero cabaye kw'itariki ya 7 z'ukwezi kw'icumi. Hamas yavuze ko yabanyegeje i Gaza ''ahantu hatekanye no mu binogo vyimbwe mu kuzimu''
Yatangajwe

Igisirikare ca Israel kivuga ko mu bagizwe imbohe harimwo abana 20 n'abandi bafise imyaka irenga 60 bari hagati ya 10 na 20. Hari inkuru z'abantu zemejwe na BBC, canke vyavuzwe ko banyurujwe na Hamas muri Israel.

Ku wa gatanu itariki 20 z'ukw'icumi, abanyamerika 2 - umukobwa na nyina - bari baranyurujwe, bararekuwe na Hamas.

Uku kunyuruza ni ikibazo gikomeye kurusha ibindi gihanze Israel.

Izi ni zimwe mu nkuru z'abantu bagizwe imbohe bavanywe muri Israel ku wa 7 Gitugutu (10) zahinyujwe na BBC canke zatanzwe n'amasoko yo kwizera.

Uru rutonde ruguma ruhinduka n'amazina agahinduka, mu gihe abantu bamwe vyibazwa ko banyurujwe mu nyuma bimenyekana ko bishwe canke barekuwe.

Amiram Cooper w'imyaka 85 n'umugore wiwe Nurit w'imyaka 80, banyururijwe ku rugo rwabo ruri i Nir Oz, niko umukazana wabo Noa yabwiye BBC. Noa yavuze ko umuryango wabo uheruka kubavugisha mu gitero ca Hamas igihe abo babiri bari mu cumba c'ubwihisho. Umuryango warashoboye kubona ko terefone ya Amiram yari i Gaza. Nurit yabaye umwe mu bagore 2 barekuwe ku wa mbere itariki 23 z'ukw'icumi.

Amiram, Nurit Cooper na Gali

Ahavuye isanamu, LOTAN COOPER

Insiguro y'isanamu, Amiram na Nurit Cooper bifotozanya n'umwuzukuru wabo Gali

Oded Lifshitz w'imyaka 83 n'umugore wiwe Yocheved w'imyaka 85 bafashwe bugwati mu kigwati ca Nir Oz. Yocheved ari mu bagore babiri bakuze barekuwe ku wa mbere itariki ya 23 z'ukw'icumi. Inyuma yo kumva agakuru ko nyina yarekuwe, umukobwa wabo Sharone -umuririmvyi aba i London- yavuze ati:'' Mu gihe ntashobora kubabwira ingene numva nduhutse ku mutima kubera yarekuwe,, nzoguma nshishikajwe n'ukurekurwa gutekanye kwa data n'abandi bose - abantu 200 b'inzirikarengane - bagizwe imbohe i Gaza.''

Margalit Mozes, w'imyaka 78, yabonywe mu masanamu anyurujwe na Hamas ava ku muhana iwe i Nir Oz, ikigwati kiri mu bumanuko bwa Israel hafi ya Gaza, niko musazawe Chanon Cohen yabwiye CBS. Umuryango wiwe uvuga ko afise ingorane z'amagara zisaba kwitabwaho n'abaganga umwanya wose.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Eitan Yahalomi w'imyaka 12, yafatiwe mu kigwati ca Nir Oz na Hamas ku, hanyuma nyina Bat-Sheva na bashiki biwe 2 bafatirwa ahandi. Bat-Sheva, afise ubwenegihugu bw'Ubufaransa, yatanze ikiganiro ku banyamakuru avuga ko yashoboye guhunga n'abakobwa biwe ariko akaba yarabuze irengero rya Eitan igihe yariko arajanwa i Gaza. Ohad, umugabo wa Bat-Sheva yari yarashwe kare arakomereka mu gihe yariko aragerageza kugwanira umuryango wiwe ku rugo rwabo, nawe yarabuzwe irengero.

Judith Weinstein Haggai w'imyaka70 n'umugabo wiwe Gad w'imyaka73, nabo barabuzwe irengero muri Nir Oz inyuma y'igitero ca Hamas. Inyuma y'iminsi 10, imboneshakure CTV News yo muri Canada yashikirije ko igisirikare ca Israel cabwiye umuryango wabo ko banyurujwe.

Adina Moshe w'imyaka 72, yarabonywe n'umuryango wiwe mu masanamu atwawe kw'ipikipiki yicaye hagati y'abarwanyi 2 ba Hamas, vyaboneka ko ajanywe i Gaza. Abaryango biwe babwiye CNN ko yanyururijwe i Nir Oz.

Alex Danzig w'imyaka 75, umushakashatsi n'umwigisha wa kahise kajanye n'ihonyabwoko ryakorewe Abayahudi, yari imuhira iwe i Nir Oz, igihe haterwa na Hamas ku wa 7 z'ukw'icumi. Umuhungu wiwe Mati yabwiye BBC ati: "Turazi tudakekeranya ko yanyurujwe." Alex - afise mushikiwe yitwa Edith, yarokotse ihonyabwoko ryakorewe Abayahudi - yari amaze imyaka 30 akora muri Yad Vashem, ikigo co muri Israel co kwibuka ihonyabwoko ryakorewe Abayahudi. Ukuburwa irengero ryiwe kwatumye hatanguzwa ibiganiro vyo kumurekuza, haba muri Israel haba muri Pologne iyo yavukiye.

Alex Danzig ariko arigisha

Ahavuye isanamu, MATI DANZIG

Insiguro y'isanamu, Alex Danzig amaze imyaka mirongo yigisha abantu ku vyerekeye ihonyabwoko ryakorewe Abayahudi

Nk'uko Avichai Brodutch abishikiriza, umugabo wa Hagar na se w'abana, Hagar Brodutch w'imyaka 40, umukobwa wiwe w'imyaka Ofri w'imyaka 10, n'abahungu biwe Yuval w'imyaka 8 na Oria w'imyaka 4, bari i Kfar Aza, mu kigwati kiri hafi y'urubibe rwa Gaza, igihe Hamas igaba igitero. Yabwiye ABC News ko ubwa mbere yibaza ko bapfuye - ariko mu nyuma aza kuronka ubutumwa buva mu kigwati ko bababonye ari bazima banyurujwe.

Doron, Raz na Aviv Asher bafashwe igihe bari bagiye kuramukanya mu ncuti hafi y'urubibe rwa Gaza. Umugabo wiwe Yoni yarabonye amasanamu y'umugore n'abakobwa biwe bafise imyaka iri hagati ya 5 na 3, bashirwa mw'ikamyo n'abandi bafashwe bugwati. Yarashobora no kubona iterefone (trace) y'umugore wiwe yerekana ko iri i Gaza.

Umuryango wa Asher waranyurujwe

Ahavuye isanamu, Yoni Asher

Insiguro y'isanamu, Doron Asher (hagati) n'abakobwa biwe Aviv (ibubamfu) na Raz (iburyo) bari mu banyurujwe, nk'uko abaryango bavyiboneye mu masanamu

Meirav Tal, umukunzi wiwe Yair Yaakov, n'abana biwe Yagil, w'imyaka 12, na Or , w'imyaka 16, bari mu banyurujwe. Nyina wabo bana, Ranana, yariko avugana nabo kw'iterefone igihe Hamas yashika hanyuma yumva umuhungu muto arira avuga ati: ''Ntimuntware, ndacari muto!" Hari amasamu yabonyemwo Yair na Meirav bari kumwe n'ababanyuruje.

Yair Yaakov yafashwe na Hamas
Insiguro y'isanamu, Yair Yaakov yafashwe amasanamu yanyurujwe n'uwitwaje ikirwanisho yaciye ku mbunga hwaniro

Umuvyeyi wa Shani, w'imyaka 16, yabwiye ikinyamakuru New York Times ko umuhungu wiwe yategetswe kwinjira mu modoka n'abarwanyi ba Hamas inyuma y'aho babomoreye ubwihisho bw'iwabo muhira haherereye mu kigwati ca Be'eri.

Tsachi Idan yabonywe ubwa nyuma n'umugore wiwe, Gali, igihe yafatwa n'abarwanyi ba Hamas. Umuryango wabo yagabweko igitero bari mu cumba c'ubwihisho bwabo mu kigwati ca Nahal Oz. Gali yabwiye BBC ko amagorwa yabo yerekanwa ikibiriraho na Hamas. Imfura yabo, Maayan - yari akwije imyaka 18 - yapfuye arashwe.

Tsachi Idan imbere y'uko afatwa

Ahavuye isanamu, Family handout

Insiguro y'isanamu, Tsachi Idan yatewe ari kumwe n'umugore wiwe n'abana babo hanyuma aca aranyuruzwa

Umusirikare wa Israel Ron Scherman w'imyaka 19, yanyururijwe ku mupaka. Nyina wiwe Maayan niko yabwiye ikinyamakuru I24 News co muri Israel. Mu nyuma avuga ko yashoboye kumumenya mu masanamu yashizwe hanze na Hamas.

Shiri, Yarden, Ariel na Kfir Bibas vyibazwa ko banyururijwe mu kigwati kiri mu bumanuko bwa Israel aho baba n'aho Siri yakora nk'umwigisha w'abana bato. Shiri yafotowe ateruye Ariel w'imyaka 3 na Kfir w'amezi 9, akikujwe n'abarwanyi ba Hamas.

Shiri Bibas n'abana biwe

Ahavuye isanamu, Telegram

Insiguro y'isanamu, Shiri Bibas n'abana biwe bato babiri batwawe na Hamas

Yossi na Margit Silberman, abavyeyi ba Shiri, nabo baburiwe irengero kandi vyibazwa ko boba barafashwe.

Abaryango ba Daphna Elyakim w'imyaka 15 na mushikiwe Ella w'imyaka 8, bavuga ko bababonye mu masanamu bafatirwa iwabo mu kigwati ca Nahal Oz. Se w'umukobwa, Noam Elyakim, umukunzi wiwe Dikla Arava, n'umuhungu wiwe Tomer w'imyaka 17, barishwe. Abaryango babo bavuga ko Ella na Daphna babonetse mu mafoto Hamas yashize hanze.

Karina Ariev, umusirikare w'imyaka 19, yakorera ku kirindiro ca gisirikare kiri hafi ya Gaza igihe anyuruzwa. Uwo bavukana Alexandra, yabwiye BBC ko yumvise urwamo rw'amasasu igihe Karina yamuhamagara kw'iterefone mu gihe hagabwa igitero, mu nyuma aza kubona amasanamu arimwo Karina atwarwa mu modoka.

Karina Ariev

Ahavuye isanamu, Family handout

Insiguro y'isanamu, Karina Ariev yari ku kirindiro ca gisirikare i Nahal Oz , cari mu vya mbere vyatewe

Ido Dan yabwiye BBC ko abaryango biwe Ofer, Erez na Sahar Kalderon bagizwe imbohe mu kigwati ca Nir Oz. Amasanamu yaciye ku mbuga hwaniro yerekana Erez w'imyaka 12 atwarwa n'abitwaje ibirwanisho bagana i Gaza. Abandi baryango 2 ari bo Carmela Dan w'imyaka 80 n'umwuzukuru wiwe Noya, w'imyaka 12 bari bazwi ko batwawe nabo, ariko igisirikare ca Israel camenyesheje ko casanze bapfuye.

Erez na Sahar

Ahavuye isanamu, IDO DAN

Insiguro y'isanamu, Erez (ibubamfu) na Sahar Kalderon (iburyo) ni abantu bo mu muryango umwe banyururijwe mu kigwati ca Nir Oz

Mia Shem w'imyaka 21, wo muri Shoham, yabonetse mu masamu ya mbere yashizwe hanze na Hamas avuga ko yanyururijwe mu kirori. Ingabo za Israel zaremeje ko yanyurujwe kandi zivuga ko zavuganye n'umuryango wiwe, wazemereye ko ayo masamu aja hanze.

Mia Shem
Insiguro y'isanamu, Mia Shem asaba kurekurwa mu masanamu ya mbere yashizwe hanze n'ishami rya gisirikare rya Hamas, al-Qassam Brigades

Channah Peri w'imyaka 79 n'umuhungu wiwe Nadav Popplewell w'imyaka 51, batwawe na Hamas, nk'uko bivugwa na Ayelet Svatitzky, umukobwa wa Channah, yariko aravugana na bo kw'iterefone igihe abitwaje ibirwanisho babubira. Avuga ko ababafashe barungitse amafoto y'abo baryango babo 2, bose barwaye diabete, bari kumwe n'abitwaje ibirwanisho bahagaze inyuma yabo.

Omri Miran w'imyaka 46, yanyurujwe igihe umuryango wiwe wugururira umwango w'ubwihisho bwabo umwana w'umuyahudi, yashobora kwicwa bitabaye uko. Umugore wa Omri, Lishay Lavi, yavuze ko yamubonye atwawe ari ku mapingu ari kumwe n'abandi 3 banyururijwe hamwe bava mu kigwati ca Nahal Oz.

Eli yabwiye itorokanirizo ry'amakuru Associated Press ko umukobwa wiwe Liri Elbag w'imyaka 18, ariho yari agitangura imyimenyerezo ya gisirikare nk'umurinzi hafi y'urubibe rwa Gaza igihe Hamas yagaba igitero. Eli yavuze ko yamubonye mu masanamu yashizwe hanze na Hamas, arundanye n'abandi mw'ikamyo y'igisoda yari yafashwe n'abitwaje ibirwanisho.

Urutonde rw'abantu vyibazwa ko banyururijwe mu birori vy'umuziki bizwi nka Supernova music festival mu bumanuko bwa Israel harimwo:

Moran Stela Yana w'imyaka 40, yacapa ibisharizo vyo kwambara, yariko arabigurisha igihe igitero gitangura. Musazawe yabwiye Associated Press ko yabonetse mu masanamu, yicaye hasi akikujwe n'ivyandiko vyanditse mu carabu bityoza Abayahudi.

Almog Meir Jan w'imyaka 21, yaragerageje guhunga mu kirori. We na mugenziwe barashoboye kwinjira mu modoka ya mugenzi wabo ariko bagenze akanya gato imbere y'uko bategekwa guhagarara. Umuryango wa Almog uvuga ko wabonye amasanamu arimwo. Nta wuzi ivyashikiye mu nyuma umugenzi Almog.

Inbar Heiman, umunyeshuri w'imyaka 21, yabonywe n'abasore 2 b'abayahudi atwawe kw'ipikipiki avanywe mu kirori. Hamas yarasohoye amasanamu abonekamwo gato cane Inbar.

Hersh Goldberg-Polin w'imyaka 23, ava muri California, yabonywe n'ivyabona ashirwa mw'ikamyo, nk'uko umuryango wiwe wabimenyesheje ikinyamakuru Los Angeles Times. Nk'uko ivyabona bibivuga, yari yakomeretse cane kandi yataye ubwenge na terefone yiwe yerekana ko ari ku rubibe rwa Gaza.

Maya Regev w'imyaka 21 na musazawe Itay w'imyaka 18, bava Herzliya bari mu bibazwa ko banyurujwe. Mu gitondo c'umunsi igitero kigabwa, Maya yaterefonye se akoma induru avuga ati:'' Dawe bariko barandasa, ndapfuye.'' Umuryango wiwe wavuze ko wamenye Itay mu masanamu yashizwe hanze na Hamas aboshwe amapingu ari mu modoka inyuma. Inyuma y'iminsi hafi 2, igisirikare ca Israel camenyesheje umuryango ko Maya na Itay bompi banyurujwe.

Umuryango wa Maya na Itay

Ahavuye isanamu, FAMILY OF MAYA AND ITAY REGEV

Insiguro y'isanamu, Itay na Maya Regev (bicaye imbere) bari kumwe na nyina wabo na murumuna wabo

Shani Louk, ingenzi ituruka mu Budagi, bibaza ko ari mu banyurujwe. Nyina wiwe, Ricarda yavuze ko yabonye amasanamu ya Shani inyuma yo kunyuruzwa. Avuga ko mu nyuma yaronse amakuru amubwira ko Shani aremvye kubera igikomere afise mu mutwe.

Shani Louk i Mexico

Ahavuye isanamu, SHANI LOUK'S INSTAGRAM

Insiguro y'isanamu, Shani Louk - ari i Mexico - yari mu birori muri Israel igihe aburirwa irengero

Noa Argamani, umuyahudi afise amamuko mu Bushinwa, nawe yaranyururijwe mu kirori. Muri videwo- yagenzuwe na se wiwe Yaakov Argamani - yaciye kuri Israel's Channel 12 - yerekana uwo musore w'imyaka 25 atwawe kw'ipikipiki inyuma avuza indura ati:'' Ntimunyice!"

Bar Kuperstein w'imyaka 21, yaheruka kuvugana n'umuryango wiwe mu gatondo ko ku wa 7 z'ukw'icumi, igihe igitero catangura. Ku mugoroba w'uwo munsi nyene, umuryango wiwe uvuga ko bamumenye mu masanamu y'imbohe z'abannya-Israel, yashizwe hanze na Hamas.

Vivian Silver w'imyaka 74, azwi cane mu baharanira amahoro. Agakuru kiwe ka nyuma kavuga ko yatewe ku rugo iwe mu kigwati ca Be'er.

Vivian Silver
Insiguro y'isanamu, Vivian Silver - kw'ifoto iriko ivyandiko vyo kuremesha amahoro- ntiyasubiye kumvikana kuva igitero ca Hamas gitangura

Roni Eshel w'imyaka19, yakorera ku kirindiro co ku rubibe rwa Gaza. Umuryango wiwe uvuga ko baheruka agakuru kiwe mu gitondo c'igitero ca Hamas. Ikirindiro ciwe cari catewe. Yarungikiye ubutumwa nyina wiwe nk'isaha zitatu n'igice buvuga buti: "Mama, meze neza, ndi mu kazi kenshi, ndagukunda."

Roni Eshel amwenyura

Ahavuye isanamu, Roni eshel family

Insiguro y'isanamu, Roni Eshel yarungikiye ubutumwa nyina wiwe ariko nta gakuru kiwe kuva ico gihe

Jordan Roman-Gat, umuyahudi afise amamuko mu Budagi, yanyurujwe na Hamas ari kumwe n'umugabo wiwe n'umwana akiri muto mu kigwati ca Be'eri. We,umugabo wiwe Alon na Gefen umwana w' imyaka itatu barahunze igihe imodoka yahagarara gato ariko Jordan arabasiga, abaryango biwe niko babwiye CNN, bongera bavuga ko batinya ko yoba yarasubiriye gufatwa.

Umuryango wa Alon

Ahavuye isanamu, MAYA ROMAN

Insiguro y'isanamu, Jordan Roman-Gat yarashoboye guhunga ubwa mbere ari kumwe n'umugabo wiwe Alon n'umukobwa wabo Gefen ariko aburirwa irengero muri uko guhunga

Ohad and Ethan Vahalomy banyururijwe mu kigwati cabo nk'uko bitangazwa na Esther, nyina wa Ohad. Yavuze ko umukazana wiwe n'abuzukuru biwe 2 bashoboye guhunga igihe abagabo 5 bitwaje ibirwanisho babubukako ku muhana iwabo, ariko Ohad na Ethan w'imyaka 12 barafashwe.

Ditza Heiman w'imyaka 84, yabonywe n'umubanyi mu kigwati ca Nir Oz atwawe n'abarwanyi ba Hamas, nk'uko umukobwa w'uwo bavukana abivuga. Yahora ari umukozi ashinzwe ubuzima bwiza bw'abanyagihugu, akaba umupfakazi wa Zvi Shdaimah, yaje mu Bwongereza mu gikorwa co gutabara abana bava mu turere twagenzurwa n'aba Nazi mu ntambara ya kabiri y'isi yose.

Ditza Heiman ari mu bafashwe

Ahavuye isanamu, DITZA HEIMAN FAMILY

Insiguro y'isanamu, Umubanyi wa Ditza Heiman w'imyaka 84 yavuze y'uko yafatiwe mu kigwati yabamwo

Dror Or, umugore wiwe Yonat, umuhungu wabo Noam n'umukobwa wabo Alma babonywe n'umubanyi bariko barasohorwa mu nzu yabo iri mu kigwati ca Be'eri, nk'uko umwishwa wabo Emmanuel Besorai abimenyesha. Avuga ko ata gakuru kabo kuva ico gihe. Noam afise imyaka 15 na Alma 13.

Muganga Shoshan Haran, umukobwa wiwe Adi Shoham, umukunzi wiwe Tal Shoham, n'abana babo Naveh na Yahel, banyururijwe ku rugo iwabo ruri mu kigwati ca Be'eri, nk'uko bishikirizwa n'ishirahamwe yashinze Fair Planet. Fair Planet yavuze ko itasubiriye kuvugana na Muganga Haran inyuma y'igitero ca Hamas, ariko terefone y'umugabo wiwe Avshalom yarerekana ko iri i Gaza kandi bizera ko umuryango wose ariho wajanywe. Avshalom Haran - umuhinga mu vy'ubutunzi afise ubwenegihugu bw'Ubudagi na Israel, ubu yarapfuye nk'uko vyemezwa na BBC. Yari afise imyaka 66, Shoshan akagira 67, Naveh afise 8 na Yahel afise 3.

Sharon Avigdori w'imyaka 52, umukobwa wiwe Noam w'imyaka 12 na Lilach Kipnis w'imyaka 60, ni abo mu muryango wa muganga Haran nabo vyiibazwa ko banyururijwe hamwe. Eviatar Kipnis w'imyaka 65, umugore wiwe Lilach Kipnis w'imyaka 60, barishwe nk'uko umuryango wiwe ubivuga.

Yaffa Adar w'imyaka 85, yanyururijwe mu kigwati cegereye urubibe rwa Gaza. Umwuzukuru wiwe Adva yarabonye amasanamu amwerekana ajanywe i Gaza, akikujwe n'abagabo 4 bitwaje ibirwanisho.

Yaffa Adar anyuruzwa

Ahavuye isanamu, Facebook

Insiguro y'isanamu, Yaffa Adar yafashwe amasanamu atwawe n'akamodoka ko mu kibuga ca Golf ari kumwe n'akarwi k'abantu bitwaje ibirwanisho

Ada Sagi w'imyaka 74, bibaza ko nawe yanyururijwe iwe mu kigwati ca Nir Oz. Umuhungu wiwe Noam, yavuze ko abasirikare ba Israel basanze ibidengeri vy'amaraso muhira iwe ariko ata gakuru ka nyina wiwe kandi atari mu bishwe canke mu bakomeretse muri co kigwati gito.

Noam na nyina

Ahavuye isanamu, NOAM SAGI

Insiguro y'isanamu, Noam yari arindiriye nyina wiwe, Ada Sagi, i London mu ndwi iza guhimbaza isabukuru y'amavuko y'imyaka 75

Efrat Katz na Gadi Mozes, nyina wa Doron Asher n'umukunzi wiwe , nabo nyene baranyurujwe muri ico gitero nyene co mu kigwati ca Nir Oz, nk'uko abaryango babo n'ikigo co muri Israel babivuga aho Gadi Mozes yakora nk'umufundi w'indimo.

Sagui Dekel-Chen, umuyahudi afise amamuko muri Amerika, yarabuzwe irengero kuva aho Hamas igabiye igitero mu kigwati ca Nir Oz, nk'uko se Jonathan yabibwiye BBC. Jonathan yavuze ko umuhungu wiwe atari mu bishwe kandi ko ''insiguro imwe itahuritse'' ari uko yatwawe muri Gaza.

Sagui Dekel-Chen amwenyura

Ahavuye isanamu, JONATHAN DEKEL-CHEN

Insiguro y'isanamu, Nta gakuru se wa Sagui Dekel-Chen arumva kuva igihe Hamas igabiye igitero mu kigwati yabamwo

Anucha Angkaew, umunya-Thailand yari amaze imyaka hafi 2 akora mu mirima y'amavoka, yabonywe muri videwo yashizwe hanze na Hamas. Umugore wiwe Wanida Maarsa, yaramubonye mu masanmu ya BBC Thai.

Nk'uko bivugwa n'imboneshakure ya Thai TV, Boonthom Phankhong na Nattawaree "Yo" Moonkan, bari umugabo n'umugore, bakora mw'ihinguriro ryo gutekera ibizinu hafi ya Gaza, igihe abarwanyi ba Hamas babubira kandi bagatangura kurasa. Yo, w'imyaka 35, yakomye induru mu gihe umwe wese yagiye kwinyegeza aca arafatwa n'umugabo wiwe w'imyaka 45.

Nk'uko bivugwa n'imboneshakure ya Thai TV, O-wat Suriyasri yafashwe isanamu abonekamwo amaboko yiwe aboheye imugongo n'abagabo bitwaje ibirwanisho, iyo foto yarungikiwe umuryango wiwe n'uwo bakorana. Arafise umwana n'umugore bari baratashe muri Thailand.

Manee Jirachat, yari yaragiye mu kazi muri Israel mu myaka ine iheze, yafatiwe rimwe n'abo bakorana 5 bari bagiye kwinyegeza, nk'uko bitangazwa n'imboneshakure Thai TV mu kiganiro bagiranye na se wiwe, yavuganye n'abarokotse ico gitero.

Natthaporn Onkaew, Komkrit Chombua, Parinya Taemklang, Pattanayuth Tonsokri, Kiattisak "Top" Patee na bwana Pongtorn (atatangajwe irindi zina ryiwe) bavuzwe amazina n'umushikiranganji wa Thailand w'imigenderanire n'amakungu ko bafashwe bugwati. Thailand ivuga ko abanyagihugu babo 14 bafashwe.

Imbohe zarekuwe

Abanyamerikakazi 2 - Judith Raanan n'umukobwa wiwe Natalie Raanan - bararekuwe na Hamas kw'itariki 20 z'ukw'icumi inyuma yo gufatwa bugwati mu kigwati ca Nahal Oz, mu bumanuko bwa Israel mu minsi 15 iheze