Intambara ya Ukraine: Imvura y'amabombe ku mugwa muruku Kyiv

    • Umwanditsi, James Gregory
    • Igikorwa, BBC News
  • Yatangajwe

Ibiturika vyinshi vyumvikanye i Kyiv , igihugu cose gica gisabwa kuryamira amajanja mu gihe Uburusiya bwatanguje urukurikirane rw'ibitero vyo mu kirere.

Akarere ka Lviv gahana urubibe na Pologne na ko nyene katewe, mbere imwe mu misire ikaba yinjiye mu kirere ca Pologne nk'uko bivugwa n'igisirikare c'ico gihugu.

Ivyo bitero vyatanguye ku mugwa mukuru isaha 05:00 (03:00GMT).

Igisirikare ca Ukraine kivuga ko ubuhinga bwo kwikingira ibitero vyo mu kirere bwakoreshejwe mu kwikingira ivyo bitero.

Serhiy Popko, arongoye ubutegetsi bwa gisirikare i Kyiv, avuga ko misire z'uburusiya zirenga cumi zasambuwe ku mugwa mukuru no mu micungararo yawo.

Mw'itangazo ryiwe ku rubuga rwa Telegram, yongeyeko ko ata nkuru zerekeye abahaguye ziratangwa canke ivyahononekariye kubera ivyo bitero.

Andriy Sadovyi, umukuru w'igisagara ca Lviv, yavuze ku rubuga rwa Telegram ko igisagara ubwaco kitatewe.

Ariko ko misire zoba zishika 20 na drone indwi vyatewe mu ntara yose ya Lviv, bitumbere "inyubakwa za nkenerwa".

Mu gihugu cose muri Ukraine bari baryamiye amajanja, bakaba bari bagabishijwe ko Uburusiya bushobora gutera amabombe.

Mw'itangazo, igisirikare cavuze:"Hari ikintu cinjiye mu kirere ca Pologne hagufi y'igisagara ca Oserdow kimarayo amasegunda 39. Mu kiringo cose cahamaze kiguruka, cariko kirarabwa na radari za gisirikare."

Ababa ku mugwa mukuru wa Ukraine babonetse bariko bariruka kwinyegeza ahaca gariyamoshi zo mu kuzimu [Metro].

Ico gitero kibaye inyuma y'aho Uburusiya butereye misire zirenga cumi ku wa gatanu, ku rugomero rw'umuyagankuba, bituma abantu barenga imiriyoni babura amatara.

Uburusiya nta co buravuga kuri ico gitero co kuri uyu wa mungu.

Umukuru w'ikivuko ca Sevastopol kiri mu karere kigaruriwe n'Uburusiya ka Crimee, avuga ko ingabo z'Uburusiya zakoroye misire 10 za Ukraine zari zitumbereye ico gisagara ku mugoroba wo ku wa gatandatu.

Igorofa irimwo ibiro hamwe n'umuhora wa gaz vyasambuwe, umugore umwe na we arakomeretswa n'ibisigarira vya bombe nk'uko bivugwa na Mikhail Razvozhayev ku rubuga rwa Telegram.