Israel yateye ibirindiro vya Hezbollah muri Liban

Indege y'intambara ya Israel iriko iratangira amarokete yatewe ava ku rubibe bihana na  Liban. ifoto: 25 Myandagaro (8) 2024

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images

Insiguro y'isanamu, Indege y'intambara ya Israel yatangiriye amarokete yatewe ava muri Liban
    • Umwanditsi, Jaroslav Lukiv
    • Igikorwa, BBC News
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 3

Igisirikare ca Israel kivuga ko indege zaco z'intambara ziriko ziratera ku birindiro vya Hezbollah muri Liban inyuma y'aho zimenyeye ko hari umugambi wo gutera misire na rokete muri Israel.

Umuvugizi w'igisirikare ca Israel (IDF), Daniel Hagari yagize ati:"Mu gikorwa co kwikingira, IDF iriko iragira ibitero ku birindiro vy'abitwaje iterabwoba."

Israel ivuga ko abasivile bo muri Liban bagabishijwe ubwo nyene ngo bave mu turerere Hezbollah, umugwi w'aba Shia ufashwe mu mugongo na Iran, ifisemwo ibirindiro.

Inyuma gato, Hezbollah yamenyesheje ko yatanguje ibitero vya drone kuri Israel mu kwishura kw'iyicwa ry'umusirikare wo mu rwego rwo hejuru w'uwo mugwi ryabaye mu kwezi guheze.

Umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu (uwa 2 mu bubamfu) n'umushikiranganji wo kwivuna abansi Yoav Gallant (uwa 3 i bubamfu) bagaragara bari ku cicaro ca IDF i Tel Aviv, itariki 25 Myandagaro (8) 2024

Ahavuye isanamu, EVN

Insiguro y'isanamu, Umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu (uwa 2 mu bubamfu) n'umushikiranganji wo kwivuna abansi Yoav Gallant (uwa 3 i bubamfu) "bariko barakurikirana uko ibintu vyifashe" bari ku cicaro ca IDF i Tel Aviv, nk'uko bitangazwa n'ibiro vy'umushikiranganji wa mbere

Mu buraruko bwa Israel hose, urwamo rwa 'Sirenes' rwo kugabisha ko hagira habe ibitero vya rokete rwumvikanye kare mu gatondo kuri uyu wa Mungu.

Nta nkuru ziramenyekana ko hoba hari abakomeretse.

Mw'itangazo, IDF ivuga ko Hezbollah "yateye ibisasu birenga 150 vyaturutse muri Liban biterwa ku butaka bwa Israel".

Hagati aho, Hezbollah ivuga ko imaze gutera rokete zo mu bwoko bwa Katyusha zirenga 320, kandi ko bateye amakambi ya gisirikare n'ibirindiro vya Israel 11.

Umushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu yavuze ko yaciye akoranya inama y'ikitaraganya y'abo mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi.

Ibiro vya Netanyahu bivuga ko umushikiranganji wa mbere n'uwo kwivuna abansi Yoav Gallant bariko "barakurikirana uko ibintu vyifashe" bari mu biro vy'ubushikiranganji bwo kwivuna abansi i Tel Aviv.

Hagati aho, mw'itangazo, Hezbollah ivuga ko ibitero yagize kuri Israel ari ivyo kwihora "ku bitero vya Israel vyahitanye incungu... Fuad Shukr".

Umusirikare wo mu rwego rwo hejuru rw'uwo mugwi w'aba Shia yiciwe mu gitero c'indege za Israel ku mugwa mukuru wa Liban, i Beirut mu kwezi kwa Mukakaro (7).

Israel iguma irasana n'uwo mugwi ufise ibirindiro muri Liban kuva hatanguye intambara ihuza ico gihugu na Hamas mu kwezi kwa Gitugutu (10) guheze mu karere ka Gaza.

Hamas co kimwe na Hezbollah bafashwe mu mugongo na Iran.