Ayavugwa mw’igura n’igurishwa ry’abakinyi kuri uno wa gatandatu: Mendy, Maguire, Haaland, Saliba, Zaha

Ahavuye isanamu, Getty Images
Tottenham ishobora kurondera umunyegori wa Chelsea umunya-Senegal Edouard Mendy w’imyaka 31 mu gihe iriko irondera uwushobora gusubirira Umufaransa Hugo Lloris w’imyaka 36, mu gihe amasezerao afitaniye n’uyu murwi wiwe azorangira mu mpera z’uno mwaka w’inkino. (Sun)
Umukinyi w’inyuma Manchester United umwongereza Harry Maguire w’imyaka 30 ashobora kwimukira muri West Ham canke muri Tottenham mu gihe atagikunze gukinishwa n’umumenyereza Erik ten Hag. (Football Transfers)
Manchester United ishobora kugura abasatirizi babiri mu ci, mu gihe umusatirizi wa Atalanta umunya-Danemark Rasmus Hojlund w’imyaka 20 yiteze kwimukira muri Tottenham, umusatirizi w’Umwongereza Harry Kane w’imyaka 29 akaba ari ku rutonde rw’abo ishobora kurondera. (Times)
Umumenyereza mfatakibanza wa Chelsea Frank Lampard avuga ko yagerageje kugura Erling Haaland igihe yamenyereza ubwa mbere uyu murwi, imbere y’uko uyu umusatirizi wa Norvège w’imyaka 22 yimukira muri Borussia Dortmund. (Mail)
Umuserukizi w’umunyegori wa Inter Milan Andre Onana w’imyaka 27, avuga ko uyu munya-Cameroun yumva yishimiye Ubutaliyano mu gihe arabwa ryiza na Chelsea. (TV Play iciye kuri Standard)
Tottenham iri imbere mu mirwi iriko irahiga umumenyereza wa Feyenoord Arne Slot ko yoyibera umumenyereza mu mpera z’uno mwaka w’inkino, uno murwi ukaba ufise ubwoba ko ashaka kwimukira mu Bwongereza. (Sky Sports)

Ahavuye isanamu, Getty Images
William Saliba ariko aratera amero imirwi itatu itavuzwe, mu gihe Arsenal ibandanya ibiganiro ku masezerano mashasha yoha uno mufaransa w’imyaka 22 akina inyuma. (Mirror)
Umukinyi wo hagati wa Chelsea Ruben Loftus-Cheek w’imyaka 27 avugwa ko yoba yipfuza kuja gukinira AC Milan imaze kumushira ku rutonde rw’abo ishobora kurondera mu gihe c’igura n’igurishwa ry’abakinyi mu ci. (Fabrizio Romano)
Inyuma y’aho bitangarijwe ko agiye gusezera Manchester United, Umwongereza Phil Jones w’imyaka 31 akina inyuma ariko arafata umwanya yihweza ico yokora inyuma y’aha. (Lancashire Telegraph)
Umuserukizi w’umusatirizi wa Crystal Palace Wilfried Zaha w’imyaka 30 aherutse kubonana n’umurwi Fenerbahce, wo muri Turukiya, ivyatumye haduka ibihuha ko uyu munya-Côte d’Ivoire ashobora kuva mu murwi wiwe. (Goal)
Lucas Moura ariko arihweza ico yokora inyuma yo gufata ingingo yo kuva muri Tottenham, imirwi yo muri Arabia Saoudite, muri Major League Soccer [ihiganwa rya Amerika] hamwe no muri Serie A ikaba imaze kwegera uno musatirizi wa Brezili w’imyaka 30. (Fabrizio Romano)

Ahavuye isanamu, Getty Images
West Ham izokwemerera umumenyereza wayo David Moyes gufata ingingo kuri kazoza kiwe mu gihe yobafasha bagatahukana ihiganwa rya Europa Conference League. (Mail)
Paris St-Germain iriteguye kwongereza akariro mu rugamba rwo kuraba ko Jose Mourinho yova muri Roma kugira ayibere umumenyereza, hakaba hari abakinyi begereye uyu munya-Portugal bafise ubwoba ko ashobora kuva muri uno murwi wo mu Butaliyano mu ci. (Mail)
Manchester United na Chelsea zigiye guhangana bikomeye mu rugamba rwo kurondera umusatirizi wa Gent umunya-Nigeria Gift Orban w’imyaka 20. (FourFourTwo)
Umukinyi wo hagati w’Ubudagi Joshua Kimmich w’imyaka 28 avugwa ko ariko ariga kuri kazoza kiwe muri Bayern Munich, uyu murwi ukaba ata mugambi ufise wo kumugurisha. (90 Min)
Bayern Munich yakuye akarenge mu rugamba rwo kurondera umukinyi wo hagati wa Ajax umunya-Mexico Edson Alvarez w’imyaka 25, ashobora kubw’ivyo kwimukira muri Borussia Dortmund.(Sky Sport Germany)









