Ukraine irahakana ko Uburusiya bwigaruriye igisagara gikomeye hafi ya Donetsk

Ahavuye isanamu, APTN
- Umwanditsi, Na Jaroslav Lukiv
- Igikorwa, BBC News
- Yatangajwe
Umushikiranganji wo kwivuna abansi w’Uburusiya Sergei Shoigu avuga ko ingabo ziwe zigaruriye igisagara gikomeye ca Mariinka mu buseruko bwa Ukraine – ivyo Kyiv yaciye yihutira kubeshuza.
Shoigu yabwiye Perezida Vladimir Putin ko ingabo ziwe zigaruriye akarere "kashizemwo inguvu nyinshi cane" hanze gato ya Donetsk, umugwa mukuru w’intara uri mu minwe y’Uburusiya.
Ariko umuvugizi w’igisirikare ca Ukraine Oleksandr Shtupun avuga ko "intambara muri Mariinka" zibandanya.
Mariinka – igisagara kiboneka nk’inzira yo kwinjira muri Donetsk – gisigaye ari umunyota hafi cose.
Mu mubonano na Perezida Putin wacishijwe ku mboneshakure ejo ku wa mbere Shoigu yavuze ati: "Abasirikare barwanira ku butaka uno musi bahejeje kubohoza akarere ka Mariinka kari ku birometero bitanu mu bumanuko bushira uburengero bwa Donetsk.
"Mu myaka icenda, ingabo za Ukraine zarakomeje akarere gafatanye n’imiyoboro yo mu kuzimu. Buri barabara ryose rifise ibibanza vyaryo vyakomejwe cane kandi bikingiwe ibitero vyose, vyaba ivyo mu kirere canke ku butaka, ibirindiro vyo kurasa vya muzinga hamwe n’ubuhinga bukomeye cane bwo guhanahana amakuru.
"Kubw’ibikorwa vy’ubutwari bikomeye vy’ingabo zacu, aka karere gakomeye cane kinjiwe”.
Putin yishimiye ifatwa ry’iki gisagara, aho avuga ko ubu ingabo za Ukraine zigijwe kure cane ya Donetsk zari zimaze zicucagira ibisasu vya muzinga zidahengeshanya ziri i Mariinka.
Perezida Putin yavuze kandi ko ingabo z’Uburusiya ubu zifise “akaryo ko kwagura akarere” mu ntara ya Donetsk.
Mu masaha yitereye y’ejo ku wa mbere, igisirikare ca Ukraine cahakanye ibivugwa n’Uburusiya.
Ni “ukwihenda kuvuga ko Mariinka yafashwe yose", niko Shtupun yabwiye imboneshakure ya Ukraine.
Uno muvugizi w’igisirikare avuga ati: "Abasirikare bacu bari hagati muri Mariinka".
Imbere y’aha, abandika ku mbuga ngurukanabumenyi za gisirikare bari banditse ko ingabo za Ukraine zihanganye n’umwansi mu karere gato mu burengero bwa Mariinka.
Iki gisagara cari kimaze igihe gikoreshwa na Ukraine nk’urutare rw’intamenwa rwo guhangana n’umwansi kuva mu 2014, igihe abarwanyi bafashwe mu mugongo n’Uburusiya bigarurira uturere tutari duto tw’intara za Donetsk na Luhansk mu buseruko bw’igihugu.
Muri Ruhuhuma (2), 2022, Perezida Putin niho yagomorera ingabo kuri Ukraine mu ntambara ikibandanya gushika ubu.

Ahavuye isanamu, Telegram via Reuters
Mu ndwi nkeya ziheze, ingabo z’Uburusiya zarongereje akariro mu bitero vyazo mu turere dukomeye tutari duke turi ku rwasiro rw’ibirometero birenga 1200.
Hampande ya Mariinka, zimaze igihe zigerageza kugota Avdiivka – ikindi gisagara gikomeye kiri hafi ya Donetsk.
Ingabo za Ukraine ziriko zirarondera gushinga ibirindiro ku ruhande rw’ubuseruko bw’uruzi Dnipro mu bumanuko bwa Ukraine.
Mu ndwi iheze, Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine yatangaje ko igihugu kiriko gitegura kwinjiza izindi ngabo zishika 500.000.
Ashikirije aya majambo mu gihe Ukraine ihanganye n’ubukene bw’amasasu bitewe n’ukudebukirwa kw’incuti zayo nyamukuru muri Amerika no mu Bumwe bwa Bulaya.
Igitero ca Ukraine co kwivuna umwansi carahagaze kuva igihe c’ubukonje burenze urugero gitanguye, ubu hakaba hari ubwoba ko Abarusiya bashobora gukubita Ukraine bitagoranye.

Ahavuye isanamu, mil.ru
Mu yandi makuru, umukuru w’akarere ka Crimée yagenywe n’Uburusiya yatangaje ko habaye “igitero c’umwansi” haduka n’umuriro mu kivuko ca Feodosiya mu masaha yo mu gaturuturu ko kuri uno wa kabiri.
Umukuru w’igisirikare ca Ukraine avuga ko indege ziwe z’intambara zasambuye ubwato bw’intambara Novocherkassk muri iki gisagara.
Hasohotse amashusho ku mbuga hwaniro avugwa ko yerekana igiturika gikomeye muri aka karere k’ikivuko.
Ibivugwa n’izi mpande zompi, Uburusiya na Ukraine, ntibirashobora guhinyuzwa n’uruhande ataho rwegamiye.











