Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
EU na Mexique baranebagura ingingo ya Trump yo kubadugirizako amakori gushika ku bice 30%
- Umwanditsi, Jude Sheerin
- Igikorwa, BBC News, Washington
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 4
Ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya (EU) na Mexique barashavuriye prezida wa Reta zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump kubera kubakangisha kubadugirizako amakori y'ibintu bashora muri ico gihugu gushika ku bice 30%.
Mexique yidogera ico yise "amasezerano ya Trump y'uruhande rumwe", kandi ico gihugu kikavuga gishimitse ko ubwigenge bwaco budashobora kuganirwako, mu gihe uwurongoye EU, Ursula von der Leyen agabisha gufata "ingingo zo kwishura zinganya uburemere", mu gihe vyokenerwa. Bose bavuga ko bashaka kubandanya baganira na Amerika.
Trump yaragabishije ko ashobora gushiraho amakori mbere menshi gusumba ayo, mu gihe abo bakorana urudandaza bofatira ingingo Amerika yo kuduza amakori.
Muri iyi ndwi kandi Trump yarashize ahabona amakori mashasha ku bidandazwa biva mu Buyapani, Korea y'Epfo, Canada hamwe Brezil kuva mu kwezi kuza.
Mw'ikete ryiwe yandikiye prezida w'akanama k'Ubumwe bwa Buraya ku musi wa gatanu, Ursula von der Leyen, Trump yanditse ati:"Twamaze imyaka myinshi tuganira ku migenderanire y'ubudandaji n'Ubumwe bwa Buraya, twanzura ko dutegerezwa kuva muri izi ngingo z'amakori zituma duhomba, bitumwe na politike yanyu y'ibidandazwa bitangishwa amakori n'ibitayatangishwa hamwe n'inzitizi ku budandaji.
Iryo kete ryongerako riti:"Imigenderanire yacu ntiyamye ari iy'amagiriranire ,"
Mu makete yiwe yandikiye EU na Mexique, Trump aragabisha ko mu gihe hogira uwuca na we aduza amakori ku bintu biva muri Amerika, ashobora kumwishura mu kuduza ayo makori kuri urwo rugero nyene hejuru ya 30%.
Mu kiganiro yari yagiranye imbeye y'aho na Fox News, catangajwe ku musi wa gatandatu mw'ijoro, prezida Trump yavuze ko bimwe mu bihugu "bishavuye cane ubu" ariko ashimika ko ayo makori ari "amamiriyaridi amajana n'amajana y'amadorari" yahora "yisuka".
Trump yagumye yisubiriza mu kunebagura EU. Itariki 2 z'ukwezi kwa Ndamukiza(4), yasavye ko ibidandazwa biva muri iryo shirahamwe vyotangishwa amakori gushika ku bice 20%, co kimwe n'ibindi bihugu mirongo bikorana urudandaza na Amerika. Ico gihe aca agirako agabisha azoduza amakori ku bidandazwa biva muri EU gushika ku bice 50% kubera ibiganiro vyari vyahagaze.
Amerika n'Uburaya bari bizeye gushika ku mwumvikano imbere y'ikiringo ntarengwa c'iariki 9 z'ukwezi kwa Mukakaro(7), ariko nta camenyeshejwe ku ntambwe bagezeko.
Mu 2024 , Amerika yahomvye imiriyaridi 235.6 z'amadorari mu rudandaza bagirana na EU, nk'uko bivugwa n'ibiro vya Amerika bijejwe urudandaza.
Von der Leyen avuga ko EU iciteguye "kubandanya iganira ku masezerano gushika itariki ya 1 y'ukwezi kwa Myandagaro(8)".
Von der Leyen yagize ati:"Tuzofata ingingo zose zikenewe mu gukingira inyungu za EU, harimwo no kwemeza ingingo zibangabanganywe zo kwishura mu gihe vyokenerwa."
Itangazo ryiwe ryongerako riti:"N'ibihugu bike bitunze kw'isi binganya urugero na EU rwo kwugurura no kwubahiriza umugenzo w'urudandaza rubereye ku mpande zose."
Ibihugu 27 bigize ishirahamwe EU muri iyi ndwi vyavuze ko vyizeye kwumvikana ku masezerano na Amerika imbere y'itariki 1 y'ukwezi kwa Myandagaro.
Mw'ikete yandikiye prezida wa Mexique, Trump yavuze ko ico gihugu kitakoze ibikwiye mu kubuza ko uburaruko bwa Amerika bureka kuba "urubuga rwo kudandarizamwo ibiyayuramutwe".
Trump yongeyeko ati:"Mexique yaramfashije gucungera urubibe, ARIKO, ivyo Mexique yakoze ntibihagije."
Prezida wa Mexique Claudia Sheinbaum yarerekanye icizere ko amasezerano ashobora gushikwako.
Ku musi wa gatandatu, Sheinbaum yagize ati:"Turizeye, dufatiye kuvyo bagenzi bacu baganiriye ejo, ko tuzoshika ku masezerano na Amerika, kandi koko ivyo bizodushikana ku bintu vyiza."
Yongeyeko ati:"Hari ivyo dushobora na Amerika kandi hari n'ivyo tudashobora kwemera. Rero hariho ibintu tudashobora kuganirako na rimwe, ivyo na vyo ni ubwigenge bw'igihugu cacu".
Kare ku musi wa gatandatu, mw'itangazo ubashikiranganji bw'ubutunzi hamwe n'ubwo imigenderanire bwa Mexique bwavuze ko amakori ya Trump "ahengamye".
Ikete rya Trump ntirivuga nimba ibidandazwa vya Mexique bigengwa n'amasezerano yo mu 2020 ahuza ibihugu vya Amerika - Mexique - Canada bitazogengwa n'ayo makori mashasha azoja mu bikorwa itariki ya 1 Myandagaro, mu gihe ibiro vy'umukuru w'igihugu vya Amerika bivuga ko ari co kimwe na Canada.
Mu ntango z'iyi ndwi, ibiro vy'umukuru w'igihugu wa Amerika vyararungikiye ikete Canada rigabisha kubarihisha amakori agera ku bice 35%.
Kuva kuri uyu wa gatandatu, ubutegetsi bwa Trump bwashizeho amakori ku bihugu 24 hamwe na EU.
Itariki 12 z'ukwezi kwa Ndamukiza, umuhanuzi ajejwe ivyo ubudandaji mu biro vya prezida wa Amerika Peter Navarro yihaye intumbero yo gushika "ku masezerano 90 mu misi 90 nyene".
Gushika ubu prezida aramaze gutangaza bikuru bikuru biri mu masezerano abiri nk'ayo hagati y'Ubwongereza na Vietnam mu gihe ibiganiro bikibandanya.