Tanzania: Igipolisi nticatubwiye impamvu cadupfunze - Mbowe arekuwe

Si bwo bwa mbere Freeman Mbowe ahagaritswe n'igipolisi
Insiguro y'isanamu, Si bwo bwa mbere Freeman Mbowe ahagaritswe n'igipolisi
Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 2

Igipolisi mu ntara ya Songwe cahavuye kirekura umukuru w’umugambwe CHADEMA Freeman Mbowe na bagenziwe barenga 10 inyuma y’amasaha hafi 12 bamaze mu maboko yaco.

Nk’uko biri mw’itangazo ry’igipolisi, Mbowe na bagenziwe bari bahagaritswe bari mu karere ka Mbozi, aho bagirijwe ko bari mu myiyamamazo y’amatora yo hasi mu turere batemerewe kuyikoresherezamwo.

Iri tangazo ryavuga ko aba banyaporitike banse guhagarika ibikorwa vyabo nk’uko babisabwe n’igipolisi, ivyatumye haduka imishamirano n’inzego z’umutekano.

Igipolisi kivuga ko igihe aba barongoye uno mugambwe bagarariza, abajejwe umutekano baciye bakoresha inguvu mu gusanzaza ikoraniro bari baremesheje.

Muri ico gihe c’imishamirano, bivugwa ko abapolisi babiri bakomeretse mu mutwe batewe amabuye n’abari muri iri koraniro, ubu bakaba bariko baravurwa.

Hagati aho, umuvugizi wa CHADEMA John Mrema ariyamiriza ivyavuzwe n’igipolisi.

Eka na Mbowe na we nyene avuga ko bahagaritswe barenganijwe.

“Twaratewe n'igipolisi igihe twariko tuva mu makoraniro mu mitumba. Abapolisi ntibashoboye kutubwira imvo nyayo yatumye badufata”, niko Mbowe yavuze amaze kurekurwa mw'ijoro ry'ejo, aho yongerako ko abapolisi bahavuye bababwira ko ikosa ryabo ryari uguhonyanga amategeko agenga imyiyamamazo.

Igipolisi cari carasohoye itangazo risaba abarongoye imigambwe kwumvira no gukurikiza urutonde rw’imyiyamamazo rwatanzwe n’abajejwe guhagararira amatora kugira ngo ntihagire imigumuko yaduka.

Ihagarikwa ry’aba barongoye uno mugambwe ryabaye mu gihe c’imyiyamamazo ibandanya mu gihugu cose, aho imigambwe iriko yitegurira amatora yo ku nzego zo hasi ategekanijwe ku wa 27 Munyonyo (11).