Umugore yatswe ivyemezo vy'ubumenyi inyuma yo guturira urupapuro rw’umutsindo rwiwe

Yatangajwe

Umugore wo muri Malawi yafutiwe ivyemezo vy’umutsindo wiwe inyuma ya videwo yakwiragiye ku mbuga hwaniro imwerekana ariko aturira urupapuro rw’umutsindo rwa kaminuza mu kwerekana agashavu afise ko ata kazi yaronse.

Ishure kaminuza ry’abigenga, Exploits University ku mugwa mukuru, Lilongwe, ryabwiye Bridget Thapwile Soko ko ribabajwe n’iyo videwo kubera yacafuje ishusho y’iki kigo kandi ko ryafashe ingingo yo gutesha agaciro urupapuro rw’umutsindo rw’uyu munyeshure, ingingo igaca ija mu ngiro ubwo nyene.

Soko yari yahawe urupapuro rw’umutsindo mu bijanye n’ubutunzi (business administration) inyuma yo kurangiza ivyigwa vyiwe vy’imyaka ine kuri iyo kaminuza ariko akumvikana muri iyo videwo avuga ko yafashe ingingo yo kuruturira kubera ata kamaro yarubonamwo.

Ubushomeri ni ikibazo gikomeye muri Malawi mbere kiri mu bibazo nyamukuru  imyiyamamazo iheruka yahagazeko cane.

Perezida Lazarus Chakwera, ico gihe akaba yari arongoye abatavuga rumwe n’umugambwe uri ku butegetsi, yemereye abanyagihugu ko yari kurondera ubuzi bungana n’umuriyoni mu mwaka wa mbere w’ikiringo ciwe nk’umukuru w’igihugu.

Abakorana n’umukuru w’igihugu bavuga ko bwinshi muri ubu buzi bwashinzwe, ariko abatavuga rumwe n’ubutegetsi bavuga ko ahubwo ibitigiri vy’abashomeri vyongerekanye.

Mu myiyerekano hafi yose iheruka yo kwiyamiriza reta mu gihugu cose ca Malawi, abenshi mu rwaruka baboneka bafise ivyapa bisaba ubuzi.  

Ariko Bridget kumwambura impapuro z’umutsindo vyateje impari nyinshi ku mbuga hwaniro ku kibazo c’ubushomeri, hamwe no kwibaza akanovera k’ivyigwa bitangwa mu mashure ya kaminuza.