Ayavugwa mw’igura n’igurishwa ry’abakinyi: Mbappé yemeye kuzokwimukira muri Real Madrid

Kylian Mbappe

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Kylian Mbappe
Yatangajwe

Umusatirizi wa Paris St-Germain Umufaransa Kylian Mbappé w’imyaka 25 yemeye amasezerano yo kuzokwimukira muri Real Madrid igihe amasezerano yiwe azoba arangiye. (Foot Mercato – mu gifaransa)

Madrid yemereye Mbappé - amasezerano afitaniye na PSG akazorangira mu ci riza - umushahara uri musi y’uwo yari yamwemereye mu biganiro vyabo mu 2022. (Athletic)

Hagati aho, Mbappé aracafise uburenganzira bwo kwimukira muri Premier League. (Times)

Juventus yakuye akarenge mu rugamba rwo kurondera umukinyi wo hagati wa Manchester City Umwongereza Kalvin Phillips kubera amahera isabwa mu masezerano y’intizo hamwe n’umushahara w’uno mukinyi w’imyaka 28. (Fabrizio Romano)

Kubona Juventus iheba kurondera Phillips bishobora guha amahirwe Newcastle yo gushobora kuronka uno mukinyi wo hagati. (Mail)

Liverpool ishobora kuronka igifyo c’amahera mu gihe umukinyi wo hagati w’Ubwongereza Jordan Henderson w’imyaka 33 yoramuka agurishijwe na Al-Ettifaq yo muri Arabia Sawudite. (Mirror)

Everton yashinze igiciro c’imiriyoni 60 z’amapawundi ku mukinyi wayo wo hagati, Umubirigi Amadou Onana w’imyaka 22 mu gihe Arsenal iriko iramurondera. (Football Insider)

Amadou Onana

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Amadou Onana

Chelsea, Manchester United na AC Milan ziriko zirakurikiranira hagufi umukinyi w’inyuma wa Nice umufaransa Jean-Clair Todibo w’imyaka 24, ariko uno murwi wo mu Bufaransa wizeye ko uzoshobora kumugumya muri iki gihe c’igura n’igurishwa ry’abakinyi muri uku kwezi kwa mbere. (RMC Sport – mu gifaransa)

Bivugwa ko Barcelona yahawe amahirwe yo kuzana Umwongereza Jesse Lingard w’imyaka 31yahoze akina hagati muri Manchester United, ubu akaba yirebanga kuva avuye muri Nottingham Forest mu mpera z’umwaka w’inkino uheze. (Sport – mu ki-espagnol)

Umusatirizi w’Umwongereza Ivan Toney w’imyaka 27 avuga ko afise "igikorwa kitararangira" mu gihe ariko yitegura gusubira mu kibuga mu murwi wiwe Brentford inyuma y’igihano c’amezi umunani adahnyoye mu kibuga inyuma yo guhonyanga amategeko ajanye no gutigira. (Mirror)

Juventus iriteguye gutangura ibiganiro vyo kurondera kwongereza amasezerano ifitaniye n’umunyamerika akina hagati Weston McKennie w’imyaka 25. (Goal)

Jean-Clair Todibo

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Jean-Clair Todibo

West Ham igiye kwihweza nimba yorondera umukinyi w’inyuma wa Wolves Umwongereza Max Kilman w’imyaka 26 mu gihe yoramuka yegeranije amahera mu kugurisha umukinyi w’inyuma wa Maroc Nayef Aguerd w’imyaka 27 muri uku kwezi. (Guardian)

Umukinyi wo hagati wa Newcastle umwongereza Sean Longstaff w’imyaka 26 ashobora kuba ari mu nzira ava muri uno murwi ari nka hamwe hoboneka umurwi wipanze neza woza umurondera. (Sun)