Bishasha ku ntambara yo muri Ukraine: Uburusiya buvuga ko bwakoroye amadrone icenda ya Ukraine

Ahavuye isanamu, DSNS
Mw’ijoro ryakeye, Uburusiya bwakoze ibitero mu karere k’ubumanuko bwa Ukraine, harimwo n’ibivuko vyo ku ruzi Danube, bukoresheje indege zitagira abadereva (drone) nibura 39, nk’uko bitangazwa na Natalya Gumenyuk, umukuru w’igisata kijejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’igisirikare ca Ukraine biri mu bumanuko.
Koroneri (Colonel) Gumenyuk ntavuga ariko ivyononekariye muri iki gitero, akavuga gusa ko igisirikare kirwanira mu kirere “cakoze neza” mu gutuza aya madrone.
Hagati aho, igisata ca Ukraine kijejwe ubutabazi kivuga ko abantu 11 ari bo bakomeretse, hongera haduka n’umuriro, mu bitero vy’indege z’ubwiyahuzi mu ntara ya Odessa, ariko nticavuga aho iki gitero cabereye neza na neza.
Iki gisata kimenyesha ko batanu muri aba bantu 11 bakomeretse harimwo n’abana batatu, bariko baravurirwa mu bitaro.
Kivuga kandi ko imodoka n’akazu ko ku ruhande vyafashwe n’umuriro, inzu cumi ziri mu micungararo nazo zikononekara.
Nayo ku gitero cakozwe ku bivuko vya Ukraine vyo ku ruzi Danube hakoreshejwe amadrone yo mu bwoko bwa shahed, imihora ikurikirana igatanga amakuru ku rubuga rwa telegram iravuga igitero cakozwe n’indege z’ubwiyahuzi hamwe n’ibibombe mu turere tw’ibivuko vya Kiliya na Reni.
Kiliya isa n’iyiri hafi y’Ikiyaga Cirabura (Mer Noire/Black Sea), ku birometero hafi 50 uvuye aho uruzi Danube ruherera, mu gihe Reni iri kure imbere mu gihugu, ku mahwane y’imbibe za Ukraine, Roumanie na Moldavie. Hagati yazo hari ikivuko kigira gatatu ca Ukraine ku ruzi Danube - Izmail.
Mw’ijoro, amadrone y’ubwiyahuzi 41 kuri 42 y’Uburusiya yarashwe – igisirikare ca Ukraine kirwanira mu kirere
Ku ruhande rwaco, igisirikare ca Ukraine kirwanira mu kirere catangaje muri kano gatondo ko amadrone y’ubwiyahuzi 41 kuri 42 y’igisirikare c’Uburusiya ari yo yarashwe mw’ijoro ryakeye.
Ubutumwa bw’iki gisirikare bwacishijwe ku mihora y’imbuga hwaniro buvuga ko ingabo z’Uburusiya zarekuye izi ndege z’ubwiyahuzi mu mice itandukanye kuva isaha imwe z’ijoro nijoro ku wa gatatu zivuye ku bigo bitatu vy’imyimenyerezo biri mu karere ka Crimee/Crimea hamwe no mu ntara ya Krasnodar y’Uburusiya. Ubu butumwa buvuga ko aya madrone hafi yose yakororewe mu ntara ya Odessa yari arungitswemwo.
Igisirikare ca Ukraine kirwanira mu kirere kimenyesha ko hampande y’ibi bitero vy’amadrone, igisirikare c’Uburusiya carashe ibisasu vya misire vyo mu bwoko bwa S-300 birasa indege mu ntara za Kherson na Nikolaev hafi nk’isaha zitandatu z’ijoro.
Ntikivuga amaherezo y’iyi drone “y’ubwiyahuzi” imwe itashoboye kuraswa, co kimwe n’ibi bisasu vya misire bitandatu.
Igisirikare c’Uburusiya gitangaza ko cakoroye amadrone icenda ya Ukraine
Ni mu gihe ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe kwivuna abansi nabwo butangaza ko amadrone icenda ya Ukraine yarasiwe mu kirere c’intara za Moscou na Kaluga muri iri joro nyene ryakeye.
Imbere y’aha, umukuru w’igisagara ca Moscou, Sergei Sobyanin, yari yatangaje ko drone imwe yarasiwe mu kirere iriko itera ija i Moscou, mu karere ka Naro-Fominsk.
Naro-Fominsk iri ku birometero hafi 50 mu bumanuko bushira uburengero bwa Moscou.
Kubera ari mu ntambara, BBC ntishobora guhinyuza ibivugwa n’impande zishamiranye.
Igihe Ukraine yatangura gukora ibitero vy’amadrone kuri Moscou no mu tundi turere tw’Uburusiya, igitero kimwe kimwe caherekezwa n’igifyo c’ubutumwa bucishwa ku mihora y’imbuga hwaniro y’Abarusiya bavuga ku biturika, ku bikorwa vy’ubuhinga bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere n’ibitero vy’amadrone, bagashirako n’amavidewo hamwe n’amasanamu.
Uno musi, amakuru yose atangwa n’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi, ba buramatari canke umukuru w’igisagara ca Moscou ku bijanye n’ano madrone yakorowe, aje mu gihe ari “agacerere kose” ku mbuga hwaniro z’Uburusiya.
Ubumwe bwa Bulaya burumvikana buva ku mfashanyo yohabwa Ukraine, kandi ko Hongrie itazoyizibira
Abategetsi b’Ubumwe bwa Bulaya barashobora kwumvikana muri ino ndwi ku mfashanyo yababa imiriyaridi 50 z’ama-euro yo gufashisha Ukraine, n’aho igihugu ca Hongrie kigabisha ko gishobora kuzibira ino ngingo, nk’uko Komiseri ajejwe ikigega ca Bulaya Johannes Hahn yabibwiye itororokanirizo ry’amakuru Reuters.
Ubumwe bwa Bulaya busaba ko hosubirwamwo itunganywa ry’amafaranga yabwo butegekanya gukoresha gushika mu 2027 hakongerwamwo imiriyaridi 33 z’ama-euro z’ingurane hamwe n’imiriyaridi 17 z’ingabire bwoha Ukraine kugira ngo inzego zayo zishobore gukora ata ngorane muri iki gihe c’intambara ibandanya.
Izi mpinduka ni ngombwa ko zemezwa n’abakuru b’amareta y’ibihugu vyose 27 bigize Ubumwe bwa Bulaya, ariko umushikiranganji wa mbere wa Hongrie Viktor Orban yanse ko ano mafaranga atangwa n’uko yoshirwa mu nteguro y’amafaranga ategekanywa gukoreshwa n’umuryango w’Ubumwe bwa Bulaya.
Imfashanyo y’Ubumwe bwa Bulaya kuri Ukraine ni kirumara cane kubera muri Reta Zunze Ubumwe za Bulaya, amafaranga agenewe Ukraine yabaye ishingiro ry’intambara hagati y’aba-Democrats n’Abarepubulika.
Nk’uko Hahn abivuga, Hongrie ishobora kugondozwa, kubera isubirwamwo ry’ano mafaranga ategekanywa gukoreshwa rizokwongeramwo amahera (avuga ko azoshika ku miriyaridi 15 z’ama-euro) azokoreshwa mu bindi bisabwa na Orbán, harimwo ugukomeza umutekano ku mbibe, n’amafaranga yohabwa ibihugu vyemeye kugumya ku butaka bwabo abimukira badafise ivya ngombwa.
Hahn avuga ko umwanzuro w’Ubumwe bw’ibihugu vya Bulaya ushobora no kugira ingaruka ku bashingamateka ba Amerika. Avuga ko abajejwe imigenderanire ba Amerika batanguye kuvugana n’Ubumwe bw’ibihugu vya Bulaya ku mpeshi ku bijanye n’uko bukwiye gufata iya mbere mu gutanga imfashanyo Ukraine ikeneye gukoresha igihe kirekire.










