Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Niger: Abatembagaje ubutegetsi bugaye ikirere c'indege mu gihe ikiringo ntarengwa caheze
Abatembagaje ubutegetsi muri Niger bugaye ikirere c'indege c'ico gihugu gushika hafashwe izindi ngingo, bavuga ko bitumwe n'uko ibihugu bibanyi bishobora kugabayo igitero ca gisirikare.
Urubuga rwo kuri internet rukirikirana uruja n'uruza rw'indege, Flight24, rwerekana ko ata ndege ziri mu kirere ca Nigeri muri iki gihe.
Ishirahamwe ry'ibihugu vyo mu burengero bwa Afrika, Cedeaco/Ecowas, ryari ryagabishije ko rishibora gukoresha inguvu hamwe perezida Bazoum atosubizwa ku butegetsi bitarenze isaha zitanu z'ijoro kw'isaha mpuzamakungu (23:GMT) ku wamungu.
Umuvugizi w'akagwi katembagaje ubutegetsi yavuze ko igisirikare ca Niger citeguriye kugwanira igihugu.
Bazoum yagizwe imbohe ku wa 26 Mukakaro (ukwezi kw'indwi), hanyuma Gen Abdourahmane Tchiani, yetegeka abacungera umukuru w'igihugu, atangaza ko we nyene abaye umukuru w'igihugu mushasha.
Ukwo kwigarurirwa ubutegetsi n'igisirikare kwariyamirijwe n'amakungu, harimwo Ubufaransa bwahoze butwara gikoroni ico gihugu hamwe n'ishirahamwe rya Buraya, ONU na Reta Zunze Ubunwe za Amerika.
Asoma itangazo ku mboneshakure y'igihugu ku wamungu, uwuserukira abatemnbagaje ubutegetsi yavuze ko bafise amakuru ko hari ''igihugu co hanze'' kiriko kiritegurira gutera Niger.
Inyuma y'inama ku kibazo ca Niger yabereye muri Nigeria, abakuru b'ibisirikare vy'ibihugu bigize Cedeao bavuze ku wa gatanu ko bahejeje gukora integuro y'ikoreshwa ry'inguvu rishobora kugirwa muri Niger.
''Ibintu vyose bizokenerwa haramutse hakoreshwa inguvu vyateguwe, harimwo uburyo bukenewe, ingene n'igihe tuzogomora ingabo,'' nk'uko vyavuzwe na Abdel-Fatau Musah, ajejwe igisata c'ibibazo vya poritike, amahoro n'umutekano muri Cedeaco.
Yongeyeko ati: ''Dushaka amakungu abanze gufasha biciye mu biganiro, kandi dushaka ko ubwo butumwa bubashikira [abatembagaje ubutegetsi muri Niger] ko tubahaye akaryo kose ko gusubiza ibintu uko vyari''.
Bari batanze ico gihe ntarengwa haraheze indwi, babwira abi basirikare gusubiza ubutegetsi bitarenze isaha zitandatu z'ijoro ku wamungu.
Cedeao/Ecowas n'ishirahamwe ry'ubutunzi rigizwe n'ibihugu 15 vyo muri Afrika y'uburengero harimwo Nigeria, Senegal, Togo na Ghana.
Abatembagaje ubutetesi nta kimenyetso na kimwe berekana ko bashaka gusubiza ubutegetsi, ahubwo ku wa wamungu ababashigikiye bagize imyiyerekano mu kibuga co ku murwa mukuru wa Niger, Niamey.
Ibihugu bibiri bibanyi vya Niger - Burkina Faso na Mali - imbere y'aho vyagabisishije ko bizofata ko ''bigabweko igitero'' hamwe muri Niger hoba igikorwa ca gisirikare kivuye hanze. Burkina Faso na Mali vyompi biri mw'ishirahamwe Cedeao ariko vyarahagaritswe muri uwo muryango kuva ubutegetsi bwigaruriwe n'abasirikare muri ivyo bihugu vyompi.
Niger ni igihugu cimbura uranium nyishi -ikenewe cane mu nguvu za nikereyeri - kandi Bazoumn yari afatanije cane n'ibihugu vya Buraya na Amerika mu kurwanya intagondwa za Islam mu karere ka Sahel ko muri Afrika y'uburengero.
Itembagazwa ry'ubutegetsi muri Niger: Ivyo womenya muri make:
Niger itumbereye he?: Ni gihugu kinini cane co muri Afrika y'uburengero, kimwe mu bihugu bikenye cane kw'isi.
Kuki habaye itenbagzwa ry'ubutegetsi? Iigisirikare cavuze ko gifashe ubutegetsi kubera umutekano muke n'ingorane z'ubutunzi, ariko mu nyuma vyavuzwe ko umukuru w'abakoze iryo tembagazwa yagira akurwe mu mabanga.
Hakurikira iki? Hari amakenga ko abo basirikare bashobora guca bahindukirira ku Burusiya hanyuma bakugara amakambi ya gisirikare ya Amerika n'Ubufaransa ari muri ico gihugu; ku ruhande rwavyo, ibihugu bibanyi vya Niger vyagabiushije koi bishobira gukoresha inguvu kugira bisubizeho ubutegetsi bwahahora.