UK: Abanye-Kenya bariko barashaka kwitwara kubera amabi bakorewe ku bukoloni

Yatangajwe

Umugwi w'abanye-Kenya bitwariye reta y'Ubwongereza muri sentare y'agateka ka zina muntu ya Buraya (ECHR) ku mabi bakorewe mu gihe c'ubukoloni.

Muri yo harimwo kwibwa amatongo, n'ubu akirimwamwo n'amakompanyi y'icayi.

Iyo miryango yemeza ko kunanirwa gutorera inyishu ico kibazo mu gutanga impozamarira bihonyanga amasezerano ya Buraya yerekeye agateka ka zina muntu.

Ubushikiranganji bw'imigenderanire bw'Ubwongereza bwabwiye BBC ko "atari vyiza kuvuga ku rubanza ruri mu matohoza".

Abaserukira imiryango y'aba Talai n'aba Kipsigis, bakomoka mu karere ka Kericho, bavuga ko bagerageje guhura n'umushikiranganji w'Ubwongereza ajejwe imigenderanire Liz Truss mu kwezi kwa gatanu mu 2022 ariko ko batavyemerewe.

Umuryango w'aba Talai uvuga ko abawugize birukanywe mu matongo amera mu mitumba ihanamye muri Rift Valley kugira bahashire imirima y'icayi.

Aba Talai baragwanije cane ko abanye-Buraya baza muri ako karere.

Mu kubahana, umuntu wese wo muri uwo muryango yatwawe ku nguvu mw'ibohero mu karere kagwiriyemwo imibu n'isazi yitwa tse-tse (mouche tse-tse) kegereye ikiyaga ubu citwa Victoria.

Bivugwa ko aho ibintu vyari vyifashe nabi cane ku buryo benshi muri bo bahasize ubuzima, imbanyi z'abagore na zo zaguma zikoroka. Ibitungwa na vyo vyabo vyarahahoneye ku bwinshi.

Igihe Kenya yikukira mu 1963, abarokotse baciye bava mw'ibohero basubira ku butaka bwa ba sokuru babo. Ariko ntibigeze babusubirana. Bavuga ko kuva ico gihe baba mu micungararo y'imirima y'icayi ata ruhusha babifitiye.

Uwuburanira abareze yabwiye radio BBC igisata ca Focus on Africa ko bashaka "impozamarira" muri ako karere ingana na miliyaridi 200 z'amadolari, no "gusaba imbabazi" hanyuma hatangure imigenderanire mishasha ifatiye "ku kwubahana".

Joel Kimutai Bosek agira ati: "Ayo mabi yatanguye mu 1902 arabandanya gushika 1962."

Yabandanije agira ati: "Turiko turavuga ivyerekeye gutandukanya imiryango. Abantu bamwe barazimiye ntibasubira kuboneka. Turiko turavuga ivyerekeye guturira amazu, turiko tuvuga ivyerekeye gukura abantu ku butaka bwa ba sokuru babo."

Abaserukira aba Kipsigis n'aba Talai bavuga ko uko kwitwara ari "intambwe ikomeye" n'"inyishu ku myaka myinshi yari ihaciye hageragezwa ko hoba umubonano na reta y'Ubwongereza imbona nkubone kugira haboneke inyishu ya kivandimwe" uhereye mu 2019.

Ukwitwara muri ECHR ntibisigura ko iyo sentare izoburanisha urwo rubanza, ariko izofata ingingo ko ishobora kurwakira imbere yo gufata ingingo.

Umwe mubakorewe amabi, Kibore Cheruiyot, yari afise imyaka 10 igihe umuryango wiwe wirukanwa ku nguvu, ari kumwe n'abandi bantu bo mu muryango wiwe bimurirwa kure y'aho baba.

Agira ati: "Ubuzima bwari bumeze nabi cane. Narokotse ku bw'Imana. Mwenewacu nta mahirwe yagize. Yakomowe n'inzoka aca arapfa. Abantu indwi bo mu muryango wanje na bo barapfuye."

Yabandanije avuga ati: "Hari isazi zitwa tse-tse zarya abantu n'ibikoko, abandi benshi barapfuye."

Ugushingisha urwo rubanza muri ECHR si ubwa mbere ko ivyabashikiye bivugwa ku rwego mpuzamakungu.

Mu 2021, abajejwe amatohoza ya ONU/UN baranditse itangazo berekana "amakenga ku bivugwa vyo kutabazwa no kudatora inyishu ku bakoreye amabi aba Kipsigis n'aba Talai bo mu karere ka Kericho".

Mu nyishu, reta y'Ubwongereza yavuze ko yamaze gusaba ikigongwe ku mugaragaro iranatora inyishu mu 2013 y'ivyasabwa n'abakenya babaye muri ivyo bihe bitoroshe hamwe n'imigumuko y'aba Mau Mau, kuva mu 1952 gushika mu 1963, igihe Kenya yikukira.

Ariko abo mu bwoko bw'aba Kipsigis na Talai bemeza ko ivyo reta y'Ubwongereza ivuga muri iyo nyishu, bidasa n'ivyabo.

Hagati aho, hari ivyagiriji vyo guhonyanga bikomeye agateka k'abantu bo muri iyo miryango, harimwo ubwicanyi bw'indengera butungane, amabi afatiye ku gitsina, gusinzikaza ubuzima hamwe no gupfunga bidakurikije amategeko hamwe no gutuza abantu mu vyabo.

Mu kwezi kwa gatanu uyu mwaka, umugwi w'abanye Kenya barenga 100.000 bo mu bwoko bw'aba Talai barandikiye Prince William basaba ko haba gusaba imbabazi hamwe n'impozamarira.