'Abana ntibamva iruhande mu gihe imbwa ziba ziriko zirazura ibiziga' - Ibintu biteye ubwoba ku banye-Palestina b'i Rafah

    • Umwanditsi, Fergal Keane
    • Igikorwa, BBC News, Jerusalem
  • Yatangajwe

Abana ba Rehab Abu Dagga uko ari indwi bariko barumviriza imbwa ziriko zirakuga inyuma y'ihema rya 'plastique' babamwo.

Abana baca bizingira kuri nyina wabo. Ni we basigaye bazeyeko urukiza rw'ubuzima bwabo. Abo bana na nyina wabo babaye mu bintu bigoye gusigurira, ibintu ata muntu n'umwe yigeze abona.

Hoba hariho ijambo ryosigura neza uko umwana yiyumva mu gihe azi neza ko hirya ku metero zike, ibikoko biriko birazura ikiziga mu ruhafu?

Imvugo y'ubwana ntiba ikiriho ku mabi babona mw'itongo ry'abapfuye rya Rafah.

"Ubwoba" ni ryo jambo rikoreshwa na Rehab Abu Daqqa.

UKUGABISHA: Iyi nkuru irimwo ibintu abasomyi bamwe bamwe bashobora gusanga bihungabanya.

Iryo jambo ni nyakuri. Ariko si ivyo gusa. Abana barabonye imbwa ziriko zirarya ibiziga. Ukuguru kw'umuntu gutembera iruhande y'uruzitiro. Rero, ni vyo, barafise ubwoba. Ariko kandi barumvise iseseme baranumirwa.

Abo bana, bahora bafise inzu, baja kw'ishure, babaho nk'abandi bose mu miryango no mu Kibano, ubu n'impunzi mu kibanza kirangwamwo urupfu.

Rehab Abu Daqqa agira ati: "Muri ico gitondo, imbwa zakuye ikiziga muri imwe mu mva.

"Kuva buhwibiriye gushika mu gaturuturu, ntidutora agatiro kubera imbwa... abana banje baguma banyizingiyeko kubera ubwoba."

Izo mbwa zishika ziri mu mugwi w'izirenga cumi. Ibitungwa vy'abantu bapfuye canke bataye izabo, bivanganye n'imbwa ziyerereza i Rafah, vyose vyacitse ivyo mw'ishamba birondera ivyo bishobora kurya.

Itongo ry'abapfuye ririmwo imva zitimbiwe cane aho abantu bahamba abapfuye mu kurindira kuzobajana iyo bamuka. Mu mva zimwe zimwe, ababo barashizeko amatafari mu kugerageza kubuza imbwa kuzura ibiziga.

Rehab Abu Daqqa arababaye cane. Yipfuka umunwa n'izuru n'igitambara kubera umunuko w'imva, agashimira urwaruka rwaje gusubira guhamba ikiziga imbwa zari zazuye muri ico gitondo.

Agira ati: ''Sinshobora kwemera ko abana banje baba iruhande y'itongo ry'abapfuye. Umuhungu wanje yiga mu mwaka wa kabiri. Uyu musi, ha gukina, yacafye imva hanyuma hagati ashiramwo ikiziga. N'abana ba Palestine? Novuga iki? Biteye isoni, mbere ijambo isoni ntirikwiye kugira ribisigure."

Itongo ry'abapfuye ni kimwe mu bibanza i Gaza cahindutse ubuhungiro ku bantu basamburiwe amazu n'igisirikare ca Israel, kimaze amezi n'amezi kigira ibitero muri Gaza mu kwishura ku bitero vya Hamas vyo kw'itariki 7 mu kwezi kwa cumi ku butaka bwa Israel, bihitana abantu 1.200.

Abantu barenga imiriyoni 1,4 ni bo bagundaniye i Rafah, ni ukuvuga incuro zitanu z'abahaba imbere y'intambara. Inkuru zitangwa n'ishirahamwe ryo muri Norvège rifasha impunzi "Conseil Norvégien pour les Réfugiés", zisigura ko abantu 22.000 ari bo baba ku kirometero kwadarato. Ingwara ziramaze gukwiragira, harimwo ugucibwamwo, ingwa y'igitigu ya hépatite A, mugiga hamwe rero n'inzara izura inzara.

I Rafah, ni ho impunzi z'i Gaza zasanze uruhome rwa nyuma, urubibe bihana na Misiri rwugaye ku bantu benshi bateshejwe izabo, kandi igisirikare ca Israel kiza camaze kuhigarurira.

Bagiye bahunga ingabo za Israel. Rehan Abu Daqqa amaze guhunga gatatu kose, kandi ategerezwa gusubira guhungana umuryango wiwe inyuma y'igitero c'igisirikare ca Israel (FDI) mu karere ka Gaza.

Umushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu yavuze ko igikorwa ca gisirikare c'i Rafah kizokorwa "haba canke hataba" ihagarikwa ry'intambara kugira barandurane n'imizi ama "bataillon" ane ya Hamas avuga ko yinyegeje muri ico gisagara.

Hamas ivuga ishimitse ko ata masezerano yo guhagarika intambara ashoboka mu gihe hatoba ukwiyemeza guhagarika intambara burundu.

Abayoboke ba "extrême droite" bari mu runani ruri ku butegetsi muri Israel baragabishije Netanyahu ku mwumvikano uwo ari wo wose. Umushikiranganji w'ikigega ca reta, Bezalel Smotrich, arongoye umuhari w'abakoroni, yahamagariye "gusenyura burundu" Rafah, avuga ko "igikorwa kitogarukira hagati".

Rik Peeperkorn, umukuru w'ishami rya Onu rijejwe amagara y'abantu kw'isi, OMS muri ako karere, aherutse kuva i Rafah, aribaza: "Impunzi zica zisubira guhungira hehe?"

Agira ati: "Ubu honyene hasanzwe hari ingorane y'aho abantu bituma. Hari ikibazo c'amazi n'isuku, ikibazo c'imfungurwa. N'icago gikomeye ku bantu ubu kigiye kwiyongera...

"Dushobora kwitega ko igitigiri c'abapfa hamwe n'ingwara ciyongera kubera ico gitero ca gisirikare. Abandi bantu benshi bagiye gupfa... hazoba abapfa benshi hamwe n'ingwara z'umurengera".

Peeperkorn yarakoze imyaka indwi mu gihugu ca Afghanistan akorana na ONU kandi si umuntu wopfa gutera ubwoba. Ariko ubu, asa n'umuntu arushe. Uburuhe bw'umugabo yikangura misi yose mu gitondo azi neza ko hari ikibazo kandi ingaruka zaco zisa n'izigenda ziyongera gusumba.

OMS iriko irategura ibindi bitaro bitatu birenga ku vyari bihasanzwe mu gihe hoba abandi bimurwa. Ariko none bizogenda gute ku bantu bashaje n'abaremvye, abagwayi 700 bariko baravurwa amafyigo mu kigo cahoze cakira abantu 50 gusa?

Peeperkorn arongera akagira ati: "Muravye igisata c'amagara y'abantu, carasinzikaye cane, igitero rero kizosigura ko tuzotakaza ibindi bitaro bitatu... tutazosubira guhonyozamwo ikirenge, bishobora kwononekara, bishobora gusamburwa. Turiteguye n'umugambi wihutirwa usa n'uko yoba ari ipansuma."

BBC yarerekanye icemeza c'ingene ibintu vyifashe imbere mu bitaro, yafashe amasanamu umusi ku wundi mu gihe c'intambara.

Mu bitaro vy'abanya Buraya vya Rafah, imiryango iryama mu bibanza vyose ishoboye kubona, haba hanze canke imbere. Itekera indya hamwe. Abana baguma bayerera mu bibanza birimwo umwijima, biryamyemwo abakomeretse bazanywe ku nderuzo.

Mu kibanza bavuriramwo indembe, Yassin al Ghalban w'imyaka 11, ariko ararira aryamye mu gitanda. Yaracitse amaguru, bagegeneye musi y'amavi bivuye ku gitero c'indege.

Mw'itongo ry'abapfuye, Rehab Abu Daqqa ariko araraba abana ingene bakinira iruhande y'imva. Imbwa zagiye ariko abana baracari iruhande ya nyina wabo. Vuba, azokwimuka kandi kuko ntiyihanganira kuba abana biwe boguma muri ico kibanza.

Nta cizere kiri ngaha. Muri Gaza, icizere kigenda gitakara ku muvuduko utandukanye, bivanye n'uko ibintu vyifashe. Gishobora gutakara mw'isegunda imwe hishwe umuntu nkoramutima. Kirashobora kandi kugenda buhoro buhoro, isaha ku yindi, mu gihe uriko urirukanwa mw'ikambi wimukira mu yindi, no mu gihe usigara utakigira ico wishura ibibazo vy'abana bigenda vyiyongera.