Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uwuvuga ko yabonye ivyabereye muri Amgar yavuze ku ruhara rwa Nkunduwimye mu kwica
Urubanza rwa Emmanuel Nkunduwimye batazira Bomboko, yagirizwa ivyaha vya jenoside rwarabandanije ejo ku wa kane ku musi ugira 12 kuva rutanguye.
Muri iyo ntahe, sentare yasozereye kwumviriza ivyabona vyo mu murwi wa mbere vyari bigwiriyemwo abasivye ku wa gatatu.
Uwa mbere yumvirijwe ni Kiganahe Paul w’imyaka 63 aba mu Bubiligi, umwe mu vyabona vyari vyasivye ku wa gatatu hanyuma sentare igatuma igipolisi kubarondera.
Yatanguye asaba imbabazi ko yihenze umunsi wo kurenguka.
Sentare yamubajije nimba azi Emmanuel Nkunduwimye aregwa. Yishuye ko amuzi mu Rwanda mu myaka ya 1980 ariko bibayabaye, ko yanamubonye muri Amgar aho yari yahungiye mu nyuma bagahungana baja muri Congo.
Ku kibazo c’ubwicanyi bwagirizwa Nkunduwimye, yabwiye sentare ko ata vyinshi abiziko, ko atabibonye kuko yari yinyegeje.
Hagati aho, yemeza ko amabariyeri yaciyeko kugira ahungire muri Amgar hari huzuye imivyimba y’abishwe.
Yabwiye sentare kandi ko ata birwanisho yabonanye Nkunduwimye, ko ata n’ivyo yabonye muri Amgar.
Ariko yavuze ko yabonye Nkunduwimye yambaye impuzu za gisirikare n’igihe co guhunga baja muri Congo, akavuga ko yahunganye n’umugore wa Nkunduwimye.
Hakurikiye Rwigema Etienne w’imyaka 65 yaje ava mu Rwanda. Uwo mugabo yavugira kw’ijwi riri hejuru yavuze ko yaba muri segiteri Cyahafi ku metero nkeyi y’ahari Amgar.
Rwigema yemeje ko aho yaba yabona ibibera Amgar nka vyose, kandi ko yashoboye kwibonera ibinogo rusangi vyahambwamwo abantu.
Yabwiye sentare ko yabonye ibiziga vy’abantu bizanywe mu muduga wa Nkunduwimye.
Yemeza ko yamubonye ari kumwe n’izindi Nterahamwe zari zirongowe na Rutaganda George yari icegera ca kabiri c’umukuru wazo, igihe zariko zihabwa ibirwanisho indege ya perezida Habyarimana imaze gukororwa.
Uwagirizwa yari muri sentare aherekejwe n’abamwunganira n’abo mu muryango wiwe baje kwumvirizwa urubanza. Abandi bitavye bari abacikacumu.
Sentare yaciye ifata akaruhuko k’iminsi cumi, ikazosubira kwumviriza urwo rubanza ku wa 6 Rusama (5) 2024 yumviriza ivyabona vya nyuma. Inyuma yaho ruzoja mu mwiherero, bikaba bitegekanijwe ko ruzocibwa mu kwezi kwa gatandatu.