Urupfu rwa Tupac: Duane Davis yagirijwe kugandagura uno muraperi mu 1996

    • Umwanditsi, Na Andre Rhoden-Paul & Jaroslav Lukiv
    • Igikorwa, BBC News
  • Yatangajwe

Igipolisi ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika chagirije uwahoze arongoye akarwi k’inkorabara ko ari we yagandaguye umunyamuziki karuhariwe w’umuraperi, Tupac Shakur, azwi cane nka 2Pac, mu 1996, intambwe ikomeye muri runo rubanza rumaze igihe kirekire kandi rukibabaje abanyagihugu.

Uyu munyamuziki wo mu mudiho wa hip-hop yavukiye i New York yarashwe amasasu ane afise imyaka 25 gusa igihe yari mu modoka i Las Vegas.

Ejo ku wa gatanu, inama y’abacamanza ba Nevada yaragirije Duane "Keffe D" Davis w’imyaka 60 icaha c’ubwicanyi akoresheje ikirwanisho cica.

Igipolisi kivuga ko yateguye ubu bwicanyi inyuma y’aho umwishwa wiwe arwaniye na Shakur mu nzu y’itombora, izwi nka casino.

Davis yahagaritswe hafi yo muhira iwe i Las Vegas ejo ku wa gatanu, akaba yiteze kurengutswa imbere y’ubucamanza mu misi mike iri imbere. Igipolisi ca Las Vegas casohoye isanamu yiwe ndangamuntu.

Greg Kading, umukukuruke mu gipolisi ca Los Angeles akaba yamaze imyaka itari mike akora amatohohoza kw’igandagurwa rya Shakur, yabwiye ikinyamakuru Associated Press ko adatangajwe n’ihagarikwa rya Davis.

"Abandi bose babigizemwo uruhara mu buryo ubu canke buriya bose barapfuye”, niko Kading avuga, akongerako y’uko Davis ari we “muntu wa nyuma akiriho" afise uruhara muri uru rubanza.

Muri sentare, umushikirizamanza Marc DiaGiacomo avuga ko Davis – yahoze arongoye akarwi k’inkorabara kazwi nka South Side Compton Crips – ari we “yari ahagarariye igandagurwa” rya Shakur.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru mu masaha yitereye ya nijoro ku wa gatanu, intwazangabo mu gipolisi Jason Johansson yavuze ko ukudacika intege kw’igipolisi mu matohoza “gutanze umwimbu mwiza”, imbere yo gusigura icabashoboje gushika kuri iyi ntambwe ikomeye.

Avuga ko umuhisi Orlando Anderson, umwishwa w’uyu yagirizwa icaha, hamwe na Shakur barwaniye muri casino imbere y’uko uno mu-raperi araswa, hari ku wa 07 Nyakanga (9) 1996. Yagiye gupfira mu bitaro haciye imisi makeya.

Johansson yeretse abamenyeshamakuru amashusho yerekana Anderson ariko arakubitwa, amashusho atangwa na kamera (camera) y’abajejwe umutekano kw’ihoteri. Avuga ko ibi vyatumye haba ukwihora mu kurasa Shakur igihe yari mu modoka yiwe ahagaze ku matara ya murekarengane mw’ibarabara (feu rouge/red light).

Ino ntwazangabo mu gipolisi yongerako y’uko vyaciye bigaragara ubwo nyene ko iki cari icaha gifitaniye isano n’ubukozi bw’ikibi bukorwa n’uturwi tw’inkorabara, kandi ko urubanza rwihwejwe incuro nyinshi.

Ariko urubanza rwagiye gusubira kuvyurwa mu 2018, igihe habonekeye ayandi makuru mashasha.

Johansson yavuze kandi ko Davis "yiyemereye" imbere y’ibimenyeshamakuru ko yari mu modoka yarasiwemwo ayo masasu.

Muri ico kiganiro n’abamenyeshamakuru, asa n’uwufise ibigumbagumba, umukuru w’igipolisi Sheriff Kevin McMahill yavuze ko "umuryango wa Tupac Shakur umaze imyaka 27 yose urindiriye ubutungane”.

Ati: "Hari abantu benshi batigeze bemera ko igangadurwa rya Tupac Shakur cari ikintu kituraje ishinga muri kino gipolisi. Ndi ng’aha ngo ndababwire: siko bimeze na gato.

"Intego yacu mu gipolisi ca Las Vegas yamye ari ukurengutsa abo bose bagize uruhara mw’igangadurwa bunyamaswa Tupac”.

Shakur, azwi nka 2Pac, yatanguye gusohora urukurikirane rw’indirimbo ziwe mu 1991.

Nka rimwe mu mazina yamenyekanye cane mu mudiho wa hip-hop, urupfu rwiwe rwaravuzweko cane mu binyamakuru.

Yagurishije ama-disque arenga imiriyoni 75 kw’isi yose, aho imiziki yiwe yamenyekanye cane harimwo California Love, All Eyez On Me na Changes.

Yarateye intambwe kandi ikomeye mu mafirime nka Juice, Poetic Justice, Above The Rim, Gridlock'd na Gang Related.

Mu kwa gatandatu kw’uno mwaka, uno mu raperi yahawe agashimwe gahabwa ibihangange bitakiriho na Hollywood, mu kizwi nka Hollywood Walk of Fame.