Ayavugwa mw’igura n’igurishwa ry’abakinyi: Neymar, Messi, Fati, Amrabat, Rashford, Kane

Neymar

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Neymar
Yatangajwe

Ba nyene umurwi wa Newcastle United baripfuza umusatirizi wa Paris St-Germain umunya-Brezili Neymar w’imyaka 31, mu gihe barondera kugura umukinyi w’igihangange mu ci riza. (90min)

Chelsea iri mu mirwi yipfuza kugura umusatirizi wa Argentina Lionel Messi w’imyaka 35, igihe amasezerano afitaniye na PSG azoba arangiye mu ci riza. (Football London)

Wolves ishobora kwemerera Barcelona imiriyoni 30 z’ama-euro igashirako n’umukinyi wayo wo hagati Ruben Neves w’imyaka 26, kugira ngo irabe ko yoronka umukinyi wo hagati wa Espagne Ansu Fati w’imyaka 20. (Relevo – mu ki-espagnol)

Barcelona ubu iriko iraba ko yogura umukinyi wo hagati wa Maroc Sofyan Amrabat w’imyaka 26, asanzwe akinira Fiorentina, ibi bigashobora kwongerereza amahirwe Arsenal yo gushobora kuronka umunya-Espagne akina hagati Martin Zubimendi w’imyaka 24 asanzwe akinira Real Sociedad. (AS - mu ki-espagnol)

Manchester United iriko iratera intambwe mu biganiro n’umusatirizi wayo, umwongereza Marcus Rashford w’imyaka 25 kugira ngo ahabwe amasezerano mashasha, ikaba ifise icizere c’uko ashobora gukorana n’Umwongereza mugenziwe Harry Kane w’imyaka 29, umusatirizi wa Tottenham. (Telegraph)

Arsenal na Aston Villa ziri mu mirwi iriko irakurikiranira hagufi umukinyi wo ku ruhande wa Barcelona umunya-Espagne Ferran Torres w’imyaka 23. (Talksport)

Ferran Torres

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Ferran Torres

Aston Villa iriko irihweza ingene yogura umusatirizi wa Serbia Dusan Vlahovic w’imyaka 23 asanzwe akinira Juventus, hamwe kandi na Torres. (Telegraph)

Uwahoze akinira Espagne na Liverpool Xabi Alonso aravugwa ko ashobora kuja kumenyereza Tottenham ariko uyu mumenyereza wa Bayer Leverkusen avuga ko arajwe ishinga "100%" n’uyu murwi wo mu Budagi. (Mirror)

Umukinyi wo hagati wa Manchester City na Portugal Bernardo Silva w’imyaka 28, hamwe n’Umufaransa akina ku ruhande muri Crystal Palace Michael Olise w’imyaka 21, bari ku rutonde rw’abakinyi baronderwa na Paris St-Germain. (L'Equipe – mu gifaransa)

Brighton irafise icizere co kuzoronka Umwongereza James Milner w’imyaka 37, mu ci riza, igihe amasezerano afitaniye na Liverpool, azoba arangiye, uyu murwi nawo ukaba wongereje inguvu mu rugamba rwo kurondera umunya- Argentina Alexis Mac Allister w’imyaka 24 wo muri aba ba-Seagulls. (Guardian)

Fulham izosaba imiriyoni zirenga 50 z’amapawundi mu ci riza ku murwi uzorondera umukinyi wo hagati wa Portugal Joao Palhinha w’imyaka 27, mu gihe asanzwe aronderwa na Liverpool na Bayern Munich. (Football Insider)

Bernardo Silva

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Bernardo Silva
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Umufaransa Allan Saint-Maximin, umusatirizi wa Newcastle United w’imyaka 26, avugwa ko ashobora gusezera uyu murwi ariko nta mugambi wo kumugurisha, n’aho igiciro kiri hejuru y’imiriyoni 40 z’amapawundi gishobora kuba ikigeragezo. (Telegraph)

Newcastle United yararungitse ba maneko gukurikirana incuro zitari nke umunya-Hongrie akina hagati Dominik Szoboszlai w’imyaka 22, hamwe n’umunya-Mali Amadou Haidara w’imyaka 25 akina hagati, bompi bakaba bakinira RB Leipzig. (Sky Sport Germany)

Mauricio Pochettino, yitezwe kumenyereza Chelsea, azoha Romelu Lukaku akandi karyo ko kwiha ikibanza muri uno murwi igihe uno musatirizi w’Umubirigi w’imyaka 29 azoba atahutse avuye muri Inter Milan yatijijwemwo. (Gazzetta dello Sport – mu gitaliyano)

Harvey Barnes ashobora gukurikira mugenziwe akina hagati, umwongereza James Maddison mu gusezera Leicester City mu ci riza, mu gihe imirwi ya Newcastle, Tottenham na Aston Villa izwi ko iriko irakurikiranira hagufi uyu mukinyi w’imyaka 25. (Mail)

West Ham ifise impungenge zo gutakaza umunya- République Tchèque akina hagati Tomas Soucek w’imyaka 28, mu ci riza, co kimwe na kizigenza wayo akina hagati, umwongereza Declan Rice w’imyaka 24. (Football Insider)

Allan Saint-Maximin

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Allan Saint-Maximin

Reiss Nelson yanse amasezerano ya mbere mashasha yemerewe na Arsenal, mu gihe imirwi itari mike mu Bwongereza no hanze yipfuza kwakira uno Mwongereza w’imyaka 23 akina ku ruhande kandi ataco irinze gutanga. (Fabrizio Romano)

Manchester City iri hafi yo kurangiza integuro y’amasezerano mashasha n’Umwongereza akina inyuma Rico Lewis w’imyaka 18. (90min)

Umukinyi w’inyuma wa Irlande Andrew Omobamidele w’imyaka 20, yateye amero imirwi itari mike y’i Bulaya harimwo AC Milan na Nice, umurwi wiwe Norwich City ukaba umushira ku giciro c’imiriyoni 20 z’amapawundi. (Irish Independent)