Russia igiye kwiyomekako icese utundi turere tune twa Ukraine

Yatangajwe

Umukuru w'Uburusiya Vladmir Putin ku wa gatanu azokora ibirori vyo kwomeka icese ku Burusiya  izindi ntara zine za Ukraine inyuma y’amatora ya kamarampaka yakoresheje akiyamirizwa na Ukraine n’amakungu nk’amanyanga.

Abategetsi bashigikiye Uburusiya muri izo ntara imbere yaho bari bavuze ko ayo matora yamaze iminsi itanu yatumye abanyagihugu hafi bose bashigikira iyo ntumbero.

Ivyo vyitwa amatora yabaye muri Luhansk na Donetsk mu buseruko, hamwe na Zaporizhzhia na  Kherson mu bumanuko.

Umukuru w’Uburusiya azoshikiriza ijambo rikomeye ku biro vyiwe Kremlin.

Aho kuremeshereza ibirori haja hamaze gutegurwa ku kibanza citwa Place Rouge/Red Square ku murwa mukuru Moscou aho ivyapa bivuga ko izo ntara zine zibaye igice c’Uburusiya bija vyamaze kumanikwa, hakaba hategekanijwe kandi igiteramo c’umuziki kuri uwo mugoroba.

Ivyo birori vyibutsa ivy’igihe intara ya Crimea yomekwa ku Burusiya mu 2014, naho nyene bikaba vyakurikiye amatora ya kamarampaka atemewe, n’ico gihe umukuru w’igihugu akaba yari yabanje gushikiriza ijambo igihugu.

Uko kwiyomekako intara ya Crimea n’ubu ntikwigeze kwemerwa n’igice kinini c’amakungu. Ntibiremezwa niba n’ubu prezida Putin azoshikiriza iryo jambo ari ahagaragara  nk’ico gihe.

Umuvugizi w’umukuru w’Uburusiya Dmitry Preskov yavuze ati: “Ejo isaha icenda [yo mu Burusiya, isaha 6 canke sasita  kw’isaha mpuzamakungu ya GMT], mu cumba ca St George mu kirimba ca Grand Kremlin Palace, hazoba ibirori vyo gushira umukono ku ngingo yo kwomeka ku Burusiya intara nshasha”.

Babiri mu bategetsi b’izo ntara bashigikiye ukwiyonkora kuri Ukraine bitezwe kuzoba bahari.

Umukuru w’Uburusiya yitezwe gushikiriza ijambo riri ukwaryo inama nkenguzamateka itariki 4 za Gitugutu (10), iminsi itatu imbere y’isabukuru y’imyaka 70 kuva avutse.

Inama nshingamateka izogira uruhara kandi mu kwemeza uko kwiyomekako izo ntara za Ukraine ahanini kwiyamirijwe n’amakungu.

Nta buryo bwigenga bwabaye bwo gucungera ayo matora kandi hagiye hatangwa amakuru y’uko abajejwe amatora bagenda baraca ku nzu ku nzu baherekejwe n’abasirikare bafise ibigwanisho.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zavuze ko zizofatira ibihano Uburusiya kubera izo kamarampaka z’amanyanga, mu gihe ibihugu vy’ishirahamwe rya Buraya biriko biriga urutonde rugira umunani rw’ingingo zofatirwa Uburusiya, harimwo ibihano ku muntu wese yagize uruhara muri ayo matora.

Umushikiranganji w’Ubudagi ajejwe imigeneranire Annalena Baerbock yavuze ku wa kane ko abantu bo mu turere twa Ukraine twigaruriwe bavanywe mu ngo zabo canke aho bakorera kw’iterabwoba kandi rimwe rimwe bafatiweko inkoho.

Ati: “Ico ni igihushane c’amatora yo mu mwidegemvyo kandi atarenganya. Kandi ico ni igihushane c’amahoro, n’amahoro y’agahato.”

Ayo matora yabaye mu turere tungana na 15% tw’igihugu cose ca Ukraine abanyagihugu babimenyeshejwe ku munota wa nyuma.

Ibinyamakuru vyo mu Burusiya vyavuze ko kwitwaza abasirikare bafise ibigwanisho vyakozwe ku mvo z’umutekano, ariko vyaragaragaye ko vyongereje gushira igitutu ku banyagihugu.

Umugore umwe muri Enerhodar yabwiye BBC ati: “Wishura ku munwa hanyuma abasirikare bakandika inyishu ku rupapuro bagaca barugumya.”

Uburusiya izo ntara zine bugiye kwiyomekako nta n’imwe bugenzura ijana kw’ijana. N’ubwo igice kinini ca Luhansk kiri mu minwe y’Uburusiya, Moscou igenzura 60% ya Donetsk.

Inyuma y’amezi indwi kuva Uburusiya buteye Ukraine buhereye mu buraruko, mu buseruko no mu bumanuko, intambara n’ubu iracabica bigacika ku rwasiro rwayo muri ivyo bice vyose.

Umurwa mukuru w’intara ya Zaporizhzhia uri mu minwe ya reta ya Ukraine, hanyuma igitero co kugaruza uturere kikaba kiriko kiraba muri Kherson.

N’ubwo abategetsi bashizweho n’Uburusiya bagumye basaba ko izo ntara zomekwa ku Burusiya, intambwe za gisirikare Ukraine yateye mu kwezi kw’icenda zitegerezwa kuba zararemereye ubutegetsi bw’Uburusiya.

Ingabo za Ukraine zaragaruje uturere tutari duke mu buraruko bushira ubuseruko, ku wa kane naho zikaba zavuze ko zagose ingabo z’Uburusiya mu gisagara ca Lyman gikomeye ku mikenyuro ya gisirikare muri Donetsk.

Mu ndwi iheze, Vladmir Putin yahamagaje ingabo z’integabizoza aca akangisha ko hazokoreshwa uburyo bwose afise, harimwo n’ibigwanisho vya nucleaire, mu kurwanira ico afata nk’ubutaka bw’Uburusiya.

Aho azoca ashobora kuvuga ko ubutaka bw’Uburusiya butewe n’ibigwanisho vy’iburengarazuba, akaba yizigiye ko ivyo bizotuma hari ibihugu bihagarika imfashanyo ya gisirikare biha Ukraine.

Ariko umushikiranganji wa Ukraine ajejwe imigenderanire yagabishije avuga ko iryo kinamico ry’amatora ataco rizohindura ku rugamba.