Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Nigeria: Abagore bakora akazi ko kurinda umutekano
Agikura, Emem Thomas avuga yuko umubiri wiwe ukomeye utashimwa mu muji wa Uyo, mu bumanuko bwa Nigeria.
Ukwo gusa n’ukunenwa kwaratumye ata icizere ariko umunsi umwe mu 2018, yararonse akaryo ko gushira mu gaciro ico Thomas ubu yita, n’ishema ryinshi, “umubiri wagutse”: Dragon Squad Limited, umugwi w’abagore barinda umutekano uriko urahangana n’icazira.
Akoresha gusa abagore bafise imibiri yihariye, akubaka icibare gitekaniye abagore bakomeye, banini banini, ngo bakore akazi mu bisanzwe kiganjemwo abagabo, kandi mu gihugu aho hafi y’umugore umwe muri batatu, afise imyaka iri hagati ya 15 na 49 yahuye n’ihohoterwa ryo ku mbubiri, nk’uko bivugwa na UNICEF.