Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umwongereza yafashwe mpiri John Harding yabonetse muri videwo muri Ukraine
Umwongereza yerekanywe muri videwo atabaza umushikiranganji wa mbere Boris Johnson ko yomufasha, asa n’uwuri mu minwe y’inyeshamba zishaka kwiyonkora zishigikiwe n’Uburusiya mu karere ka Donesk kitangaje ko ari igihugu cigenga, ni mu buseruko bwa Ukraine.
John Harding ari mu myaka ya 50 akaba aturuka muri Sunderland aboneka ariko arabazwa n’umunyamakuru w’imboneshakure yo mu Burusiya.
Muri iyo videwo, avuga y’uko ashobora gucirirwa urubanza rwo gupfa.
Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’Ubwongereza buvuga ko buhagaritswe umutima n’ipfungwa ryiwe.
Bizwi ko Harding yafashwe mpiri mu kwa gatanu igihe abarwanyi ba Ukraine barwanira muri rwa ruganda rw’ivyuma rwa Azovstal bategekwa kwishikana.
Aba barwanyi bari bamaze igihe bwarwanira igisagara ca Mariupol kiri mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Ukraine.Iyi videwo ivuga ko yari umwe muri abo barwanyi barwanira i Azov.
Harding yabwiye abagenzi ko yari mu ngabo za Ukraine zijejwe gukingira igihugu (Garde Nationale/ National Guard).
Abagenzi n’umuryango wa Harding babwiye BBC ko uwo iyi videwo yerekana ari we nyene, kandi ko umuryango wiwe uriko urafashwa n’ubushikiranganji bw’imigenderanire.
Yatanguye kurwanira mu karere ka Donbas kari mu buseruko bwa Ukraine kuva mu 2018. Yari aherutse kubwira BBC ko yari yagiyeyo kugira akoreshe ubuhinga bwiwe nk’umusirikare w’umuganga, gufasha mu rugamba rwo kurwanya inyeshamba zishigikiwe n’Uburusiya.
Abandi bagabo babiri b’Abongereza, Aiden Aslin na Shaun Pinner, nabo nyene bafatiwe i Mariupol, baramaze gucirirwa urwo gupfa na sentare yegamiye Uburusiya mu citwa Repubulika ya Donesk.
Aba bose hamwe na Harding basa n’abagiriye rimwe muri Ukraine kandi bari bamaze kuba abenegihugu bayo.
Sentare ya Repubulika ya Donesk ntiyemerwa n’amakungu.
Umushikiranganji w’imigenderanire Liz Truss avuga ko ibi bihano vyo gupfa ari “imanza z’amanyanga kandi zitemewe na gato”.
Reta y’Ubwongereza ivuga ko bakwiye gufatwa nk’impfungwa z’intambara hisunzwe amategeko ari mu masezerano ya Genève.
Muri ino ndwi, Paul Urey, umwongereza akora mu gisata c’ubutabazi, yarapfuye ari mu minwe y’inyeshamba zishigikiwe n’Uburusiya mu buseruko bwa Ukraine. Abategetsi ba Donesk bavuga ko yapfiriye mw’ibohero ku wa 10 Mukakaro (7) kubera uburwayi yari afise hamwe “n’akabonge”.
Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire, Commonwealth n’iterambere avuga ati: "Turiko turafasha umuryango w’umwongereza kandi turahagaritswe umutima n’ipfungwa ryiwe.
"Turiyamiriza ugukoresha abapfungwa ku nyungu za poritike kandi turamaze kubibwira Uburusiya. Tubandanya tuvugana na reta ya Ukraine ku bibazo vyabo kandi tubandanya dufasha Ukraine mu twigoro twayo two kurondera ingene borekurwa".