Bishasha Israel – Hamas: ‘Ibitero vy’indege ubu biriko bikorwa ku myobo Hamas yinyegezamwo muri Gaza’

Yatangajwe

Igisirikare ca Israel kivuga ko ibitero vy’indege bibandanya mu Karere ka Gaza bifise intumbero yo gusambura urusobekerane rw’imyobo Hamas imaze imyaka mirongo ibamwo kandi ikoreramwo ibikorwa vyayo.

Mu butumwa bwa videwo bwacishijwe kuri X (yahoze yitwa Twitter), Jonathan Conricus, umuvugizi w'igisirikare ca Israel, agira ati: "Iyumvire Gaza agace kamwe kagizwe n’abasivire akandi kagizwe na Hamas".

Avuga ko inyuma y’imyaka itari mike imaze yubakwa kuva Hamas ifashe ubutegetsi muri Gaza mu 2007, iyi myobo yabaye inzira ya Hamas yo kwunguruza ibikoresho hamwe no gutegura no gukora ibitero kuri Israel.

Ati: "Ico Hamas yakoze kuva ishitse ku butegetsi haraheze imyaka hafi 20 kwabaye ukwubaka urusobekerane rw’imyobo kuva mu gisagara ca Gaza kugenda gushika mu bisagara vya Khan Yunis na Rafah".

Conricus avuga ko abantu bakwiye kubona ko Gaza igizwe n’imice ibiri igerekeranye – umuce umwe w’abasivire hejuru ku butaka hamwe n’umuce wa kabiri mu kuzimu utuwemwo na Hamas.

Ati: "Ico turiko turagerageza gukora ni ugushikira uno muce wa kabiri Hamas yubatse.

"Iyi si imyobo abasivire ba Gaza bemerewe kwinjiramwo iyo Israel iriko iratera”.

Ubunini n’uruhara iyi myobo ifise biragoye gushobora kubona kubera ubwinshi bw’amazu abamwo abantu hejuru yayo, ubu ano mazu akaba asigaye ari umusaka, nk’uko abivuga.

Yongerako ati: "Birarengeye uko abantu bavyibaza. Igisirikare ca Israel kirwanira mu kirere kibandanya gikubita uturere twinshi twa Gaza. Ubu ikiri imbere ni ugukubita intwazangango, abategetsi bakuru ba Hamas ku nzego zose.

"Ikintu ico ari co cose, mu gihe ari ica Hamas, turakubita”.

Umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Israel yiyemeje “gufuta kw’isi iki kintu citwa Hamas”

Umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu yaraye ashinze reta yo mu bihe bidasanzwe nijoro ku wa gatatu kugira ngo ihagararire intambara yo kurwanya umuhari Hamas, aho umushikiranganji wo kwivuna abansi arahira akarengwa ko azofuta burundu uno muhari uherutse gukora igitero cihaye inkumbi muri Israel.

Uyu muhari w’Abanyapalestina ugendera ku vyiyumviro vy’idini rya Islam wakoze giturumbuka igitero kuri Israel ku wa gatandatu uvuye muri Gaza, abantu nibura 1200 bakaba bamaze kumenyekana ko bishwe.

Ishingwa ry’ino reta ryerekana ingene igihugu cahinduwe n’ibi bitero, kuko hari hagize imisi harangwa imishamirano ya poritike, aho ibihumbi n’ibihumbi bari mu myiyerekano yo kwiyamiriza intwaro y’umushikiranganji wa mbere Benjamin Netanyahu. Hagati aho, hampande ya Benjamin Netanyahu, na Yoav Gallant, umushikiranganji wo kwivuna abansi, harimwo kandi n’umukuru w’abatavuga rumwe na reta Benny Gantz, kuri benshi ibi bikaboneka ko igihugu cose kiri hamwe muri uru rugamba.

"Turiko turarwana n’umwansi rubura kigongwe, umugome gusumba ISIS Etat Islamique]", niko umushikiranganji wa mbere Netanyahu yavuze ari kumwe na Gantz hamwe na Gallant, aho bagereranya ibitero vy’uno muhari n’ubwicanyi bw’agahomerabunwa bukorwa n’umuhari wiyitirira Reta ya ki-Islam (Etat Islamique/Islamic State, canke ISIS).

Gallant, umushikiranganji wo kwivuna abansi ati: "Tugiye gufuta kw’isi iki kintu citwa Hamas, ISIS-Gaza. Kizofudika burundu."

Gantz mu kumwunganira avuga ko iyi reta nshasha y’ubutabazi “yunze ubumwe” kandi ko yiteguriye “gufuta kw’isi iki kintu citwa Hamas”.

Nta matara, nta mazi canke igitoro bija muri Gaza gushika abanyurujwe barekuwe - Israel

Umushikiranganji wa Israel ajejwe amasoko ntanganguvu Israel Katz avuga ko igotwa rya Gaza ridashobora guhagarara gushika abanyurujwe na Hamas barekuwe.

Mu butumwa yacishije ku mbuga hwaniro, Katz yavuze ko ata "muyagankuba ushobora kurekurwa, canke ngo amazi yugururwe, canke ngo hagire ikamyo y’igitoro yinjira” gushika igihe “abanyurujwe” bazoba barekuwe.

Israel yahagaritse ibi bintu vyose vyinjira mu Karere ka Gaza inyuma y’ibitero vya Hamas ku wa gatandatu.

Gaza ubu yugarijwe n’ingabo zirwanira ku butaka zirindiriye kwinjira

Umunyamakuru wa BBC Jeremy Bowen yashitse ku rubibe rwa Gaza, aho yiboneye ingene igisirikare ca Israel kiriko kiritegurira urugamba rwo ku butaka rwitezwe muri Gaza.

"Narumiwe kubera ivyo twabonye", niko avuga, afatiye ku gitigiri kinini c’ingabo n’ibirwanisho rutura birundanye kw’irembo rya Gaza.

Bowen avuga ko yiboneye abasirikare "amajana n'amajana, canke mbere ibihumbi" baribwaribwa kubona bataratangura intambara, hamwe “n’igitigiri kinini c’ibimodoka vy’intambara”.

Blinken ashitse muri Israel

Umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire Antony Blinken ahejeje gushika muri Israel.

Muri uru rugendo ruto, Blinken yiteze kubonana n’abategetsi ba Israel hamwe n’umukuru wa Palestina, Mahmoud Abbas.

Ni nkenerwa kwibuka ko Abbas aba muri Cisjordanie/West Bank, kandi ni umukeba wa Hamas muri Gaza yegukira Palestina.