Espagne: Igitero c’umuntu yitwaje umupanga mw’isengero cahitanye umwe

Uwakoze iki gitero ntaravugwa umwidondoro ariko abajejwe amatohoza bafata iki gitero nk’iciterabwoba

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Uwakoze iki gitero ntaravugwa umwidondoro ariko abajejwe amatohoza bafata iki gitero nk’iciterabwoba
Yatangajwe

Na Laura Gozzi

BBC News

Umuntu umwe yishwe uwundi nawe arakomereka mu bitero vyakozwe n’umugabo yitwaje umupanga mu masengero abiri mu bumanuko bwa Espagne.

Nk’uko bivugwa n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati, uyu mugabo yabanje kwinjira mw’isengero San Isidro ry’ahitwa Algeciras atema umupatiri aramukomeretsa cane.

Uyu avugwa ko yakoze iki gitero yaciye aja kw’isengero rigira kabiri aho yatemye umukozi wo mu rusengero akamwica.

Haciye akanya gato, yaciye afatwa yakwa iki kirwanisho.

Itagazo ry’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu rivuga riti: "Inyuma gato y’isaha imwe z’ijoro mu masaha ya hano kuri uno mugoroba, umugabo yinjiye mw’isengero San Isidro i Algeciras, afise umupanga, aho yateye umupatiri aramukomeretsa cane.

"Inyuma y’aho, yaciye yinjira mw’isengero rya Nuestra Senora de La Palma, amaze kwonona ivyo yonona aca atera uwujejwe umutekano mw’isengero”.

Iri tangazo ryongerako y’uko uyu yatewe yashoboye gusohoka ariko aca asubira guterwa arakomeretswa bimwe vyo gupfa”.

"Inyuma y’umwanya, (uyo mwicanyi) yatswe ikirwanisho hanyuma aca arahagarikwa ubu akaba ari mu minwe y’igipolisi”, nk’uko ubu bushikiranganji bubimenyesha.

Abajejwe amatohoza bafata iki gitero nk’iciterabwoba.

Umushikiranganji wa mbere Pedro Sanchez yanditse kuri Twitter ati: "Ndahojeje cane imiryango y’uyu mukozi wo mw’isengero yiciwe muri iki gitero c’agahomerabunwa”.  

Iki gitero ciyamirijwe n’umuryango w’aba-Islam bo muri Algeciras, ukavuga ko ari "igitero c’ubugome".

Algeciras ni ikivuko kirimwo abantu benshi gihuza ikigwa ca Ibérie na Maroc hamwe n’akarere ka Ceuta kari mu buraruko bwa Afrika kegukira Espagne.