Spain: Umugabo ari imbere ya sentare yagirizwa 'kwica nyina wiwe aca aramurya'

Ahavuye isanamu, Spanish Police
Umugabo w'imyaka 28 ari imbere y'ubutungane muri Espagne yagirizwa kwica nyina wiwe, aramukatakata aca aramurya.
Alberto Sánchez Gómez yahagaritswe mu 2019 n'abaporisi bishikiye mu nzu y'uyu mupfasoni nyina wiwe w'imyaka 66, inyuma y'aho umugenzi wiwe yituriye igipolisi akababwira ko afise amakenga.
Abaporisi bavuga ko binjiye bagasanga ibihimba vy'umubiri w'uyu mupfasoni bisanzagaye hose mu nzu - bimwe bitekeye mu mifuko ya plastiki.
Uyu yagirizwa yabwiye sentare ko atibuka nimba koko yarishe akanarya nyina wiwe.
Avugwa ko yoba yari afise ibibazo vyo mu mutwe, akaba yaranywa n'ibiyayuramutwe imbere y'uko ahagarikwa.
Ibinyamakuru vya Espagne bivuga ko uyo mugabo yari azwi mu giporisi kubera ihohotera yakorera nyina wiwe, María Soledad Gómez, kandi ko yarenze ku mategeko yo kuguma mu rugo igihe afatwa.
Sentare yarabwiwe ivy'iryo bara igiporisi casanze muhira iwe mu buseruko bwa Madrid mu kwa kabiri 2019.
Bimwe mu bihimba vyariko bitunganywa kugira ngo abiteke, ibindi navyo bibitswe mu masashe, nk'uko bivugwa n'ikinyamakuru, El Mundo co muri ico gihugu.
Uyu yagirizwa - ico gihe akaba yari afise imyaka 26 - avugwa ko yari yemeye ko yanize nyina wiwe, akavuga ko yariye bimwe mu bihimba vyiwe ibindi akabiha imbwa.
Gushika ubu urubanza ruracabandanya.










