US-abimukira: Miliyoni 55 bafise visa bagiye gusuzumwa umwanya ku wundi

    • Umwanditsi, Danai Nesta Kupemba
    • Igikorwa, BBC News
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 3

Amerika iriko irasuzuma ibitabo vy'inzira vy'abantu barenga miliyoni 55 bahawe visa n'ico gihugu kugira ngo bamenye nimba batarenze amategeko yo kwinjira canke kuguma muri ico gihugu.

Abantu bafise viza za Amerika bazokwama basuzumwa buri gihe "ubudasiba", nk'uko umwe mu bavugizi ba leta yabwiye ikinyamakuru Associated Press.

Mu gihe habonetse ibimenyetso ko umuntu yarengeje igihe arekuriwe, canke akora ibikorwa vy'ubugizi bwa nabi, afise uruhara mu bikorwa vy'iterabwoba vy'ubwoko bwose no guhungabanya umutekano, canke atanga infashanyo ku muhari w'iterabwoba", azoca yakwa visa, nk'uko umwe mu bategetsi yavuze.

Perezida Donald Trump yafashe kurwanya abimukira nk'ibuye ry'imfuruka ry'ubutegetsi bwiwe bw'ikiringo ca kabiri, kuva ku kwirukana abantu ku bwinshi bari bamaze gushika ku butaka bwa Amerika, no guhagarika gutanga visa ku bihugu, gushika kukwima visa abanyeshure bagera ku 6.000.

Nka kimwe muri vyinshi bizokwifashishwa mu gusuzuma abanyeshure n'abandi bose bashaka kugendera Leta zunze Ubumwe za Amerika, imbuga hwaniro zabo zizosuzumwa mu nzira yo kwihweza nimba hari aho boba barakoresheje amajambo arimwo ibimenyetso vy'urwanko ku banyagihugu, umuco, ubutegetsi canke inzego ndetse n'amahame igihugu ca Leta zunze Ubumwe za Amerika kigenderako.

Abakozi bo mu nzego za leta nabo nyene bahawe amabwiriza yo kugendereza no kumenya aboba baburanira, bafasha canke bavugira, eka abashigikira mu buryo butandukanye abanyamahanga bose bafasha canke bafise uruhara mu bikorwa vy'iterabwoba n'ibindi bibangamira umutekano w'igihugu, canke bakwiza ubugizi bwa nabi n'urwanko rwo gutoteza abo bafase ivyo badahurizako, akarorero nk'abagaragaza urwanko rw'Abayahudi.

Matthew Tragesser, umuvugizi w'ikigo gishinzwe ivyo ubwenegihugu n'abimukira muri Amerika, yavuze mw'itangazo ryiwe ati: "Ivyiza vya Amerika ntibikwiye guhabwa abasuzugura igihugu kandi bashira imbere ivyiyumviro birwanya iki gihugu."

Yongeyeko ko igisata c'abimukira ciyemeje "gushira mu ngiro amategeko" "akuraho ivyiyumviro birwanya 'Ubunyamerika'.

Iryo tangazo rya nyuma ryasohotse inyuma y'aho umushikiranganji w' imigenderanire Marco Rubio avugiye ko Amerika izohagarika "ubwo nyene" gutanga viza z'abakozi ku bashoferi b'ibikamyo.

Rubio yanditse kuri X ku wa kane ati: "Ukwiyongera kw'abashoferi b'abanyamahanga bakoresha amakamyo manini manini mu mabarabara ya U.S, biriko birabangamira ubuzima bw'Abanyamerika, kandi bibangamira n'imibereho y'abashoferi b'ibikamyo b'Abanyamerika."

Kuva Trump ashika ku butegetsi muri Nzero (1), abanyeshure benshi b'abanyamahanga barafashwe mu bigo vya kaminuza vyo muri Amerika, kubera bari mu myiyerekano yo kwanka ingene intambara yariko irabera mu karere ka Gaza na Israel yariko iragenda - Israel ikaba ishigikiwe na Amerika.

Harashize amayinga make, Leta Zunze Ubumwe za Amerika zatangaje ko abanyagihugu bava muri Malawi na Zambiya bazosabwa kwishura amadolari 15.000 kugira ngo bashobore kuronka viza y'ingenzi canke y'ubudandaji.

Trump kandi yabujije abanyamahanga bo mu bihugu 12 kuja muri Amerika, yongera ashiraho amategeko akaze yerekeye inzira zo kuronswa visa ku bindi indwi.

Muri Rusama (5), ubutegetsi bwa Trump bwaremerewe gukuraho uburenganzira bwo kuguma mu gihugu ku bimukira barenga 500.000 baba muri Amerika. Yarahiye mbere ko azohagarika uburenganzira ku bwenegihugu busanzwe buhabwa abana bavukiye muri ico gihugu, mu gihe abavyeyi babo bataba bafise ubwo bwenegihugu.