Ayavugwa mu mupira w'amaguru: Balotelli yimirije gusubira gukina mu Butariyano

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mario Balotelli ubu ata na hamwe akina yimirije gusubira mw'ihiganwa ryo mu Butariyano [Serie A], West Ham ishobora kugura umukinyi wa Chelsea Ben Chilwell mu kwezi kwa mbere, na yo Bayern Munich ishaka kugirana ayandi masezerano na Jamal Musiala.
Uwahoze akinira umugwi nserukiragihugu w'Ubutariayno, Mario Balotelli, 34, yegereje kuja mu mugwi Genoa. (Sky Italy)
West Ham ishobora kugura umukinyi w'umwongereza akina inyuma ku ruhande rw'i bubamfu, Ben Chilwell wo muri Chelsea mu kwezi kwa mbere. (Inside Track podcast, via Team talk)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Guha amasezerano mashasha umukinyi w'umudagi w'imyaka 21 akina hagati, Jamal Musiala, ubu ayo afise azorangirana na 2026, ni co gikorwa nyamukuru ku mugwi wa Bayern Munich. (Bild - in German)
Crystal Palace igiye gusubira mu biganiro na Newcastle United ku mukinyi w'inyuma w'Ubwongereza Marc Guehi, 24, kugira imugure mu kwezi kwa mbere. (Football Insider)
Barcelone irizeye kwongereza amasezerano ifitaniye n'umukinyi wo ku ruhande w'umunya Brezil Raphinha. Amasezerano uwo musore w'imyaka 27 afise ubu azorangira mu 2027. (Diario Sport - in Spanish)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Hagati aho, ibiganiro ku masezerano mashasha hagati ya Barcelone n'umukinyi w'umunya Espagne wo hagati Pedri, 21, biriko biragenda neza.(Fabrizio Romano)
Borussia Dortmund ubu nta mugambi ifise yo gusubiriza umumenyereza Nuri Şahin n'aho uwo mugwi ubu uri mu kibanza c'indwi mw'ihiganwa ryo mu Budagi [Bundesliga] inyuma y'aho itsindiwe ku musi wa gatandatu na Augsburg.(Sky Germany)
Juventus yiteguye kuganira kandi na Udinese ku mukinyi w'imbere w'Ubutariayno w'imyaka 24, Lorenzo Lucca. (Rudy Galetti)
Barcelone iripfuza kugura umunyegori wa Porto w'imyaka 25, umunye Portugal Diego Costa, aronderwa kandi na Manchester City, ariko igiciro ciwe gihanitse ca miriyoni 45 z'ama Euro, kiriko kiratuma amasezerano agorana. (Sport - in Spanish)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukinyi w'imbere wa Ghana, Antoine Semenyo, yari yongereje amasezerano mu ci, ariko kubera imigwi nka Newcastle na Tottenham iguma imurondera bishobora gutuma Bournemouth imuha ayandi masezerano kugira agume muri uwo mugwi. (Football Insider)










