Ayavugwa mu mupira w’amaguru: Ten Hag, Osimhen, Nunez, Antony, Olise, Raya, Potter

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umumenyereza wa Manchester United Erik ten Hag ari ku rutonde rw’abashobora kuza gusubirira Thomas Tuchel ariko arasezera muri Bayern Munich. (Christian Falk)
Bayern Munich amaze kuvugana n’abahagarariye umunya-Espagne Julen Lopetegui, ariko uno na we amaze kwinjira mu biganiro vyo gusubirira David Moyes nk’umumenyereza wa West Ham. (Sky Sport Germany)
Chelsea imaze kugiriranira ibiganiro vy’intangamarara n’umusatirizi wa Napoli Umunya-Nigeria Victor Osimhen w’imyaka 25, kandi igashobora kugerekako umusatirizi w’Ububirigi Romelu Lukaku w’imyaka 30, hamwe n’uwundi mukinyi mu gihe uno murwi wo mu Bwongereza woramuka ufashe ingingo yo kumurondera. (Gianluca DiMarzio)
Umusatirizi wa Liverpool Darwin Nunez w’imyaka 24 ava muri Uruguay araronderwa na Barcelona mu ci riza kugira ngo asubirire umusatirizi wayo Robert Lewandowski w’imyaka 35 ava muri Pologne. (Sun)
Manchester United irarindiriye umurwi woza urondera umukinyi wayo wo ku ruhande, umunya-Brezili Antony w’imyaka 24 mu kurondera ikibanza c’Umufaransa yavukiye mu Bwongereza Michael Olise w’imyaka 22 akina hagati muri Crystal Palace. (Rudy Galetti)
Arsenal yamaze kwumvikana mu majambo na Brentford mu ntumbero yo kurondera ko yoshika ku masezerano yo kugumya burundu umusatirizi wa Espagne David Raya w’imyaka 28 mu ci riza ku miriyoni 27 z’amapawundi. (Fabrizio Romano)
Liverpool ifise icizere ko icegera c’umumenyereza Pep Lijnders yiteze kuva muri uno murwi ari kumwe n’umumenyereza wayo, Jurgen Klopp, amaherezo azosubira i Anfield muri kazoza. (Mirror)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Manchester United iripfuza gukoresha umukinyi w’inyuma wayo, Umwongereza Harry Maguire w’imyaka 31, nk’icambo mu kugerageza guhendahenda Everton ko yoyiha umukinyi w’inyuma wayo, Umwongereza Jarrad Branthwaite w’imyaka 21 mu ci riza. (Star)
Umumenyereza wa Palmeiras Abel Ferreira aripfuza ko umukuru wayo Leila Pereira yozibira igurishwa ry’umukinyi wayo wo ku ruhande, umunya-Brezili Estevao Willian w’imyaka 17 muri Chelsea, uno murwi w’Ubwongereza ukaba umaze kwemera ko womugura imiriyoni 55 z’ama-euro. (Goal)
Graham Potter yahoze ari umumenyereza wa Chelsea ari mu barondera kuja kumenyereza umurwi Ajax umaze gutsindira ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere iwabo incuro zine inyuma y’aho ukuriye akarenge mu rugamba rwo kurondera ko umumenyereza wa Manchester United Ten Hag yosubira muri uwo murwi wo mu Buholande. (De Telegraaf)
Potter ari kandi ku rutonde rw’abashobora gusubirira Arne Slot nk’umumenyereza wa Feyenoord, Slot akaba yiteze kuja gusubirira Jurgen Klopp muri Liverpool. (Times)
Getafe yatanguye ibiganiro n’umurwi Manchester United mu ntumbero yo kurondera ko wosubira ukayitiza umusatirizi Mason Greenwood, Umwongereza w’imyaka 22. (The Athletic)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umusatirizi wa Juventus Umunya-Serbia Dusan Vlahovic w’imyaka 24 arateye amero Arsenal mu gihe umumenyereza Mikel Arteta ariko ararondera gutsimbataza uruhande rw’abasatirizi. (Tuttosport – mu gitaliyano)
Umukinyi w’inyuma Umwongereza Jarell Quansah w’imyaka 21, ari mu kuronka ayandi masezerano y’igihe kirekire inyuma yo kuvyifatamwo neza muri uno mwaka w’inkino muri Liverpool. (Mirror)
Inter Milan iriteguye guhangana na Manchester United be na Arsenal mu rugamba rwo kurondera umusatirizi wa Bologna, Umunya-Hollande Joshua Zirkzee w’imyaka 22. (90 min)










