Irani igabisha ko izokora igitero ruhasha ari nka hamwe Israel yokwihora

Yatangajwe

Irani ishimangira ubutumwa bwo kugabisha igihugu ca Israel kuri uno wa Mungu, aho ivuga ko kitohirahira ngo cihore kuri iki gitero cayo kitari bwigere kibaho ku butaka bwa Israel, ikavuga ko ari nka hamwe Israel yohirahira, intambwe zikurikira zoba zikomeye.

Umukuru w’igisirikare ca Irani Jenerali-Majoro Mohammad Bagheri, yabwiye imboneshakure y’iki gihugu ko ari nka hamwe Israel yokwihora, inyishu ya Irani yoba “ikomeye cane” gusumba ibitero vyo mw’ijoro ryakeye, nk’uko vyandikwa n’itororokanirizo ry’amakuru Reuters.

Irani igabisha kandi Reta Zunze Ubumwe za Amerika ko gushigikira Israel mu gihe yorondera kwihora vyotuma ibigo vya Amerika navyo biterwa.

Imbere y’aha, ubuserukizi bwa Irani muri ONU bwamenyesheje ko ari uburenganzira bwayo bwo kwivuna nk’uko biri mu ngingo ya 51 y’iri shirahamwe, kandi ko iki gihugu gifata ko “iyi nshingano…yarangiye”, inyuma y’igitero cayo kuri Israel, ariko kandi bukagabisha ko Israel itohirahira ngo ikore “irindi kosa”.

Ku ruhande rwayo, Israel ibandanya yiga ico yokora mu gihe incuti zayo ziyisaba kwifata.

Amerika 'ntizokwinjira mu gitero kuri Irani', niko CNN ivuga

Abahinga babona ko iki gitero kitari bwigere kibaho - aho Irani itera ubutaka bwa Israel – kizotuma Israel nayo yihora.

Hagati aho, nk’uko bivugwa n’imboneshakure CNN yo muri Amerika isubiramwo umutegetsi, Perezida Joe Biden yamaze kubwira umushikiranganii wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu ko Amerika itazokwinjira mu gitero na kimwe kizokorwa kuri Irani.

Hagati aho, umutegetsi wa Israel yabwiye ikinyamakuru New York Times ko igitero ico ari co cose Israel yokora “izogikorana n’incuti zayo”.

Ni mu gihe Perezida Biden avuga ko Amerika yafashije Israel gusambura hafi amadrone 300 n’ibisasu vya misire vyarashwe na Irani.

Ku ruhande rwiwe, umushikiranganji wa mbere wa Israel mw‘ijambo ryiwe rya mbere ashikirije inyuma y’iki gitero co mw’ijoro ryakeye, yijeje abanyagihugu ko igihugu ciwe “kizotsinda”.

Ati: “Twazitiye. Turazibira. Turi kumwe twese tuzotsinda”.

Ni gute Israel ishobora kwihora kuri iki gitero ca Irani?

Ibintu bishobora kubandanya biba bibi. Israel irarahira ikarengwa ko itegerezwa “kwihora bikomeye” kuri iki gitero ca misire ca Irani co mw’ijoro ryakeye.

Ariko none bishobora kugenda gute? Igisirikare ca Israel hamwe na reta yayo y’intambara bibandanya bivugana kuri iki kibazo.

Ikintu gishoboka cane ni uko Israel ishobora gukubita ibigo vya Irani vyarasiweko ibi bisasu vya misire.

Ariko Israel ishobora no gufata ingingo yo gushika kure igatera ibigo bikomakomeye vya gisirikare vya Irani be n’ibigo vy’inyigisho za gisirikare vy’ishami ry’igisirikare ca Irani, Revolutionary Guards Corps, mu gihugu cose, aho abantu botikira n’ibintu bikahononekarira.

Bigenze uku, nta nkeka ko Irani nayo yotegerezwa kwishura, nk’uko yamaze kubitangaza.

Aha rero dushobora kuba twimirije kubona ibintu biyangaye.

Ibihugu vyo mu Buseruko bwo hagati umutima nturi hamwe mu gihe birindiriye kubona ubukana bw’igitero ca Israel co kwihora, nk’uko yavyiyemeje.

Ni mu gihe nubwo ikibuga c’indege c’i Beirut muri Libani casubiye gukora kuva mu gitondo, umuhari Hezbollah wo muri iki gihugu ugabisha ko iki gitero ca Irani gishobora gutuma ibintu biba nabi mu gihugu.

Imbere y’aha, hari abaguma bibaza nimba Hezbollah yari kwifatanya na Irani mu gitero cayo co kwihora Israel, ariko siko vyagenze. Ibi vyatuma haba ubwoba ko Israel yari guca yitwaza iki gitero mu gucucagira ibibombe mu bumanuko bwa Libani n’ahandi.

Israel na Hezbollah bimaze amezi ashika atandatu biterana ibisasu kuri buri ruhande rw’umupaka mu bumanuko bwa Libani n’uburaruko bwa Israel.

Inyuma y’iki gitero ca Irani, buri muntu muri Libani ararikanuye kugira ngo barabe ingene Israel yishura.