Crimea: Ivyishimo n'ubwoba muri Ukraine inyuma y'iturika ry'ikiraro

Umugabo n'umugore bariko barifotozanya ku gicapo c'ico kiraro casenyutse i Crimee, i Kyiv muri Ukraine

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Umugabo n'umugore bariko barifotozanya ku gicapo c'ico kiraro casenyutse i Crimee, i Kyiv muri Ukraine
Yatangajwe

Ukraine iri mu munezero kubera ivyo vyabaye kuri ico kiraro.

Amavideo y'ico kiraro co muri Crimee cononekaye yarakwiragiye nk'umuriro wa Nyakanga ku mbuga hwaniro; ubu bikaba bigereranywa nk'iyibira ry'ubwato bw'intambara bw'Uburusiya bwa Moskva mu kwezi kwa kane.

Umushikiranganji wa Ukraine ajejwe kwivuna abansi yanditse ku rubuga rwa Twitter ati:"Ubwato butera misile Moskva n'ikiraro ca Kertch - ibimenyetso bibiri vy'ubuhangange bw'Uburusiya mu ntara ya Crimee muri Ukraine - vyasenyutse."

Yabandanije agira ati"N'uwuhe murongo ukurikira, Russkies?

Impirimbanyi zo ku mbuga ngurukanabumenyi zo muri Ukraine, mu kamwemwe kenshi ziriko zirashirakwiragiza ibishushanyo vyo kwigina ivyo vyabaye.

Hanyuma banke igira kabiri mu bunini muri Ukraine, Monobank, ivuga ko yasohoye ikarata nshasha yo kubikuza amahera iriko ico kiraro cakorotse.

Oleksii Danilov, umunyamabanga w'akanama kajejwe umutekano muri Ukraine, si we wenyene yabonye ko ico gitero cabaye inyuma y'umus umwe gusa Vladimir Putin ashikanye imyaka 70, aho yashize kuri tweetter video y'ico kiraro cononekaye iruhande y'indirimbo ya Marilyn Monroe yipfuriza isabukuru nziza prezida.

Umunezero uragaragara.

Inyuma y'indwi zitari nke z'inkuru nziza ziva ku rubuga rw'intambara, aho ingabo za Ukraine zibandanya kwisubiza uturere twari twigaruriwe n'Uburusiya mu kwezi kwa kabiri n'ukwa gatatu, kubona ico kiraro kitariko kirakora kiriko kiranasha vyongereza icizere.

Ivyo vyashitse gute? Hari ibivugwa vyinshi - igikorwa c'ingabo zidasanzwe za Ukraine muri Crimee, igitero ca misile canke ikibombe c'umwiyahuzi.

Uwahoze ari umuhinga ku bintu biturika mu gisirikare c'Ubwongereza yagize ati:"N'igikorwa c'ubwononyi cinyegeje."

Ati:"Bishobora kuba ari igitero giteguwe neza co musi y'ico kiraro."

Abategetsi ba Ukraine nta vyinshi babivugako, mu kamwemwe ko gutuma haba amadidane nk'ayakurikiye igitero cakozwe ku kibuga c'indege c'Uburusiya muri Crimee mu kwezi kw'umunani.

Ariko ibitero ku kibuga ca Saky no kuri ico kiraro bifise intumbero imwe: Kubuza Uburusiya gukoresha Crimee mu gutera ubumanuko bwa Ukraine.